Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ababirigi bashurashuza abana babarondeye ku buhinga ngurukana bumenyi (...)
Ababirigi bashurashuza abana babarondeye ku buhinga ngurukana bumenyi baviriwe hasi
dimanche 27 Gitugutu 2013
Abashurashuza abana baguma baba benshi cane, aho baguma barondera bongera bandika ku muhora wa Webcam, ibikorwa vyugushurashuza abana benshi bava mu bihugu vya Asiya. Abo bamenja barondera umwana, hanyuma bakariha abavyeyi biwe kugira bamukorere amabi atako yovugwa y’ubusambanyi.
Ababirigi 2 muri bo baratawe mu mvuto mu gihugu c’Ububirigi, bagirizwa ico caha, nk’uko tubibwirwa n’ikinyamakuru Het Niewsblad. Abo bafashwe baca ku muhora w’ubuhinga ngurukana bumenyi, mukurondera abavyeyi bo mu bihugu vya Asiya, babasaba abana ngo babakoreshe mu mareresi y’ubushurashuzi, batanga hagati y’amadolari 25 na 30 bamukoresheje iminota 30, ayo madolari angana n’umushara wo ku kwezi uhembwa umukene wo bihugu vya Asiya.

Mu mwaka uheze, inyamiramabi zo mu gihugu c’Ububirigi zari zagerageje kurwanya iryo shano naho bitari vyoroshe kubatora. Peter De Waele, n’ inyamiramabi yo muri ico gihugu abisigura uku : « Ntivyoroshe n’agato. Abo basambanya abana barinyegeza cane, kandi ntivyokunda ko dukwirikirana umuntu wese n’inyabwonko zose. Vyongeye, umuntu wese arungitse amahera aciye kuri Western Union, nta woca amufata nk’uwuri muri abo bakorera ayo mabi abana ».
Chérif Nkeshimana
Messages
27 Gitugutu 2013, 15:09, par abigem
habababiligi. kobasigaye bahonyanga amategeko?? ubwenge bwishi ibitabo bikenya
2 Nyakanga 2017, 19:42, par Patrick
bakwiyegufatwa Naporisi Zaho