IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Urukurikirane rw’abazoririmba mu giteramo Dunda na BujaFm2017 (...)

Urukurikirane rw’abazoririmba mu giteramo Dunda na BujaFm2017 rwasohotse

vendredi 4 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Kuri urwo rutonde, umurwi wose wahawe iminota mirongo itatu yo kuririmba, bisigurako umuririmvyi umwe azoririmba hamwe hagati y’iminota itandatu na munani. Naho biri uko, umurwi wa Peace and Love, niwo wonyene wahawe iminota mirongo itatu yo kuririmba, kandi uwo murwi niwo uzokwugara ibirori vy’uwo munsi mukuru.

Imirwi igabuwe uku gukurikira :

UMURWI wa 1. 10H-10H30 : Umudiho Groove, Kevin Jabiano, Alvin Smith na Chino B

UMURWI wa 2. 10H40-11h10 : Madiba, Norasque, Chris & Junior na Chris BIZ

UMURWI wa 3. 11H20-11H50 : Gisa, Kolly ,Pop G , na Arnovic

UMURWI wa 4. 12H-12H30 : Franck G80,Kay Back, Mr Champagne na Black G

UMURWI wa 5. 12H40-13H10 : Swagg Team ,Double Jay p na Olisaint Strogoff

UMURWI wa 6. 13H20-13H50 : GN , Dj Prince, Dj Pro, na Peter Niyo

UMURWI wa 7. 14h-14h30 : Sat-B, Cedrick Bangy, Akes Don na Channy Qeen

UMURWI wa 8. 14h40-15h10 : Tithy Love, MasterLand, Jay Fire na Happy Famba

UMURWI wa 9. 15h20-15h50 : Fabulove, Masoja Yero Yero, Mirror Team na Big FIZZO

UMURWI wa 10. 16H-16H30 : Best Life, Franck Duniano, B - Face na Emery Sun

UMURWI wa 11. 16h40-17H10 : Natacha, Rally Joe ,Fiston na Kingorongoro

UMURWI wa 12. 17H20-17H50 : Kebby Boy ,Bidondo Elly’s Boy na Lolilo

UMURWI wa 13. 18H-18H30 : Peace & Love.

Tubibutse ko igiteramo ca Dunda na Buja fm2017, kizoba kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 06 Myandagaro kuri Efi Nyakabiga. Twobamenyesha kandi ko uruhimbi "Stage" rwo gutambirako rwatanguye kwubakwa kuri uwu wa gatanu. Kwinjira ni amafaranga ibihumbi bibiri y’amarundi mu bibanza bisanzwe, hamwe n’ibihumbi bitanu hamwe na cumi mu bibanza vy’iteka.

Igiteramo kizotangura isaha zine z’agatondo.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.