Accueil > Amakuru > umutekano > Umuhuza MKAPA yasabiye ikigongwe abagirizwa ugushaka gutembagaza (...)
Umuhuza MKAPA yasabiye ikigongwe abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi
lundi 10 Ndamukiza 2017, par
Reta y’Uburundi iremeza ko yaronse urwandiko rw’umuhuza Benjamin William MKAPA, urwandiko rusaba umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko yogirira ikigongwe (Immunité) abantu bagirizwa ko bagerageje gutembagaza ubutegetsi bwiwe kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Umushingamateka Pascal NYABENDA, asanzwe ariwe mukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yamenyesheje kuri uwu wa gatandatu, mu gihe yari mu bikorwa rusangi mu ntara ya Bubanza, ko Reta y’Uburundi yaronse urwo rwandiko, ariko Uburundi butazokwigera butanga ikigongwe kuri abo bantu bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.
- Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, yabivugiye mu bikorwa rusangi yakoreye mu ntara ya Bubanza
Pascal NYABENDA yasavye ahubwo ko ibihugu vyabahaye ubuhungiro vyobashikiriza ubutungane bw’Uburundi, kugira imanza zabo zitangure kuburanishwa.
IGIHE
Messages
10 Ndamukiza 2017, 10:20, par kubwayo
nibahanwe,vyakarorero
10 Ndamukiza 2017, 10:40, par Wakera
Nyabenda ubwo butungane abukurahe!!! Nubwo muri commune Mpanda? Nabanze asabe bukubite intahe imbonerakure. O kuva muzinda, ntoki, kirengane, Bugume, kwa Kamana, kwa Samandari, Ruce, Kibuye, Nyomvyi, Nyarurambi, Masha, Muyebe, Butembe, Ntabarwa, Mivyiru, Ruvyimvya, Masare, Ruziba, Musigati, Ntamba, Nkangaza, Ngara , Ciya, Kabuyebweru, Bumba, Bukinga nahandi nahandi! Izo muri Gihanga zo zaraganguye!!! Zizopfa zangara
10 Ndamukiza 2017, 12:12, par Fred k.
Uwakoze icyaha wese ahanwe hakurikijwe amategeko . Ibyo bizatuma nta muntu wongera gukora ibyaha bihitana inzorakatengane kuko niba umuntu afungwa agakatirwa imyaka azira ko yibye igitoki yaragiye kurya kandi koko bigaragara ko yarashonje , nigite uwamaze abantu binzirakarengane bamwihorera? Nikibazo nanaboneyeho gushimira leta y’u Rwanda ihana umuntu uwariwe wese wagaragaweho n’cyaha. Amahoro kuba Nyarwanda mwese n’abarundi mwese
10 Ndamukiza 2017, 12:13, par Fred k.
Uwakoze icyaha wese ahanwe hakurikijwe amategeko . Ibyo bizatuma nta muntu wongera gukora ibyaha bihitana inzorakatengane kuko niba umuntu afungwa agakatirwa imyaka azira ko yibye igitoki yaragiye kurya kandi koko bigaragara ko yarashonje , nigite uwamaze abantu binzirakarengane bamwihorera? Nikibazo nanaboneyeho gushimira leta y’u Rwanda ihana umuntu uwariwe wese wagaragaweho n’cyaha. Amahoro kuba Nyarwanda mwese n’abarundi mwese
10 Ndamukiza 2017, 13:07, par Niyonkuru claude
Nonese uwo muntu wakoze ibyo numu ki
10 Ndamukiza 2017, 13:29, par BURUNDI BWIZA
Mu Burundi hari Ministère de l’INJUSTICE et non de la Justice.
Muri make: Nta butungane buhari mu Burundi kiretse cette bande de corrompus! Abaryamanza et non abacamanza!
