Uburusiya : Umugezi wa Dalydkan wahindutse utukura nk’amaraso

Yanditswe na IGIHE
Kuya 13 septembre 2016 saa 05:16
Yasomwe : 61218
0 0

Norilsk Nickel, ishirahamwe rwa mbere kw’isi rihingura ibikoresho bikozwe mu butare bwa nickel, ryemeye ko ryagize uruhara mu gutuma umugezi wa Dalydkan, mu Burusiya, uhinduka uratukura nk’amaraso, mu mpera z’indwi iheze.
Ubuyobozi bwa Norilsk Nickel bwavuze ko ukwo guhinduka kw’uwo mugezi ugatukura cane nk’amaraso, vyaturutse ku mvura ikomeye yaguye kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga 2016, ituma umwe mu mihora y’amazi yo kw’ishami ry’iryo hinguriro riri i Nadezhda wuzura, amwe mu mazi atembera mu (...)

Norilsk Nickel, ishirahamwe rwa mbere kw’isi rihingura ibikoresho bikozwe mu butare bwa nickel, ryemeye ko ryagize uruhara mu gutuma umugezi wa Dalydkan, mu Burusiya, uhinduka uratukura nk’amaraso, mu mpera z’indwi iheze.

Ubuyobozi bwa Norilsk Nickel bwavuze ko ukwo guhinduka kw’uwo mugezi ugatukura cane nk’amaraso, vyaturutse ku mvura ikomeye yaguye kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga 2016, ituma umwe mu mihora y’amazi yo kw’ishami ry’iryo hinguriro riri i Nadezhda wuzura, amwe mu mazi atembera mu mugezi wa Daldykan.

Ubwo buyobozi bubandanya kuvuga ko ata mpungenge zari zikwiriye kubaho kuko ata ngaruka ukwo guhindura ibara nk’amaraso kw’uwo mugezi vyagize ku buzima bw’abantu, ndetse n’inyamaswa.

Alexei Kiselyov, umukozi wo mu kigo kibungabunga ibidukikije mu Burusiya, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rw’Abafaranda, AFP, ko hakiri kare kugira hemezwe ko ata ngaruka ukwo guhinduka kw’uwo mugezi bizogira ku buzima bw’abantu canke inyamaswa.

Igihe amasanamu y’uwo mugezi yatangura gukwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe ibidukikije yamenyesheje ko ukwo guhinduka nk’amaraso bishobora kuba vyatewe n’imyanda yaciye muri umwe mu mihora isohora amazi yakoze avuye muri iryo hinguriro.


Kumenyekanisha

1
NDABIRORERE MARTIN MUBURUNDI 28-03-2017 à 19:09

None Ubu Ntangaruka Azotera Kubene Gihugu Baho Hantu Mbe ? Ubu Barayakoresha ? Nukuraba Ukuntu Bozibira Uwo Mugende

2
MAJI MAJI 8-03-2017 à 21:53

NONE UWO MUGEZI WARI WAHINDUWE NIKI ?

3
KWIZERIMANA Fidèle 28-10-2016 à 15:05

Norilsk Nickel numuyobozi waryo numuvugizi kobatubwira kw impamvu zoguhinduka kugoruzi vyavuye kuru wo muhora mbe mumyaka iryoshirahamwe rimaze imihora yose yasohora amazi bakoresha ntahoyoba yagera ahoyinzira muzindi nzuzi nibayinzirayo kwatari bwahinduke nk amaraso reka tubirekere IMANA niyizi vyose umwana wimana YESU KRISTO yigishize neza mw’ijambo ryiwe ngo :(kuraba bazoraba ariko ntibazoruha babona kumva bazokumva ariko ntibatahure kuwamatwi yabo aribihurugutwi ).nigehe cavuzwe nabahanuzi ibitangaza ibimenyetso impuha zintambara nibindi ubusamanyi nabwo buruta ubwigihe c’isodomu n igomora.

4
Kariba 28-09-2016 à 22:01

Nahowoba Ufisubuhinga Nkubwarusuferi Ntiwnshobora Guhindura Amazi Amaraso

5
SALVATOR 20-09-2016 à 20:30

JE.ICONIYUMVIRA.KURUGORUZI.GWACIKAMARASO.NIGIHECI.HEREZOKIGEZE.TWOKOMEZAGUSENGA.KUBASENGANIBISANZWE.NIBASENGE.

6
SHIMIRIMANA 18-09-2016 à 10:01

BIZAUKO NGONI HIGURIRO NIGIHECI HEREZO HARI AHADI VYARIBWABE ?

7
twagirayesu ereneste 17-09-2016 à 07:27

ibinibihe,vyiherezobyashitse ntakintukwisi cohindura amazi amaraso !

8
Niyonkuru Gilbert 15-09-2016 à 04:11

Twashavuj Imana kera arik ubu itwerek ibigaragay nah twir abahinga ihindagurika ry’ibihe rivurwa muma bibiriya iri busigaye bwira ku murango imvura ikiyankira kurwa. Ahubwo dusab Mutima Mweranda aducire inzira ishik ku Mana.

9
WGTZ 14-09-2016 à 17:29

NONE NTIVYOROSHE GUTAHURA KUKO IMANA NUBU IRACAGARAGAZA UBUTWARI BWAYO KWERI NUBUSHOBOZI BWIMANA KUKO NTAMUNTU YOBISHORA GUHINDURA URUZI GWOSE RUGAHINDUKA.

10
goreth 14-09-2016 à 12:03

baratybeshe kabisa...huuu ubucafu nibwo beotuma umugeni uhinduka amaraso
dukizweeee.Yesu genda kugaruka.

11
Nonebazovamubiganiroryari ?Kobagumamubiganiro 14-09-2016 à 03:49

Riyazimana Eric

12
CLAUDE BIGIRIMANA 13-09-2016 à 19:08

twiyeze twitunganye kuko isigiye guhera ivyonibimetse vyuhoraho

13
CLAUDE BIGIRIMANA 13-09-2016 à 19:07

twiyeze twitunganye kuko isigiye guhera ivyonibimetse vyuhoraho

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha