Accueil > Amakuru > umutekano > Umuporisi yafashwe yagirizwa urupfu rw’umugore w’i Bururi
Umuporisi yafashwe yagirizwa urupfu rw’umugore w’i Bururi
mardi 3 Gitugutu 2017, par
Uwo yafashwe ni Jean Luc Bukebuke, uwo mugore yagirizwa ko yagandaguye akaba yatowe ikiziga ku ruzi Jiji. Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo muporisi yahungiye muri Congo akoresheje imodoka y’uwo mugore.
- Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Ababonye ikiziga c’uwo mugore bavuga ko vyaboneka ko yari yanizwe imbere y’uko ikiziga ciwe gitabwa aho hantu. Amaboko y’uwo mugore akaba yari abohewe mu mugongo.
Egide NDUWIMANA