10 Ndamukiza 2017, 14:52, par Kambale
Ivy’ikigongwe vyamaho,erega na Peter Nkurunziza yari yakatiwe kunyongwa munyuma ahabwa ikigongwe na President Buyoya,ntagitangaje kirimo rero
10 Ndamukiza 2017, 14:52, par Kambale
Ivy’ikigongwe vyamaho,erega na Peter Nkurunziza yari yakatiwe kunyongwa munyuma ahabwa ikigongwe na President Buyoya,ntagitangaje kirimo rero
10 Ndamukiza 2017, 15:03, par Kirehe
Njye mbona rwose nimba batarikubarenganya abarikwagurizwa guhirika ubutegetsi bahanwa bagashikirizwa ubucyamaza noneho ubucyamanza bukabaribwo buzahitamo kubagirira imbabazi cyanke bagahanwa, kuko njye ndabonarwose ibibintu byogutereranya guverinoma yuburundi bishobora kuzacya bijya nomubindibihugu noneho bigatangira gusakuza ngo nomu Burundi vyarabaye ngwibintu nkibyongibyo ngononeho ababikoze barababarirwa.
Ndababwizukuri abagerageje guhirika ubutegetsi nibahanwe hisunzwe amategeko mpuzamahanga cyanke bayafute maze bahirigwe imbabazi.
10 Ndamukiza 2017, 16:19, par Dambe Mutama
Mwari Mukwiy Kwibuk Yesu Ico Yavuz K’umusaraba Asanga Mwoba Mumwizera.
10 Ndamukiza 2017, 16:40, par Nsengiyumva
Ntavyikigongw Ahubwo Nibahanw Biboneka Ubu Baheza Kwicabantu Babony Imigambi Yabo Yans Yihonyabwoko Ngo Ikigongw?Ntibikunda.
10 Ndamukiza 2017, 17:00, par kamaro
oya ibi nakamaramaza ntahovyakabaye ahubwo nibabafate bashikirizwe ubutungane nkuko bigirwa nomubindi bihungu aka nagaasuzuguro, uyu muhuza arikwaratamba abarundi kumuvyimba aribagiyeko hatakariye abantu nibintu? mbehoho nibobamutumye? ubutungane butegerezwa gukora kuburyo nabandi bazokwifuza gukora nkabiriya bantinya, ababuze abantu nibitu barataka basabubutungane kubatunganiriza hama umuhuza ngo ikigongwe!! niyihe ishusho yukuntu abahabuyeri ibintu nabantu basubiriye kubabona bajanda janda kumabarabara yabujumbura atacobinona bocababiyahurirako hamanabo basabirwa ikigongwe, ivyo abarundi turavyiyamirije
10 Ndamukiza 2017, 19:16, par Nema
Nibahanwe Babikora Babona
10 Ndamukiza 2017, 19:22, par wawaaa
Isiyubu sinkiyakera ubu isigaye inganana karitiye chanke ikigwati yagayagutsebaribazingoninkakera ntagihomurutaroooo ichigwa ichigwaa .
10 Ndamukiza 2017, 19:24, par wawaaa
Isiyubu sinkiyakera ubu isigaye inganana karitiye chanke ikigwati yagayagutsebaribazingoninkakera ntagihomurutaroooo ichigwa ichigwaa .
10 Ndamukiza 2017, 19:49, par humura
mbega.uwomutama.mukapa.kwasabirikigongwe.abobakozamaraso.nonemukapantiyabonye/ivyabaye.murwanda.
11 Ndamukiza 2017, 06:33, par Burundibwacu
Iyi ngegera ngo ni WAKERA
irushwa ubwenge n’ingurube.
11 Ndamukiza 2017, 19:47, par Turaje
Wakera aranze abaye ingunzu. Ibyiyumviro byiwe ninkibyimpene.
11 Ndamukiza 2017, 21:27, par CISSOK@
Hakubasabira umunyororo abasbira ikigongw!ipu mama!nibabazan nabenegihugu tubone izontovyi ha duhez tubahinyanyur ntibazob bagisubira.
12 Ndamukiza 2017, 21:44, par MISAGO MICHEL
MWIHANIZE MUKAPA NTAGUME AKORA ABARUNDI MUNKOVU CANKE ARI MUBABATUMYE GWIKIGOGWE NIBA ATAKIMENYA ICO AVUGA AGEZAHO EEE KOKO NUKO AMEZE