Ruyigi : Imifuko 63 y’umwavu w’ikizungu yafashwe igomba yinjizwe muri Tanzaniya

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 octobre 2017 saa 12:08
10185
0 0

Imifuko 63 y’umwavu w’ikizungu wo mu bwoko bwa DAP yarafashwe n’igiporisi kiri kumwe n’abajejwe umutekano kuri uno w’Imana igenekerezo rya 29 Gitugutu 2017,ku mutumba Itaba wa zone Ndemeka ,komine Gisuru intara ya Ruyigi.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi n’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo mifuko yafashwe igomba yinjijwe mu gihugu ca Tanzaniya n’abantu indwi hakoreshejwe amakinga yabo indwi.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko abo bantu indwi bafashwe n’ayo makinga yabo,ubu amatohoza akaba yamaze gutangura.

Umuvugizi w’igiporisi akavuga ko ico gikorwa cakozwe mu ntumbero yo kurwanya urudandazwa rwa magendu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha