Accueil > Amakuru > umutekano > Umukuru wa Karitiye Nyabagere apfungiwe mw’igendereza
Umukuru wa Karitiye Nyabagere apfungiwe mw’igendereza
lundi 19 Kigarama 2016, par
Uwo yatawe muri yompi yaheruka guhunguka, akaba azwi kw’izina rya Célestin NAHIMANA, batazira "Badera".
Niwe mukuru wa karitiye Nyabagere iri muri zone Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura. Mu muryango wiwe bamenyesha ko yari yahunze abantu baguma bamutera ubwoba ko bazomugandagura.

Abajejwe umutekano babanje gusaka ku rugo iwe, mu nyuma aca ajanwa gupfungirwa mw’igendereza i Bujumbura.
IGIHE
Messages
19 Kigarama 2016, 10:54, par Rugira
mmmmmh! amen!
19 Kigarama 2016, 11:21, par Daniela
Emwe,yapfuma,yigumira,mubuhungiro!Yavuye,kurusenge,akorokera,muziko.Ivyisi,namayobera,kweri.
19 Kigarama 2016, 19:17, par Nene Nelson joe
Niyihane ntakundi
20 Kigarama 2016, 09:21, par Ntakirutimana Joel
Nonega yagarutse aziyuko abarondera kumwica batakiriho ?bacumugani mukirundi ngo impongo isubiye kurwubuko ibapfuyeee, nawe niko vyamugendeye. Ubonye Imana yaraguciriye inzira ukarusimba ukaronka ahuba urikinze, rindiria ahonyene, rwinyuma nihabi, abahabonye kare bihangane umwansi aracarikurugi. Natwe tukiri ngaha muburundi tukanure mugabo mukucengacengana numwasi wuburundi ariwe nkurunziza nakagwikiwe kugeza umusi Imana izokwishura tukiruhutsa ati shiiiiii. Niharambe abarundi nububundi, nihatembagare itwaro yigitugu ya Nkurunziza.
29 Kigarama 2016, 21:40, par Mariyamungu Sylvere
Mwotubwira? Ngo bamwagiriz iki?