Ruyigi : Gerenade zitatu zatowe mu gitiba c’inzuki

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 janvier 2018 saa 09:09
Yasomwe :
0 0

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekana amenyesha ko gerenade zitatu zatowe ku mutumba Gishubi, zone Muriza ,komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi, kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Nzero 2018.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko izo gerenade zo mu bwoko bwa Offensive zamuka mu gihugu c’Ubushinwa, zatowe na NDUWARUGIRA Daniel, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umutaga, mu gitiba c’inzuki c’umuntu azwi kw’izina rya Isaac NIYONKURU, mu gitara cegukira ishengero Methodiste Libre.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko NIYONKURU Isaac yari amaze igihe agiye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, ku mvo ziwe, n’ubu zitaramenyekana.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko igiporisi kimaze kuronka ayo makuru, caciye kija gutora izo gerenade, ubu zikaba zibitswe, nayo amatohoza akaba yamaze gutangura.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha