Ubushikiranganji bw’umutekano bwihaye amanota 90 kw’ijana ku vyaranguwe muri 2017

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 27 décembre 2017 saa 03:59
24435
0 0

Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyeshako ubukozi bw’ikibi bwagabanutse muruyu mwaka wa 2017 ugereranije n’umwaka uheze wa 2016 kuko ubwicanyi bwavuye ku 401 buja ku 277,ibikorwa vy’iterabwoba navyo biva ku 134 buja kuri 11 , ibigwanisho vyafashwe navyo biva kuri 161 bimanuka kuri 42.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 27 Kigarama 2017 ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017,umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko umwaka wa 2017 waranzwe n’umutekano ukwiye mu gihugu cose c’Uburundi, naho hari ubukozi bw’ikibi bumwe bumwe bwibonekeje.

Umushikiranganji w’umutekano Alin Guillaume BUNYONI yavuze ati : “Bumwe mu bukozi bw’ikibi bwibonekeje mur’uno mwaka n’ubujanye no gutera ibisasu ntezwantoki,ubwicanyi bufatiye kwihorihori no gupfa ibintu,amatati afatiye ku ndyane z’amatongo n’ayandi matungo,kugerageza kugandagura abantu,kwiyahura,amasanganya yo mw’ibarabara,kudandaza abantu ,gukora no gukoresha ivyiganano,guturira imiriro ya nyakanga.”

Mu masakwa angana 12675 yakozwe mu mwaka wa 2017,umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI ashikiriza ko hafashwe inkoho 132,amabombe ya marotiye 60,ibisasu ntezwantoki 392.

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017,n’amaritiro 698650,5 y’inzoga zitemewe n’amategeko yasheshwe,uturwi 245 tw’inkozi z’ikibi twasambuwe,inkozi z’ikibi 8024 zafashwe ,ibiro 18351,5 vy’urumogi n’udutu 16589 vyafashwe hamwe n’ibiti 1575 vyavyo vyaranduwe.

Ku bijanye no gukingira ibidukikije ,ubushikirangabnji bw’umutekano buvugako bwateye imivyaro y’ibiti ingana 42083 .

JPEG - 37.1 ko
Alain Guillaume BUNYONI,Umushikiranganji w’umutekano

Umushikiranganji w’umutekano yavuze kandi ko ubwo bushikiranganji bwubatse ibitaro bikuru vy’igiporisi vyatumye abantu bashika 340 mu bavyituye bavurirwa mur’ivyo bitaro.

Naho hari vyinshi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji bw’umutekano,umushikiranganji abujejwe yashikirije bimwe mu ngorane bahuye nazo ari ibijanye no kubura uburyo bukwiye hamwe n’ibura ry’ibikoresho canke vyabashikira bitevye .

Ubwo bushikiranganji buvuga kandi ko naho bahuye n’izo ngorane, ihangiro bwari bwihaye yashitsweko ku bice birenga 90 kw’ijana.


Kumenyekanisha

1
buja 28-12-2017 à 13:53

hhhhhhhhhhhhhhhh ibaze kweli ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha