IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Umunyagihugu yaburana n’imiryango 900 yatewe hapfa umuntu (...)

Ruyigi : Umunyagihugu yaburana n’imiryango 900 yatewe hapfa umuntu umwe

vendredi 8 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Urwo rugo rwatewe n’abantu bitwaje imipanga bataramenyekana ni urwa Samuel NTIRAMPEBA, umunyagihugu wo mu ntara ya Ruyigi yaburana n’imiryango amajana icenda, kw’itongo avuga ko ari iryiwe, akaba mbere yaheruka gutsinda mu rubanza RC n°1/1988.

Muri ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, uwo Samuel NTIRAMPEBA yaratemaguwe, ubu akaba ari indembe. Muri ico gitero nyene cabaye ku rugo rw’uwo mugabo, uwitwa IRANKUNDA Claudette yarishwe n’imipanga yakubiswe, uwitwa ITANGAKUBUNTU Céléstin nawe aranyuruzwa.

Abantu batatu nibo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Samuel NTIRAMPEBA yaheruka gutsinda mu rubanza rw’itongo, yaburana n’abanyagihugu barenga 1800. Sentare nkuru y’intara ya Ruyigi yari yasavye abo banyagihugu barenga 1800 bo ku mutumba Muyange, Zone Mubira, Komine Butezi, y’intara ya Ruyigi ko bokwitegurira kuva mw’itongo ry’uwo Samuel NTIRAMPEBA, nabo bakavuga ko badashobora kuhava kuko ari iwabo, ariho basekuru n’abavyeyi babo bavukiye.

Inyuma y’aho uwo munyagihugu atsindiye, umunsi wa mbere w’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017 waranzwe n’imyiyerekano imbere y’ibiro vya Komine Butezi, aho abanyagihugu biyamiriza ingingo ya sentare nkuru y’intara ya Ruyigi ibakura muri iryo tongo.

Samuel NTIRAMPEBA yavuga ko iryo tongo ari iryiwe kuva kw’igenekerezo rya 14 ukwezi kwa kabiri 1988.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Jewe mbona uwo samwel ntirampeba bamuhoye itongo ryiwe yatsindiye .Ariko birababaje. Umwans’agucira icobo imana ikagucira icanzo .

  • "Samuel NTIRAMPEBA yaheruka gutsinda mu rubanza rw’itongo rya metero kwadarato icenda,"

    Metero kwadarato icenda=9m2. Imetero zitatu kuri zitatu.
    Ko umenga ni hato cane?

  • Urworubanza rwiryo tongo rurahegetse, abaruciye ntibari mukuri nagatoya! ikibazo nokwibaza nabandi bakacibaza, mbega abobantu bashika 1800 barigiyemwo nawe arihehe?
    cabiri; ivyo bisazwe bizwiko hariho abanyaga abantu bishimikije kuba bafise amahera mashi yogutanga kwigiturire.
    Uwomugabo samwel Ntirampeba, abobacamanza baramudandaje cane.
    Ntabantu bangana igihumbi na majana umunani wo kwangaza nguzobeho kwisi!, umuntumwe wenyene haricomupfa arakubiza icuya akaruhuka akumanuye murizone gataka.
    Nkunze gutanga akarorero; Jewe napapa wiwanje twari dufise itongo imakamba yatuvyariyemwo turabana batanu bidatevye mama yaritavye Imana papa aca arongora uwundi. icenda nidwi nahungiye hanze yu burundi, ngarutse nashitse ngura irindi tongo ninaryo naciye nubakamwo inzu muyindikomine.
    Haheze imisi niho nagenda ngiyekuraba ahonahorambakera, nasanze mukadata yarafashe akarimbi kose yararanduye hose yateranije, ndamubajije inyishu zabayembi zokunyereka kwaruwundi, abashingantahe baratwumvirije ivyo bamubarira vyose yabereka yuko yabangaye.
    Vyabonetseko bampa umusi wokugaruka banyandikire, nugunguruze urubanza imbere, naratashe mumuryango wanje, haheze imisi mikeya naronse uwunyibiribanga yuko yateguye abantu bazontegera bakandasa amasoro, namahera yaratazwe nabayariye bose narabamenye.
    Nagerageje kuyaga nabagenzi banje bose kugira nanje ndamwitegurire bikwiye kuko nuburyo ntabwo yansuvya, bose bahuriza kuririmwe ati muhebere kwi Imana ya guhezagiye ikakuvuvurira dukeya dushobora kukubeshaho, umwegusa niwe yampaye impanuro itandukanye nizabandi, nihisemwo gufata impanuro yabeshi.
    Nariyumviriye kunyica biroroshe kuriwe, ndibaza abana banje uburyo bazobaho ntakiriho, kwiga kwabanabanje kuzobaguhagaze, ivyo narondeye bizotangura gusanzara, abana banje babe bamayibobo.
    Nahisemwo nanje kumuca, mumuryango, ibizomugora vyose ntazigere antabaza, umwana yavyawe na papa niyaza nzomwakira sizomuhora icaha canyina.
    Ariko we koyarinze yiyumvira kunyica nasizeho urubibe hagati yanje nawe.
    kandi ndibaza hazogera ahoyicuza yibaze koyiyumviriye ibitarivyiza, naje ndasharamye mubibondovyanje, umwenawe atanga atarya, ampezagira ijoro numutaga,
    Amatongo nurupfu gwigendera munzira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.