Umuporisi yarashe uwo bakorana i Gitega

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 23 mai 2017 saa 11:55
Yasomwe : 22086
0 0

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga umuporisi yarashe mugenzi wiwe bakorana, ku kirindiro c’igiporisi kiri muri komine Giheta, mu ntara ya Gitega.

Uwo yarashwe yakomeretse ku kuguru, aca ajanwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Gitega.

Mu giporisi bakavuga ko bataramenya icatumye uwo muporisi arasa uwo bakorana, uwo yabikoze akaba apfungiwe mu gasho k’igiporisi i Gitega, ku mvo z’amatohoza.

Mu kwezi kwa kabiri kw’uwu mwaka nyene, uwundi muporisi azwi kw’izina rya NDUWIMANA Samuel yuguruye umuriro, arasa bagenzi we abasanze aho baryamye ahakorera igiporisi kijejwe uruja n’uruza.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko ayo masasu yakomerekeje abaporisi umunani, uwabikoze akaba yarirashe, nawe nyene arakomereka.

JPEG - 95.5 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Kumenyekanisha

1
Nsabimana 26-05-2017 à 19:55

None Abaporisi Buburundi Nabobasigayebasubiranamwo

2
FIACRE 25-05-2017 à 10:00

NON BAPFIK KOBATABIVUG.

3
Ntegabampaye 24-05-2017 à 16:01

Abo Bagesera Barasa Bagenzibabo Nizantumva Zimenyereye Nkumugina W’ishamba Nukuzikorerako Zirakarushwa Ubu Twaraciye Ubwenge.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha