IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umumenyeshamakuru wa Radio Maria yafashwe hamwe n’abandi bantu (...)

Umumenyeshamakuru wa Radio Maria yafashwe hamwe n’abandi bantu 9

lundi 3 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi yafashwe ari kumwe n’abandi bantu icenda. Bose bafatiwe kuri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, kw’ibarabara ry’icenda nomero 59, ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana.

Ababanyi b’aho abo bantu bafatiwe bamenyesha ko bafashwe mu gihe bari mu nama y’ibikorwa vyo kw’isengero ryabo. Babonye umwe mu bajejwe intwaro, ari kumwe n’abasirikare hamwe n’abaporisi, binjira mu nzu barimwo, baca bajanwa bose gupfungirwa muri zone Kamenge. Mu gatondo ko kuri uwu wa wa mbere bakaba bungururijwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

JPEG - 25.3 ko
Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi, ari mu bafashwe

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru y’ifatwa ry’abo bantu, bakamenyesha ko bagirizwa ko bariko bakora inama iteye amakenga kandi itemewe n’amategeko, yoba yari igamije gufungabanya umutekano w’igihugu.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bantu bariko bategura kwegeranya ibifungurwa bihabwa abagizi ba nabi.

Muri abo bafashwe, harimwo Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi, nawe nyene yari muri iyo nama y’ibikorwa vyo kw’isengero.


IGIHE

Messages

  • Abanditse iyinkuru haraho bihenze bavugango Pierre Nkurikiye ngonumuvuhizi bigisirikare!
    False or true?

  • Je narahevye kumviriza ivyo Nkurikiye na Baratuza bavuga kuko mu kanwa kabo hasobokanwo ibinyoma gusa,jewe ndabagereranya nabo bicanyi baba bariko barapfuka pfuka ibibi baba bakozwe,Baratuza weer kuva bamwirukanye muri ONU asigaye abivugana inzigo ahubwo irya commission iramuherako nawe n’umwicanyi ruhebwa ntakiri umusirikare ahubwo n’imbonerakure

  • Jewe numva mwarimukwiye kureka kugumamuvuga ngumunenyeshamakuru wa radio Mariya kuko ntiyafashwe arikukazi kiyo radio kandi siyoyariyamurungitse mwivyoyamwo kugumamugarukana izina rya radio Marie mugihe nabandi barikumwe mutariko murandondora ivyobasanzwe bakora babonekana ko mwebwe abanditse musanabashaka kuca mutoteza iradiyo kubwumuntu yakoze amakosa atambaye umwambaro werekana koyarikukazi ka radio Marie.

  • igipolisic uburundituracizeye .nibabandanyebakor amatohoza hobaharihon abandi bafadikanije.abobantubashakakudusubizamubuhungiro ntantambwe bazotera kuko ukubokokw imana nikurekure kandi n igitsurec imanakirikuribo.nibarekekuko ivyaramagera vyarageruye.izontumvanizirekegutakaz umwanyawabomubitagir ikimazi .

  • Uwo Mumenyeshamakuru Akorera Imana Bamuhora Iki?Nibamurekur Abandany Akazikiw Ntaco Azira.

  • Ino reta yugarijwe nubwoba ntayindi nsiguro. Mbega iyo abantu barihamwe baba bashaka kugira coup d’Etat canke guhungabanya umutekano? Canke bafashwe kk ari abatutsi ubona ko atakindi kiri mubwonko bwaba dd. Bikurikiranire hafi sinon le porte parole de toutes les polices azotubwira ko biyahuye .

  • benizonama zitazwi namategeko nukuzirabaneza koibivugigwamwo vyoba arivyubaka kuko imbere yukoinama ikogwa ariyumugambwe canke iyishirahamwe shefi abanza kubimenya igakogwa izwi namategeko mugatumira nabashitsi

  • Uwo Mumenyesha Makuru Akorera Imana Nicmurekure Ntaco Azir Nabandi Bakorerwe Amatohoz Ningoga Babarekure.

  • bahendande? amanama yurusengero akorerwa kurusengeronyene ntakorerwa mumihana yabantu, rero ntibatakazumwanya nibavugeshukuri ntibibe birebire ngobirirwe baramererwa nabi, amayeri hose bazokoresha aramaze kumenyekana

  • Uwo muhana hari mu mubano rukristu uzwi!ataruko nibabagirekoo amatohoza

  • Uwo muhana hari mu mubano rukristu uzwi!ataruko nibabagirekoo amatohoza

  • Abo bagesera biheka inyuma ya madini nkababandingo barimumashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique naho nibo batwara ibirwanisho nindya zabahungabanya umutekano.Nukubanyara.

  • Ngo bariko barajinama yogutoza ivyo gushigikira abahungabanya umutekano,nogatangaye ibindi nkurikiye yovuga!, nayabobantu babahorubusa. kuvakera abantu banye bakoranira hamwe bakayanga ibijanye nibikorwa basazwe bakora kurusengero ncanke ahandi, ivyo birashika iyigihugu kimaze guhumanishwa nabategetsi babi, ntabantu baba bagikoranira hamwe ngobayage ivyibikorwa. icombona kugira benuburundi bazogirumwidegevyo, nuko abari kubutegetsi unomusi bofutwa ubutacibukwa, ahoniho uburundi buzoronka amahoro.

  • Mirinuka Zeboya womukayanza ukuntuyariyarwaririje kwigira Imana?
    Yemwe iryanda yarayeyibarutsemwo ikibondo mugihecokuyisama wamengo yariyamusajije!!!.

  • Emwe ivy’uburundi nivyo gusengera kwr erega hasigaye ubu naho ko bazohora bafata n’abari mu bukwe ngo bariko barahungabanya umutekano,none kuba yarikumwe nabo bakorana n’icaha ariko mwibuke ko iherezo ryanyu ari ribi cane vous les dd

  • KOKO YARIMURIVYO BIKORWA NUBUTUMWA BATANGA KURI RADIO MARIYA, UWARIWESE NDAMWINGINZE ASOME MURI BIBILIYA. YAKOBO 3: 1 - 10

  • kwikenga ibintu botagira itohoza rikwiye, bituma ihungabana ry’umutekano ryihariza ikibanza. ko abo bantu ari abo muri ico gihugu, ni igiki catumye hataba itohoza ridakwiye kando mubwitonzi? "IMBWA YARIHUSE IVYARA IBITABONA."

  • BAHANE IYO MIHIMBIRI ISHAKA KUTUBUZA AMAHORO TURIMWO IWACU MURU TANA

  • Ewe bwenge inama zo kwishengero zikorerwa mumazu yabantu mwarabonye ko turibijuju murahenda abandi inkona ntiyaruzwa kirazira

  • mbesha wewe wiyise moridekay kutaru mupolisi ukaba utanakora mwiperereza ukaba utar numucamanza uhera he werekana ubwenge buke bwawe mukudedemba ivyutazi inama zo kwishengero zikorerwa mumazu yabantu ukaba ariwe urongoye urwo rusengero rukorera amanama mumazu yabanyagihugu kumutakura uragenda ubisigure mubutungane inkona ntiyaruzwa kirazira

  • Nukuri Ivyo Muburundi Vyamaniye Narinzi Ko Abamenyesha Makuru Bafise Ubwigenge None Rabo ! Turasaba Bamurekure Ahandiho Umutekano Ntiwoba Wifashe Neza.

  • Arko nyine ndibaza gusenga ntibyemewe mubaturanyi biburundi? Kuki bafashwe c.

  • Imana Ni Nkuru.Ko Bari Mugikorwa Cayo. Irababona Ntaco Baba!

    Yemwe Dukwiye Gukorera Imana Numwete Wacu Wose. Nico Kizozana Amahoro Mw’isi.

  • nagombamenyeshekomuburundi.atamahotuzopfaturonse.none.nabo.barimunama.babafashe?kandi.barimuvyimana.turagowenoneho!!!!Mana.urabarinda

  • NUKURI.IMANA.NIYO.IZOBAKURAYO.AKAREGANYO.NTIKAZOFAGAHENZE.MAMA.URABARINDA

  • I Burundi Biragoye Baratohoza Neza Kuko Birababaje Kuzirubusa.Ariko Umukozi W’Imana Ntizoshigikira Inkozizikibi Arivyo Naho Bagahanwa.

  • uwomumenyesha makur nuwa radio ya ekrezia gaturik?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.