Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruyigi : Umutamakazi w’imyaka 70 yatowe ikiziga mu nzu yabamwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Umutamakazi w’imyaka 70 yatowe ikiziga mu nzu yabamwo

Ruyigi : Umutamakazi w’imyaka 70 yatowe ikiziga mu nzu yabamwo

lundi 14 Myandagaro 2017

Uwo mutamakazi yari azwi kw’izina rya Bucumi Anésie yatowe mu nzu yabamwo yanizwe kandi amanitse ku mugozi,kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 13 Myandagaro 2017, ku mubiri afise ibimenyetso vyerekana ko yakubiswe kandi yahohotewe imbere yuko amanikwa.

Inyuma y’umwihwezo wakozwe n’inyamiramabi, yaciye atanga uburenganzira bw’uko ahambwa .

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE abicishije ku buhinga bwa none yavuze ko abantu babiri aribo Misago Thimoté na Nyarusage Gédéon bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza, kandi ko imvyo y’ubwo bwicanyi yoba ishingiye ku ndyane z’amatongo.

Aho mu ntara ya Ruyigi nyene, muri komine Gisuru,impene 12 kuri 16 zari zibwe n’umurundi azwi kw’izina rya Pierre mu gihugu ca Tanzaniya, zarasubijwe nyene zo azwi kw’izina rya Mamvuma aba mu gace ka Katanga mu gihugu ca Tanzaniya.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko izo mpene zashikirijwe mwene zo , hari abajejwe intwaro muri komine Gisuru.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.