Umushingamateka ayoboka RWASA yagirijwe gukorana n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 mai 2017 saa 04:47
Yasomwe : 19926
0 0

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cafashe abagizi ba nabi batatu batwaza inkoho mu guhungabanya umutekano, kw’itegeko ry’umushingamateka Térence MANIRAMBONA wo mu runani rw’Abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI, ayoboka RWASA Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE amenyesha ko aba mbere muri abo batanu bafashwe kuri uwu wa mbere, abandi babiri bakaba bafashwe kuri uwu wa gatatu.

Uwo murwi wa bose hamwe uko ari batanu biyemerera ko bakora ubugizi bwa nabi kw’itegeko ry’umushingamateka Térence MANIRAMBONA, bakaba bafatanwe inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnkov zafatiwe i Muramvya, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi bavuga ko abagirizwa ico caha bapfungiwe mu gasho i Gitega, amatohoza akaba abandanya ku ruhara rw’umwe wese muribo.

Ntiturashobora kuronka umushingamateka Térence MANIRAMBONA. kugira agire ico ashikirije kuri ivyo vyavuzwe n’igiporisi.


Kumenyekanisha

1
Makonongo 1er-06-2017 à 16:28

Oya Gus Jew Nibazako Ari Kubabeshera Kuk Ntibabafatiy Mukibanza Carimwo Kiberamwo Iyo Nama.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha