Ruyigi: Umugabo yishe umugore wiwe wa mbere amuziza uwa kabiri

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 Myandagaro 2017 saa 03:48
Yasomwe : 14742
0 0

Umugore azwi kw’izina rya Immelde yishwe n’umugabo wiwe azwi kw’izina rya BARENGAYABO Leonidas mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Myandagaro 2017, ku mutumba Bartye, zone Muriza, komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi.

Amakuru ava mu babanyi b’uwo mugore yishwe amenyesha ko Immelde yishwe nk’igihe c’isaha zibiri z’igitondo n’umugabo wiwe yitwa BARENGAYABO Leonidas amuhora uwundi mugore agira kabiri yagendera.

JPEG - 125.9 ko
Leonidas BARENGAYABO ahejeje kwica umugore wiwe

Ayo makuru nyene amenyesha ko uwo mugabo BARENGAYABO Leonidas yari yaramenyesheje ko azokwica umugore wiwe, ari navyo yashize mu ngiro mu gatondo ko kuri uno wa mbere.

Amakuru dukesha ababa hafi y’ahaba uwo mugore avuga ko inyuma yo kwica umugore wiwe, Leonidas BARENGAYABO nawe yakubiswe cane n’abanyagihugu, arakomereka cane.

BARENGAYABO Leonidas yahavuye atwarwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Ruyigi na komiseri w’igiporisi mu ntara ya Ruyigi ari kumwe n’umushikirizamanza mukuru w’iyo ntara.


Kumenyekanisha

1
Hakizimana 31-08-2017 à 13:16

ico Yokorwa Yohamwa Hisunzwe Amategeko

2
RUKUNDO 21-08-2017 à 21:05

UWOMUGORE USANGA YARIMUBATWARE KUGIRA AMUFUNGISHE ABAGORE BARAHAWE UBWIGEGE BWOGUKORA IKIBI UMUVUGISHIJE WEWE WORONKA UMUGORE ATARIJEME NDINZE MESHI NONE IYINGINGO YAPEREZIDA YASHINZE NTISHOBOKA KUBERA ABAGORE BARATERANA ISHAVU VYIZA BASUBIRDMWO IBIBINTU UMUNTU ARONGORE BABIRI KUKO UMUGORE UMWE ARATERA INGORANE MURIVYOSE MUNZU

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha