IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Umurwi Diaspora Band watunganije igiteramo co guhimbaza imyaka ibiri iheze (...)

Umurwi Diaspora Band watunganije igiteramo co guhimbaza imyaka ibiri iheze uvutse

vendredi 23 Ruheshi 2017

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Butoyi NAMUTO batazira Afande ROMEO arongoye umurwi Diaspora Band yamenyesheje ko umurwi arongoye wihaye intumbero yo guhindura imyifato y’urwaruka biciye mu ndirimbo.

Afande ROMEO arongoye Diaspora Band avuga ko muri iyo sabukuru indirimbo zibiri ziswe : “ Ruditena “ na “ Kidali “ arizo zizoshirwa ahabona.

Afande ROMEO amenyesha ko umugwi wabo witaho umuziki wo ku mugabane wa Afrika, na cane cane umuziki benshi bita “ Lumba ” ukundwa cane mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo .

Igiteramo co guhimbaza imyaka ibiri iheze umugwi wa Diaspora Band ushinzwe kizobera kuri TREIBEKA “ muri quartier ya Carama, kwinjira akaba ari ibihumbi 3, hamwe n’ibihumbi 5 mu kibanza c’iteka.

Umutumire w’iteka azoba ari umuririmvyi Thompson .


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.