Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urutonde rw’abakinyi 10 bafise ububi kw’isi kuruta abandi
Urutonde rw’abakinyi 10 bafise ububi kw’isi kuruta abandi
dimanche 1er Nyakanga 2013
Ikinyamakuru Famous why cashize ahabona, urutonde rw’abakinyi 10 rurangiranwa kw’isi mu bubi, ndetse ico kinyamakuru kikaba cagiye kirisunga ahanini ukwo abo bakinyi bateye mu maso. Namwe ni mwirabire ukwo bakurikirana:
1.Ronaldinho

Ni umukinyi avuka mu gihugu ca Bresil. Uyo mukinyi akaba yarabaye rurangiranwa mu myaka iheze. Ubu rero akaba ariwe ico kinyamakuru cagomwe, mu kumuha ikibanza ca mbere mu bakinyi b’umupira rurangiranwa babi kw’isi.
2.Carlos Puyol:

Yavukiye mu gihugu ca Espagne, ndetse nawe nyene, akaba ari umukinyi rurangiranwa kw’isi mu mupira wa maguru, mu bubi naho, agira kabiri.
3.Carlos Tevez

Ava mu gihugu ca Argentine, akaba aza kuri uru rutonde kubera ukwo asa mu maso.
4.Didier Drogba

Avuka mu gihugu ca Cote d’Ivoire, akaba ndetse ari we mwirabure aza ubwa mbere kuri uru rutonde.
5.Frank Ribery

N’umukinyi ava mu gihugu c’Ubufaransa, kandi nawe nyene, akaba akomeye.
6. Idriss Carlos

Ava mu gihugu ca Cameroun, ariko akaba yarakinye igihe kirekire mu gihugu ca Espagne.
7. Cheikh Ismael Tioté

Ni umukinyi akomeye ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire.
8. Joleon Lescott

Uyu mu kinyi ava mu gihugu c’Ubwongereza, niwe atwara ikibanza c’umunani.
9. Park Ji Sung,

Ni umukinyi ava muri Koreya y’Epfo, akaba yarakinye neza mu murwi wa Manchester United
10.Iain Dowie

Ni umukinyi w’umwongereza, akaba ari nawe ahereza kuri uru rutonde.
Twobamenyesha ko mu bantu 10 babi, batowe n’ikinyamakuru Famous why, abanyafrika ari: Idriss Carlos Kameni wo muri Cameroun, Cheikh Ismael Tioté na mugenzi we Didier Drogba nibo bakinnyi bo muri Cote d’Ivoire.
Aristide Nizigire
Messages
14 Myandagaro 2018, 21:17, par ndayizey
Nahocabatoy Ngo Nimababi Kazima Bakina Bakaharonkera Nubutunzi