Ubugenduzi bukuru bw’igiporisi bwahinduye abarongoye ibirindiro ku mbibe z’Uburundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 mai 2018 saa 09:58
64155
0 0

Ubugenduzi bukuru bw’igiporisi c’Uburundi, bwahinduye abakuru b’ibirindiro ku mbibe. Uko ari icenda bagizwe n’abagabo indwi n’abakenyezi babiri.

Izo ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi zashizwe ku mbibe za , Kabarore, Gatumba, Buganda,Mugina, Rumonge, Kagwema, Mabayi, Gitaza, Gasenyi-Nemba.

OPP1 NIYONZIMA Venant,yashizwe i Kabarore, OPC1 NDAYIKENGURUKIYE Evangeline,yashizwe mu Gatumba, OPC2 MANARIYO Jean Claude,yashizwe i Buganda, OPC1 KWIZERA Salathiel, yashizwe i Mugina.

Abandi bagenywe ni OPC2 KABURA Eugénie, yashizwe mu Rumonge, OPP1 NTIKURAKO Egide,yashizwe mu Kagwema, OPC1 NDEREYIMANA Elie, yashizwe i Mabayi, OPP2 NYANDWI André,yashizwe mu gitaza, hamwe na OPC2 NIMIRIJE Bonaventure, yashizwe mu Gasenyi-Nemba.

Umugenduzi mukuru w’igiporisi Andre NDAYAMBAJE yashize umukono kuri iyo ngingo, asaba umuyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe gucunga imbibe n’ikirere gushira mu ngiro iyo ngingo.


Kumenyekanisha

1
Dumbuli 17-05-2018 à 20:01

Yemwe yemwe ! umutekano urakenewe rwose. naguyemu gahundwe ndavye amagana y’abanyagihugu bagandaguwe i Buganda ni akamaramaza ku Barundi no kubangera umutekano, yemwe bizoshina he ?.

2
Sinzinkayo Philbert 17-05-2018 à 08:56

Umutekanourakenewe Kumipaka

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha