Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Umusirikare w’Uburundi yapfiriye mu biro vy’igendereza i Bujumbura
Yanditswe taliki ya 15-09-2016 - isaha 07:48' na IGIHE

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko umusirikare w’igisongerezi (Sous-Officier) azwi kw’izina rya Adjudant Eddy Claude NYONGERA yitavye Imana ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, apfiriye ahakorera igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo musirikare yiyahuye akoresheje gerenade.

Adjudant NYONGERA Eddy Claude yari yafashwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu. OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi arasigura uko vyagenze.

"Hari igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu aho umusirikare w’igisongerezi (Sous-Officier) yitwa Adjudant NYONGERA Eddy Claude asanzwe akora mu biro bikuru vy’igisirikare yiyahura akoresheje gerenade. Uwo musirikare yari yafashwe uno munsi mu gatondo, akaba yariko arabarizwa aha mu biro bikuru vy’igendereza ku vyaha bijanye n’uguhungabanya umutekano w’igihugu."

JPEG - 37.4 ko
Adjudant NYONGERA Claude yapfiriye ahakorera igendereza ry’Uburundi, i Bujumbura

Yiyahuye bahejeje kumubaza)

Mu gihe inyamiramabi (OPJ) zibiri zari zihejeje kumubaza, Adjudant Eddy NYONGERA Claude yateye umukono ku cegeranyo c’ivyo yabajijwe (procès verbal), aca ariyahura nk’uko vyemezwa na OP1 Pierre NKURIKIYE.

"Niho rero bahejeje kumubaza, yahenda umu OPJ yari ahejeje kumubaza, y’uko yomureka agasohoka hanze gato, ko hari ico yibagiye kubwira umu OPJ yari yabanje kumwumviriza ubwa mbere. Niho yaca ashika mu kindi cumba, aca atora gerenade muri arya magerenade baba bafatanye inkozi z’ikibi. Baca baramubona ko ayitoye, baragerageza kurwana nawe kugira bayimwake, ariko yaciye ayugurura. Bamaze kwumva ko igira iturike bahavuye baca biruka ica iraturika ihitana ubuzima bwiwe."

Adjudant NYONGERA Eddy Claude yaba muri zone ya Buterere, mu komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, akaba yakorera mu biro bikuru vya gisirikare (Etat-Major).

JPEG - 37.4 ko
Adjudant NYONGERA Claude yapfiriye ahakorera igendereza ry’Uburundi, i Bujumbura
Ivyiyumviro vyanyu

hew je mbona yagomba ahitane OPJ yabanje kumubaza Imana irakinga

1er.10.2016 à 03:42
Jerome

@ kamire ikibazo nukwica umuntu ntaco umwagiriza umuhora uko yavutse gusa kandi atariwe wivyaye mugabo, naho bagiye bahana inkozi zikibi aho nisawa gusa babanze babakishe munkiko

20.09.2016 à 17:34
Reader

Ico mwomenyaco, ubutegetsi bwose bukingira inyugu zabwo, utagomba kubwemera urahunga canke ugapfungwa canke ugapfa. Abo bitwaza ivyo bashaka vy ;amoko nibatahureko muburundi ntamututsi azotwara akumiriye abahutu kandi ntamuhutu azotwara akumiriye abatutsi. uwotwara wese afite ubwoko avamo none turafpa iki ? duheze tube ibijuju gutyo ? wewe ukunda ubwoko bwawe kuruta ubwabandi uragende wiyahure kko kubaho vyakunaniye, ejo haheze hatwara abatutsi, unomusi hatwara umuhutu, kandi aho bukera haratwara umututsi n’abandi basubire none urihora iki mugutukana ?

