IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umutekano w’umuryango w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA urabangamiwe

Umutekano w’umuryango w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA urabangamiwe

mardi 28 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umutekano w’umuryango w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA yaburiwe irengero urabangamiwe, inyuma y’aho abantu batamenyekana basutse mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, amaraso ku rugo rubamwo umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA n’abana biwe biwe babiri. Abo bantu baranditse kandi ku ruhome bakoresheje amaraso, bakaba banditse ijambo "KEBA". Barateye n’amabuye ku nzu y’umuryango w’uwo mumenyeshamakuru.

Ayo maraso abo bantu bakoresheje mu kwandika iryo jambo barayasutse kandi hasi, kuri urwo rugo ruri muri zone ya Kamenge, mu gisagara ca Bujumbura. Godeberthe HAKIZIMANA, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA akabona ko iterabwoba ririko rimukorwako, agasaba ko umutekano wiwe wokwubahirizwa.

JPEG - 83.9 ko
Godeberthe HAKIZIMANA, umukenyezi w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesheje ko bataramenya ivyo vyabaye ku rugo rw’umupfasoni w’umumenyeshamakuru BIGIRIMANA, bakamusaba ko yokwitura igiporisi hamwe n’ubutungane.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi n’imboneshakure REMA, ariko akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yaburiwe irengero kuva kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, kuva ico umuryango ukaba utazi irengero ryiwe.

Mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina bararondeye mu busho bwose barabura, aho tukabamenyesha ko kuva agifatwa, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano.

Amezi umunani niyo aheze atawuzi irengero ry’uwo mumenyeshamakuru.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.