“Abahohotera abanyagihugu bakwiye guhanwa bimwe vy’akarorero”

Yanditswe na Aristide Nizigire
Kuya 30 Ruheshi 2013 saa 06:57
Yasomwe : 2565
0 0

Muri komine Musaga mu gisagara ca Bujumbura, umudereva w’imodoka zunguruza abantu zimwe bita hiyase, yahohoteye umunyagihugu aho yari kw’ibarabara bita ku rya mbere ry’aho muri komine Musaga, uwahohotewe aca araraba ku buryo vyaboneka ko ashobora n’ukwitaba Imana.
Nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’igice z’umuhingamo, umunyagihugu yari yasomye urukanywa ahagaze kw’ibarabara, agize uku, aja yumva ikofe ryo mu gutwi, ubwo nyene aca ararwa hasi, abanza agakomokomo. Uyo mudereva amaze gukora ivyo (...)

Muri komine Musaga mu gisagara ca Bujumbura, umudereva w’imodoka zunguruza abantu zimwe bita hiyase, yahohoteye umunyagihugu aho yari kw’ibarabara bita ku rya mbere ry’aho muri komine Musaga, uwahohotewe aca araraba ku buryo vyaboneka ko ashobora n’ukwitaba Imana.

Nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’igice z’umuhingamo, umunyagihugu yari yasomye urukanywa ahagaze kw’ibarabara, agize uku, aja yumva ikofe ryo mu gutwi, ubwo nyene aca ararwa hasi, abanza agakomokomo. Uyo mudereva amaze gukora ivyo yaciye akura meza, ndetse nta n’uguhagarara ngo ajane uwo yarahejeje gusinzikariza ubuzima kwa muganga. Ariko naho birukwo, abanyagihugu baho ku Musaga barashoboye kubarira igipolisi iparati ndanga muduga y’iyo hiyasi ,akaba yari 9940.

Inyuma y’umwanya muto igipolisi cari camaze gukwiragira amabarabara kugira gicakire uyo mudereva. Amakuru dukura aho ku Musaga, avuga ko uwakoze ivyo yoba yaciye afatwa kugira amatohoza atangure. Abanyagihugu bo muri komine Musaga, bariyamiriza iyo ngeso y’uguhohotera abantu igirwa na bamwe mu badereva b’imiduga yunguruza abantu canke abo bafashanya, bikavurwa ko atari irya mbere ivyo biba. Nayo abari mu rwego rw’igipolisi bakaba bashimirwa ku buryo bakerebutse mu kuza kurondera uwari ahejeje gukora ivyo.


Kumenyekanisha

1
Mirenguko. Alfred. 26-05-2015 à 13:41

NONE ABOBANTU BIPFUZIKI? EHE NIBADUHE AMAHORO

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha