Umuvugizi w’igiporisi aragabisha ku busuma bukorwa n’uwiyita icegera c’umuvugizi w’igiporisi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 novembre 2017 saa 10:18
31095
0 0

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi aragabisha abantu bose ko hari uwuriko arahenda abanyagihugu kugira abibe yiyita ko ari icegera c’umuvugizi w’igiporisi. Agasaba abanyagihugu kutishura uwo muntu mu gihe cose yobavugisha.

Abicishije ku rubugwa rwiwe rwa Twitter,umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo muntu akoresha isanamu y’icegera c’umuvugizi w’igiporisi OPP1 Moise NKURUNZIZA agakoresha na nimero ya terefone ngendanwa 75 565776 mu guhenda abantu.

Umuvugizi w’igiporisi asaba ko abo uwo muntu yorondera batomwishura, mu kurindira ko igiporisi c’Uburundi kimuhagarika.

Ubu ni bumwe mu butumwa uwo yiyita icegera c’umuvugizi w’igiporisi yacishije ku buhinga bwa Whatsapp asaba ko bamurungikira amafaranga 2000 vy’amarundi.


Kumenyekanisha

1
Caratuvunye 1er-12-2017 à 15:16

Erega vyoshoboka,wosanga ari na Moise Nkurunziza,aba Police b’u Burundi nta ndero

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha