Umugore yafashwe yataye umwana mu kazu ka surwumwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 février 2018 saa 09:41
Yasomwe :
0 0

Umugore azwi kw’izina rya Aline asanzwe aba ku mutumba Mugoboka, zone Mungwa, Komine n’intara ya Gitega, yibarutse umwana aca amuta mu kazu ka surwumwe.

Amakuru dukesha ababanyi b’uwo mugore,bo ku mutumba wa Mweya amenyesha ko bamubonye yibungenze haraheze iminsi, hanyuma aribaruka, ariko icabatangaje n’uko bagiye babona imbayi atayo agifise kandi ata mwana babona afise.

Ayo makuru nyene amenyesha ko bamaze kwikeka ko yoba yarataye umwana mu kazu ka surwumwe, bahavuye bamufata baramubaza, kuva ku munsi wa gatanu abazwa yahavuye yemera kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018,ko uwo mwana yamutaye mu kazi ka surwumwe, ari naho baca bamukurayo.

Amakuru ava aho ku mutumba wa Mweya amenyesha ko uwo mugore azwi kw’izina rya Aline ,yari asanzwe afise abana batatu, bose boba badasangiye umuvyeyi, ubu ariko abazwa abavyeyi babo bana.

Abajejwe intwaro ku mutumba Mugoboka,baremeza ayo makuru, bakamenyesha ko kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma yashikanwe mu minwe y’abajejwe umutekano, kugira ace ashikirizwa ubutungane.


Kumenyekanisha

1
Edward, Nduwimana. 6-02-2018 à 16:31

Kuvyu Burundi Abantunkabo,bica abanababo muburyonkubwo, nabo,bakwiyekwicwa.

2
kankindi 6-02-2018 à 10:10

nikivume nibamwice

3
Bosco 5-02-2018 à 20:59

Naw Nafungw Imyaka Centar Imucir

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha