IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Urupapuro rwerekana ko uwushaka kwinjira mu gisirikare adakurikiranwa (...)

Urupapuro rwerekana ko uwushaka kwinjira mu gisirikare adakurikiranwa n’ubutungane rwabaye rurahagarikwa

lundi 12 mars 2018

Mu kiganiro umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yahaye abamenyeshamakuru, inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 12 Ntwarante 2018, Colonel Floribert BIYEREKE amenyesha ko gushika kw’igenekerezo rya 9 Ntwarante 2018, abari bamaze kwiyandikisha bipfuza kwinjira mu rwego rw’abasirikare bato bari 8174, mu gihe kuri iryo genekerezo nyene abashaka kwinjira mu rwego rw’ibisongerezi batarenga 248, mu gihugu cose.

Colonel Floribert BIYEREKE avuga ko bafatiye kuri ivyo bitigiri biboneka ko abiyandikishije ari bake, nayo ku makuru ava mu bibanza vyandikirwamwo abipfuza kwinjira mu rwego rwo kwivuna abansi, akemeza ko abashaka kwiyandikisha bagira ingorane zo kuronka urupapuro rwemeza ko badakurikiranwa n’ubutungane.

Umuvugizi w’urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi, asigura ko imvo ibituma ari uko urwo rupapuro rutangirwa mu gisata c’igiporisi kijejwe ibijanye n’ubutungane gikorera i Bujumbura hamwe no mu bisata vyuguruwe mu ntara ngo bitanze urwo rupapuro, benshi mu bashaka kwiyandikisha bakaba baba kure y’ivyo bisata.

Umuvugizi w’urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi amenyesha ko, ku bazoba baronse uburenganzira bwo kuja mu bigo vy’inyigisho, bazoronswa urwo rupapuro bamaze gushika muri ivyo bigo, ariko ico gikora kikazotunganywa n’urwego rwo kwivuna abansi rwonyene.

JPEG - 134.2 ko
Col Floribert BIYEREKE, umuvugizi w’urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi

Ku bazoba bamaze kwakirwa mu bigo vy’inyigisho, ariko bikagaragara ko bakurikiranwa n’uutungane, Colonel Floribert BIYEREKE, amenyesha ko bazoca birukanwa.

Ku bantu 8174 bamaze kwiyandikisha ngo binjire mu rwego rw’abasirikare bato, harimwo abigeme 662, mu gihe mu bantu 248 bamaze kwiyandikisha ngo binjire mu rwego rw’ibisongerezi harimwo abigeme 18 gusa.

Igikorwa co kwiyandikisha ku bipfuza kwinjira mu rwego rwo kwivuna abansi ku rwego rw’abasirikare bato, catanguye kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018, kikazorangira kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante, mu gihe igikorwa co kwandika abashaka kwinjira mu rwego rw’ibisongerezi catanguye kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante 2018, kizorangira kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.