Advertisement
Kumenyekanisha
Ubwongereza : Abashingamateka basavye ko urumogi rukoreshwa nk’umuti
Yanditswe taliki ya 16-09-2016 - isaha 11:00' na IGIHE

Umugwi w’abashingamateka bo mu Bwongereza wasavye ko abantu borekurirwa gukoresha urumogi ku mpamvu yo kwivuza.

Uwo mugwi urimwo abashingamateka bava mu migambwe itandukanye, basaba ko hoba ibihidurwa mu gukoresha imiti, wavuze ko hari ibimenyetso vyerekana ko urumogi ruvura zimwe mu ngwara, harimwo ububabare burenze urugero hamwe no kwamana umutima uhagaze.

Abo bashingamateka bavuga ko abantu ibihumbi n’ibihumbi ubu barenga ku mategeko mu gukoresha urumogi nk’umuti. Ariko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko gushika ubu ata migambi yo kurekura abantu ngo bakoreshe uwo muti. Ico catsi c’urumogi gifise ubumara bwababa 60.

Abo bashingamateka bashaka ko rero yokura urumogi ku rutonde rwa mbere ruje ku nimero zine. Kuri urwo rugero harimwo iyindi miti nka vitamine canke iyindi igabanya ububabare. BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko ivyo vyotuma umuganga ashobora kwandikira umugwayi umuti w’urumogi.

Ikigo kijejwe amagara y’abantu kiragabisha ko urumogi rwonona vyinshi mu mubiri, harimwo kugabanya ubushobozi bw’umuntu bwo kugendesha imodoka, kwonona mu mutwe, kugabanya ubushobozi bwo kuvyara hamwe n’amagara y’abana bataravuka.

Ibice 9% vy’abamenyereye urumogi ntibashobora kuryama bataruronse, ivyo bice si bike n’aho biri musi y’ivy’itabi (32%) hamwe n’inzoga (15%).

Abo bashingamateka bavuga ko bacihweza ubuhamya bwatanzwe n’abagwayi 623, hamwe no kuganira n’abahinga bo mu bihugu vyinshi kw’isi bakaba bamaze kubona ko urumogi rushobora gukoreshwa nk’umuti.

Ikoreshwa ry’urumogi nk’umuti birarekuwe mu ntara 24 muri Amerika, co kimwe no muri Israel na Canada. Hari n’ibindi bihugu 11 bimaze kwemerera abanyagihugu bavyo gukoresha urumogi mu kwivuza.

Ivyiyumviro vyanyu

Mbega abantubafise icubaiiro kw isi cukuyobora noguserukira abandi nibijuju kugeriyo hose aho mperereye harabagabo bane 1simon,2egide,3rasita,4kagabo barara barakoma induru kubera urumogi hama ngonumuti niba arinkorerezi zubusazi.

28.10.2016 à 19:19
Fidèle KWIZERIMANA

abo bashingamateka bagomba ko urwaruka rusara.ico kiyayuramutwe kizotuma abantu biyahura mumwanya wokubagabaniriza stress.

19.09.2016 à 23:55
onesphore nsabimana

Umuti Kumuntu Agwaye Nisawa.Ariko Umuti Ufata Ukomeye Urica.

19.09.2016 à 06:56
Nizigiye Uwuhoraho

Mubisanzwe Ko Murivyo Bihugu Hoho Basanzwe Bamenyereye Ico Kiyayura Mutwe, Nibwira Kwataco Boba Mugihe Bagumye Bagkoresha. Ega Bo Baranafise Ubuhinga Nuburyo Bwokuvura Ibi Débules Ruba Rurembeje. Twebwe Mu Burundi Iryo Tegeko Ntirikaze Vrema Kuko Turumva Ingaruka Mbi Zago Na Cane Kubakiri Bato Burundi Bwubu Nubwejo !

18.09.2016 à 05:26
Cishahayo Dieudonné

Oya Nukuri Kubwanje Ntaciza Kiri Murumogi Aho Bavuga Ngo Rugabanya Ivyiyumviro Nivyo Cane Mugabo Muruwo Mwanya Ubuwabaye Nkikijuju Ubwonko Bubabusa Nubwahagaze Butariko Burako None Wumva Arirwiza

17.09.2016 à 13:49
Mahanga Cl

Urumogi nirubicane gos, nkakarorer jw ahomperereye mu burundi urumogi turarurwanya cane, uwurunwa atuma yononekara mu mutwe(agakora ibitaroranye).igisabwa rero, n,uko ivyobihugu(ubwongereza,..) bishirimber urumogi ngo n,umuti nkuwundi vyoreka kumenyereza abanya gihugu b,aho, iyomvugo mbi y,urumogi. si non rurabamara sindababesha.

16.09.2016 à 18:48
Prosper cinyeretse

Urumogi nirubicane gos, nkakarorer jw ahomperereye mu burundi urumogi turarurwanya cane, uwurunwa atuma yononekara mu mutwe(agakora ibitaroranye).igisabwa rero, n,uko ivyobihugu(ubufaransa,..) bishirimber urumogi ngo n,umuti nkuwundi vyoreka kumenyereza abanya gihugu b,aho, iyomvugo mbi y,urumogi. si non rurabamara sindababesha.

16.09.2016 à 18:45
Prosper cinyeretse

Vrement Nisawa Boba Batongereje Uburyo Byo Gufata Imiti Neza

16.09.2016 à 15:02
Djuma

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.