20.09.2016 à 00:57
kamire

MUGIRE UNSI WAMBERE MWIZA

19.09.2016 à 23:12
NYANDWI SPLAN

Nimureke kwitaza ivyubwoko uwariwe weyagirwa nicaha arabazwa

19.09.2016 à 11:53
elie

@ Muntu hamaze gupfa abasoda bangahe bazira ubusa, kuvuga ngo afite icaha ninde wamuciriye urubanza, gerezaho mwabahutu mwe twarabahinyuye, 40/100 iracavugwa ? Uwo mutishe yarahunze

18.09.2016 à 17:59
None

Yemwe gaye kuki tuguma twiyumvira ubwoko buri munsi ????abatutsi canke abahutu twese turi bene gihugu,,ahubwo ntihica UBWOKO HICA UBUTEGETSI BUBI,,,Ubutegetsi bwacu mu kwica ntibuvangura ahubwo bwica uhutemera amategeko ya bwo,,,Afrika kuva kera twamye dufashwa n’amakungu kugira ubutunzi bwacu butere imbere ,,,,Murundi Ukiri mu Bwicanyi W’itegereze W’ibaze ko Ata Nyungu N’umutahe Bizova Mu maraso,,,,,ngo yiturikijeko gerenade mbega kurya bamutemaguye n’ibipanga kurya niko gerenade ikomeretsa umuntu,,,,Ahubwo ICC ikwiye gufata abobose batambira ku mivyimba y’ababuze ababo bamwe bakaboneka abandi bakabura irengero ryabo batwawe n’ubutegetsi izuba riva abantu bose babona,,,,Wihora uwawe ugahonya Umuryango,,,

18.09.2016 à 15:45
Nduwayo

Wowe wiyise muntu ntaco uvuze ngaho civilian language gusa

18.09.2016 à 09:14
Mob

Ibi bintu birimwo igipfungu kuki nkurikiye ariwe yabivuga yarahari ? iperereza ntamuvugizi rifise ?canke grenade barandagaza ntibazibika uwushatse rero niwe yitorera !ibintu bigoye bikiriko pe !

17.09.2016 à 19:00
Ntibizohoruku

Aba ex fab nibakanure. Ko baza kubatwara nkintama hanyuma ntibagaruke bazima. Nabo nibabonereye ho icigwa bivune abo ba dd imbere yuko babica nkintama.
Barafise inkohi nibibdi birwanisho nibabikoreshe iyi baje kubafta ni buguruke amaso abo ba dd bazobaheza ni batirwanira

17.09.2016 à 12:19
Coby

Sha mwa nterahambwe mwe,hari igihe kizabagaruka murakagarukwa n’amaraso mumena azabakurikirane iyo muzoja hoseeeeeeeeee.mwaramwishe ngo yiyahuye,mu biro niho biyahurira ????//muragapfaaaaaaaaaaaaaaaaa

17.09.2016 à 10:37
john

@ Gilbert, ahikubica mwabagyanye mubutungane, none mubica icaha cyabahamye kyangwa nukubica kuko ari abatutsi ?, murihenda bizoshira

16.09.2016 à 22:38
Kabango

@ none

Biribonekeza ko uri Muri ba batutsi bahendwa canke barondera inyungu zabo my kumarisha bene wabo, mu batutsi 40/100 bagize igisirikali c uburundi nkuko babigabura bisunze amasezerano y arusha uwo musirikali umwe niwe babonye bagomba kurenganya ko ari umututsi ? Niba yiyahuye ugira navyo vyitwe genocide ? Wiyumvirako bamutoye Muri abo Bose at a kosa bamwaguriza ? Yafashwe hataraye hatewe grenade mu bunywero bagira bahitane umu colonel bakorana Muri etat major ? Ese adolphe ko yishwe Na CNDD yari umututsi ? None mu Gwanda umusilikare w umuhutu n atera grenade KAGAME ntazamukoreko ? Abo police irasa ngo ni intagondwa mu RWANDA baba vabanje kubumvirizwa nibura nko kuri uyo NKURUNZIZA wagiriza ububi ? Harintwaro baba bafise ? Ndabisubiremo nd UMUTUTSI ariko twese n abahutu turi abavukanyi. Abagomba kutumarisha no kuturyanisha ngo bishikire Ku butegetsi bakorere abo Banyaburaya na america bigwizeko ama etages, ama dege n amahera, about twarabatahuye twaranabahinyuye. UMUTUTSI n UMUHUTU Bose nico kimwe n abantu bava amaraso kimwe baremwe n Imana imwe. Urwo rwanko rw amoko ntaco rwakumarira niyo wavyungukiramo urapfa ukabisiga n Ababa bawe bakayerera kuko afrique nta burongizi burenza 45 ans. Kandi abo bazungu bashirako abo batoje kwanka abahora bayoboye, Tuvyamagane ubwicanyi buhagarare Muri Region yacu tugire amahoro aramvye y about tuzavyara

16.09.2016 à 21:28
muntu

@ none

Biribonekeza ko uri Muri ba batutsi bahendwa canke barondera inyungu zabo my kumarisha bene wabo, mu batutsi 40/100 bagize igisirikali c uburundi nkuko babigabura bisunze amasezerano y arusha uwo musirikali umwe niwe babonye bagomba kurenganya ko ari umututsi ? Niba yiyahuye ugira navyo vyitwe genocide ? Wiyumvirako bamutoye Muri abo Bose at a kosa bamwaguriza ? Yafashwe hataraye hatewe grenade mu bunywero bagira bahitane umu colonel bakorana Muri etat major ? Ese adolphe ko yishwe Na CNDD yari umututsi ? None mu Gwanda umusilikare w umuhutu n atera grenade KAGAME ntazamukoreko ? Abo police irasa ngo ni intagondwa mu RWANDA baba vabanje kubumvirizwa nibura nko kuri uyo NKURUNZIZA wagiriza ububi ? Harintwaro baba bafise ? Ndabisubiremo nd UMUTUTSI ariko twese n abahutu turi abavukanyi. Abagomba kutumarisha no kuturyanisha ngo bishikire Ku butegetsi bakorere abo Banyaburaya na america bigwizeko ama etages, ama dege n amahera, about twarabatahuye twaranabahinyuye. UMUTUTSI n UMUHUTU Bose nico kimwe n abantu bava amaraso kimwe baremwe n Imana imwe. Urwo rwanko rw amoko ntaco rwakumarira niyo wavyungukiramo urapfa ukabisiga n Ababa bawe bakayerera kuko afrique nta burongizi burenza 45 ans. Kandi abo bazungu bashirako abo batoje kwanka abahora bayoboye, Tuvyamagane ubwicanyi buhagarare Muri Region yacu tugire amahoro aramvye y about tuzavyara

16.09.2016 à 21:26
muntu

abavuga yamuhe nibavuge.ntituzihanganira nagato uwushaka kudusubiza inyuma, leonidas hatungimana atireta ibahe ikigongwe cikivunga abashatse gutembagaza ubutegetsi, ubuhungiro ubuhaze kare rindira muminsi irimbere abobazungungu babashoye kwihwa nibo bazadufasha kubashikiriza ubutungane, ikimbabaza nababasoda bagihendwa namwe, kimwe dushaka amahoro abarundi twese, abakoze ikibi umuti nubutungane kubata mumvuto, wamusoda ugihendwa ngushaka gukura peter gezaho wemere utwagwe urye duke wongeze iminsi yukubaho

16.09.2016 à 18:23
gilbert

Ugworupfu ruteyamakenga.gusa ndahojej umuryangowabuz.Kandi mwibuke kohatabuz abatuts cank abahut cank abatwa habuze igihugu.

16.09.2016 à 10:57
buja

@ Muntu urunva usubije iki, niba kagame afunga ingabo zakoze amakosa biha Nkurunziza ububasha bwokwica, naba na kagame arabafunga kandi uzabaze neza abagunga nibenewabi ntabwo rero bafungirwa ubwoko, Nkurunziza we arica abasida babatutsi gusa, mbese kuci nawe atabafunga niba bakora amakosa, ikindi niwingera kwiyita umututsi kandi ushigikiye ko abatutsi bashira, kuvuga ko urumuhutu ntaco byagutwara kandi nabahutu bose ntibameze nkawe nasowanyu Nkurunziza.

16.09.2016 à 10:48
None

NTA NYUNGU N’UMUTAHE BIZOVA MU MARASO ! DUSHAKA AMAHORO N’ITERAMBERE ! HITLER YAGIYE ATAMAZE LES JUIFS AHUBWO YASIZE ASAMBUYE UBUDAGI.

16.09.2016 à 09:43
UMURUNDI W’UMUTIMA

@none

Urabaza intwazangabo my Rwanda KAGAME amaze kwica uko zingana n izo afunga buri mwaka harimo aba colonel aba General aba major nka KAREGEYA, KAYUMBA, RUSAGARA, WILSON, BYABAGAMBA, RUGIGANA, DAVID KABUYE, RUTATINA etc abo ni aba generals n aba colonel gusa gusa kabuye niwe muto captain, abo nuko baba bagomba guhungabanya umutekano w ubutegetsi bwe, ntafise impamvu yumvikana kuri we ? Aba agomba akingire igihugu arongoye naho hari abo arenganyirizayo. None iyo ntwazangabo imwe canke icumi canke urwaruka rutera ama grenades mu bunywero barwishe ingorane irihe ? Abo baba bica bo si abantu ? Abanyagihugu baba bibaniye neza bari kwifatira ICO kunywa biyagira. UMUTUTSI n iki se kuburyo iyo yishwe yariho yica abandi muvuga bigeze ngaha ? Museveni murazi intwazangabo yafunze hariyo nuwahora ajejwe indege z igisirikali muruyu mwaka, ba general kazini yishe, ba sejusa arondera ? Na security y igihugu ce n intwaro ye arondera, Nkurunziza rero mumwihoze, aho kuvuga gusa mutore inkoho mukore rebellion itari nkijya ya faux yatera amakambi, cibitoke na kayanza, hama mumukure namwe murabe ko mutazica NGO mubishikeho canke munafashe igihugu mutazabandanya mwica abo mwikeka, ndi umututsi ariko umuntu uvuga ko Burundi hagira habe genocide uwo sentare zimurondere kuko niwe ari kuyitegura nyene NGO ayikore ace ayegeka kuri nkurunziza NGO yironkere ubutegetsi hama yice ata kigongwe, kandi abihanurwamo na bajya bazungu bavuga genocide igira ibe kuko nibo babipanga bagomba uwo bashiraho abageza kuri NICKEL, PETROL na URANIUM vyibonekeje Burundi abarusia naba chinois akaba aribo DD yahaye kuyimba bigaca bishavuza abo bazungu ba USA, BELGIQUE, FRANCE bakoresha UN na EU uko Niko kuri. Twamagane icatuma bene Wacu babatutsi bicwa my Burundi nkingene abacu bahereye mu Rwanda bishwe n interahamwe zari zirongowe Numututsi KAJUGA ROBERT umwana wa pastor HUSI mu bangirikani biryogo. Agaca yica bene Wacu akoresheje abahutu bibijuju ubu bayerera mu mashamba ya congo, abazungu bamutumye n abamutumye bagaca bamuta mu gasho arusha. BATUTSI dukanguke, twese n ABAHUTU turi abavukanyi n abanyafrika, mureke KAGAME, KAGUTA, KABIRA, MUSEVENI, KENYATA bayobore kuko nibo Imana yabuhaye ubu, n ishraho abandi muzabayoboke nabo ariko mu MAHORO m umutekano ntangere. Uko Niko kuri

16.09.2016 à 08:55
muntu

@ felix Muhire, ubwicanyi bwose burondera ubwoko bwitwa genocide, iyo mwishe umuntu mumuziza kuko arumututsi iyo iba ari genocide, nkuriya musida mwishe ntaco mumuziza kuko ntaco mwavuze, kumukoraho iperereza mwarangiza mukamwuca mutamugyanye murukiko iyo ni genocide pe, genocide numugambi ukorwa kumara ubwoko furani.

16.09.2016 à 08:03
None
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.