Ryansoro : Umutama w’imyaka 75 yatowe ikiziga mu nzu yiwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Nyakanga 2017 saa 10:05
Yasomwe : 6741
0 0

Umutama azwi kw’izina rya NIRAGIRA Ponsiyano w’imyaka 75 y’amavuka yatowe ikiziga kuri uwu wa gatatu mu nzu yahora yibanamwo wenyene ku musozi Kampezi, komine Ryansoro, intara ya Gitega. Mu giporisi bavuga ko uwo mutama yiyahuye akoresheje umugozi.

Uwo mutama yari asanzwe yarapfakaye yiyahuye mu gihe atahuza n’abana biwe kuvyo yari yabasavye vy’uko yozana uwundi mugore, bikavugwa ko yoba yiyahuye kubera ishavu kubera abo bana biwe bari baramwankiye ko yozana uwo mugore.

Uwo mutama ashingurwa kuri uwu wa kane.


Kumenyekanisha

1
Nsengiyumva Remy 28-09-2017 à 21:49

Nabobana biwe ntandero bafise nantoya,sowawe ntaburengazira nabumwe ubufise bwokumubuza kwakora icumutima wiwe wifuje!, ariko urashobora kumubuza kwagurisha itongo nyumuryango,
Ariko kumubuza kwanezereza umubiri wiwe never.
Ndagaye nyakwigendera, kuko umuti wikibazo sukwiyahura, none koyiyahuye umugore yagomba ya muronse? ahimbambewe ahubwo yi teyibibazo bisumba nivyo yarafise kuko agiye kubazwa icaha cokwiyaka ubuzima.
Nkaboneraho gukebura abantu babashingantahe , ntamugabo murugo nubwo yoba ageze muzabukuru ategerezwa kwihesha agaciro murugo, ntategekwe nabana,
mbeko bamubuza ngontarongore nabonyene ntibakirongora barahevye?
erega burya ntawubuzuwundi icatahevye, mubabegereye murabambariza kwa bagore babo babirukanye batakirikumwe iyo mihimbiri.

2
KABURA JOSEPH 28-09-2017 à 16:56

ARAKARWANINKWI NAMBA ARAKAROGE ICO GUSA ABATAMA BAKURA NTIBABONE KO BAKUZE

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha