Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bujumbura : Abahuza ibitsina babisangiye ntibacinyegeza
Bujumbura : Abahuza ibitsina babisangiye ntibacinyegeza
jeudi 9 Nzero 2014
Abahuza ibitsina babisangiye ntibacinyegeza naho mu gitabo mpanavyaha bategekanya ibihano n’amahadabu kubabikora.
Igitabo mpanavyaha co mu Burundi gitegekanya umunyororo uva ku mezi 3 gushika ku myaka 2 n’ihadabu iva ku bihumbi 50 gushika ku bihumbi 100 ku bantu bahuza ibitsina babisangiye. Naho ico gihano kiriho, hariho abakiraba nk’igikanganyoni, maze bakemanga ukuri kwamye ko bahuza ibitsina babisangiye gushika naho bimonogoza bakavyemanga ku bimenyeshamakuru n’insamirizi.
Kuri Radio Nederland wereldomroep ikorera ku mugabane wa Afrika, umusore w’umurundi yaravuze ata bwoba, ata soni canke ibimaramare, yemanga ko ari mu murwi w’abahuza ibitsina babisangiye.
- Mujimbere Gabriel
Mujimbere Gabriel yavugiye kuri iyo nsamirizi ati : "Ego ndazi ko ntandukanye n’abandi, ariko birabasha abo barajwe ishinga n’uko meze » . Abandanya avuga ko bimuryohera cane kuba ameze uko kandi ikimunezera ni uko n’abavyeyi biwe n’abo bavukana bamushigikira. Gabriel yemeza ko yabitanguye mu mwaka w’2006. Ico gihe yinjiye mu murwi w’abatamba Top Ishaka wari aho yari asanzwe aba. Ico gihe yasa n’uwubatinya kuko yanka ko yohava asanga nawe abaye nk’abo, kuko umurwi wari ugizwe n’abahuza ibitsina babisangiye. Bukebuke yahavuye abiyumvamwo, maze aba yinjiye mu murwi w’abahuza ibitsina babisangiye.

Gaby avuga ko iyo ngeso yiwe itakirwa neza n’abarundi, yigana ko umunsi umwe yagiye kuramutsa mugenzi basangiye iyo mibereho, bugingo bariko bararamukanya, basomana, imisore yabonye iyo ndamukanyo babarengerako n’amahiri barakutwa baranoga, maze batabwa muri yompi barara mu munyororo. Kuri we, ivyo ngo ntanguvu bimuca, ahubwo avuga ko agiye kurwanira ihohoterwa rigirirwa abahuza ibitsina babisangiye.
Cherif Nkeshimana
Messages
9 Nzero 2014, 18:16, par Tollo
Wmongeye kwirigwa mbega satani yadutse no ngaho muburundi kubita mwica izo nyegera mwa kavyaramwe ica ayo masatani reta shira ho igihano co kubica nko muri uganda pls nti muje mubashira ahabona uwo mufashe mumufungira mwicupa mutamwereka abana bakiri bato kuko nisoni urabona iyo foto yuwo muhemu.yahemutse imbere yabantu ubona uriya musi bamukubita iyo ahita apfa nkunda abantu kabisa ariko umutu nkuyo ntamhidwe muha narimwe murakoze bene wacu bo ku igihe.
9 Nzero 2014, 18:18, par Furaha Dada
Isi igeze habi, ariko ico mbona twarinjiriwe iyi niya misi ivugwa na Bible, rero Uburundi burikanure, abo bashaka gukora ivyo Burundi bubahitishemwo bahunge canke bafungwe uwo guherayo. Ndabona tugowe pe. Abo binjiwemwo na dayimoni kandi kumubakuramwo ntivyoroshe.
9 Nzero 2014, 22:54, par Niyo Alex
MANA TABARA ABARUNDI,SATANI YABASHITSEMWO KUKO LETA YOYO YARINUMIYE,J SAIS PAS SI KO YOBA IBASHIGIKIY,KURAHO IZO NGEGERA NGO NABA PD.UMUHUNGU K’UMUHUNGU???
10 Nzero 2014, 07:38, par BIGIRIMANA Christophe
MBEGA KO IMANA YAREMYE UMUGABO N’UMUGORE KUGIRA BARONDOKE,ABO BANTU NABO BAHUZA IBITSINA BABISANGIYE BASHAKA GUSHIKA KUKI?KIMWE BOMENYA IMANA NTIYADUHAYE IGITSINA KUGIRA TUKIGIRE IGIKINISHO.
12 Nzero 2014, 10:15, par Paty
Ivyo guhuza ibitsina kubabisangiye, ningeso ikwiye kurwanywa kuko Imana ntiyigeze yihanganira Sodoma na Gomora aho murivyo bihugu iyo ngeso yari yeze! Barundi mubikora,nobasaba ko mwobireka kugira ntimukwegere ishavu ry’Imana igihugu cacu! Muzoba mukoze!
12 Nzero 2014, 19:51, par Anonymous
Umuntu asomye commentaires Zanyu ararengerwa... Nihehe mwabonye ko Imana itanga uruhusha rwo kwica kiremwa muntu... Nimba mukunda uburundi busengere nayo kuvyerekeye ivyo abandi bakora sinabaza ko bibaraba aha mwese uwoja kurindera ivyo mukora mungo zanyu nizabandi wosanga bisengeye... Imana yaremye abantu ibaha nubwenge bwo kubukoresha ariko ntashatse kuvuga nabi ibi nsomye birababaje kubantu bitwaza Imana. Niyo yonkuru kandi niyo izo jugea chacun d’entre nous si twebwe tuzo jugea abandi
Merci
13 Nzero 2014, 00:04, par Muhanuzi
ivyo ni bimwe bita Ubuyobe!Soma Matayo 24!
Isi igeze ahatemba!
9 Rusama 2015, 21:19, par Niyokindi David
Nukuri Uwomuntu Nabandi Bameze Nkuwo Jewenubaha Imana Badahinduye Iyongendo Nukuri Bazomera Nkabo Kuri Nowa Bapfe Batokombere Ndabahanuye
9 Rusama 2015, 21:20, par Niyokindi David
Nukuri Uwomuntu Nabandi Bameze Nkuwo Jewenubaha Imana Badahinduye Iyongendo Nukuri Bazomera Nkabo Kuri Nowa Bapfe Batokombere Ndabahanuye
29 Kigarama 2015, 20:36, par Hatungimana Joël
Ivyo Bintu Mukora Imana Birayisesema
4 Kigarama 2016, 15:03, par Mariyamungu Sylvere
Ivyo ni ivyanditswe bishitse; Leta nigerageze ishire mu ngiro ivyo bihano vyateganijwe. Abo babikora ni ibipfu!
31 Kigarama 2016, 11:47, par Joël
Vyukuri Abobahuza ibitsina Nibisubirekobabihebe Ahandiho Barasesema Imana BashakareroBabihebe Kuko Bazobona Ibara!
31 Kigarama 2016, 11:49, par Joël
Vyukuri Abobahuza ibitsina Nibisubirekobabihebe Ahandiho Barasesema Imana BashakareroBabihebe Kuko Bazobona Ibara!
26 Mukakaro 2017, 05:05, par Bosco Nzobakenga
iryobara Riragahera, Ntahovyanditswe, Atarukuzocirigwakwiteka, Nimana,