IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Umugabo yagirizwa kunyuruza amafaranga ya komine ari mu minwe (...)

Ruyigi : Umugabo yagirizwa kunyuruza amafaranga ya komine ari mu minwe y’igiporisi

lundi 12 février 2018

Uwo mugabo azwi kw’izina rya MINANI Isaac yaba ku mutumba Gakonko, Zone Mugege, komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE , amenyesha ko MINANI Isaac yagirizwa kunyuruza amafaranga angana n’umuriyoni n’ibihumbi mirongo umunani na bitandatu vy’amarundi (1.086.000Fbu) yatanzwe nk’amatagisi ya komine.

Ayo makuru amenyesha ko vyamenyekanye igihe bariko barasuzuma bagasanga amafaranga ari ku bitasi, ntahuye n’amafaranga yashize mu kigega co kuzignya no kuguranana COOPEC.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko MINANI Isaac ubu ari mu gasho k’igiporisi muri komine Butaganzwa, kandi amatohoza yamaze gutangura.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.