Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Urukurukuru rw’igiteramo ca Navy Kenzo rwabaye inkuru
Urukurukuru rw’igiteramo ca Navy Kenzo rwabaye inkuru
jeudi 17 Myandagaro 2017
Vyamaze kumenyekana ko Navy Kenzo uzoza mu Burundi mu giteramo kuri Lacoste Beach. Amakuru ava mu bariko bategura ico giteramo aravyemeza. Amakuru ataremezwa neza n’amazina y’abaririmvyi b’Abarundi bazoba muri ico giteramo.
Naho bir’uko haravugwa amazina ya bamwe badahara mu biteramo, Big Fizzo, Lolilo n’umurwi Peace and Love. Ayandi makuru atubwira ko abo baririmvyi bamaze kuvugana n’abategura ico giteramo, icoba gisigaye ari gushira umukono ku masezerano.
Ikindi cerekana ko abo baririmvyi bataraheza kwumvikana, n’uko hari icapa"Affiche" kibonekamwo Navy Kenzo gusa.

Igiteramo gitekanya kuzoba kw’igenekerezo rya 03 Nyakanga kuri Lacoste Beach. Amakuru aramvuye ku bijanye n’ico giteramo tuzoyabemenyesha mu minsi iri imbere.
Tubibutse ko umurwi Navy Kenzo ugizwe n’abaririmvyi Nahreel na Aika bo mu gihugu ca Tanzaniya. Uwo murwi wandikishije izina mu karere ka Afrika y’Ubuseruka inyuma yo gusohora ururirimbo rwa gatatu ’’Chelewa’’ hamwe na ’’Kamatia Chini’’ na rwo rwamenyekanye cane.
Umviriza wongere wirabire amasanamu y’ururirimbo ’’kamatia chini’’:
Cherif Nkeshimana