Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Bujumbura : Abakobwa basigaye bitaba ibiteramo basa n’abari gusa
Bujumbura : Abakobwa basigaye bitaba ibiteramo basa n’abari gusa
mardi 19 Myandagaro 2014
Imico y’Uburundi ntivyari bimenyerewe kubona abakobwa bagenda gusa. Mu biteramo bibera mu gisagara ca Bujumbura, hasigaye haboneka abigeme bambika impuzu igice gito cane c’umubiri wabo, bariko baratamba naho, bagasigara batamba bari uko baremwe.

Izo nyambaro kenshi na kenshi abakobwa bazambara iyo bagiye mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi cane cane mu biteramo. Akarorero ka hafi, ni mu giteramo giherutse aho habonetse umukobwa yambitse igice gito c’umubiri, ndetse bigasa n’aho yari yambaye izuba.
Nk’uko mubibona ku mashusho, agahuzu ko hejuru yari yambaye kari akayobera bahinga, kuko inda, umugongo, umukondo, eka n’amabere vyose vyari hejuru. Hepfo, uyo mwigeme yambaye aka "jipo" aho biboneka ko ataco akambariye kuko ataco kahisha, vyose vyaboneka.
Avuye hasi aja gutamba hoho, n’agahuzu ko munsi y’ako kamanyu k’ijipo yiwe karaboneka. Eka n’ubwoko bw’intambo baca batamba bambaye izo mpuzu buratangaje, ntawuzi ko iyo ntambo ivana n’impuzu baba bamabye. Aka n’akarorero kamwe muri bwinshi. Ivyo rero bikaba vyabera imbere y’abitavye ibiteramo barimwo abana n’abavyeyi, eka n’urwaruka.
- Abantu isinzi bariko barorera
Aba n’abandi bakibaza ni ba ari itera mbere ry’umuco ndundi canke ari gutituka kw’umuco.




- Intambo ziyobeye


Cherif Nkeshimana
Messages
20 Myandagaro 2014, 09:04, par Ndayishimiye
Abajejtwwe umutekano barakwiye kuraba,benaho habera mwenivyo,bitaramo abobiyambik’ubusa bagafatwa
20 Myandagaro 2014, 13:06, par augustin
jewe mbona ko bambaye neza ibigezwe ho vy’iki gihe ariko bariya bakobwa bafise utuguru tutaberanye n’ivyo bambaye wagira ngo n’imirisho y’ingoma
21 Myandagaro 2014, 06:39, par Cyriaque
None abo bigeme ni abanyarwandakazi?
22 Ntwarante 2015, 19:17, par Jean’claude niyibona
Icombona mwobahagurukira nayubundi nibara!!!
22 Ntwarante 2015, 19:19, par Jean’claude niyibona
Icombona mwobahagurukira nayubundi nibara!!!
10 Ndamukiza 2015, 06:36, par Ndayimiye j.pierre
J E NIYUMVIRAKO ARUKUGI NABANDI BAKOBWA BABABONE BAZE BARA NKUKO
10 Ndamukiza 2015, 06:38, par Ndayimiye j.pierre
J E NIYUMVIRAKO ARUKUGI NABANDI BAKOBWA BABABONE BAZE BARAMBARA NKUKO
15 Gitugutu 2015, 08:26, par Minani
N-ibara Kumuco W-uburundi.
7 Munyonyo 2015, 21:42, par chris-bizos
ni shetani ituma babikora
24 Rusama 2016, 13:55, par ndikumwamimi anaclet
iyaba ari ibishoboka kanyoni akagaruka vyarenze!!! nibara!
17 Gitugutu 2016, 22:38, par Gakuba
Icyontekerezahokwiyinkurunuko Tworekagufatubuzimankubgacyu
7 Kigarama 2016, 07:51, par Hakizimana Jean Claude
Ni hatari
19 Mukakaro 2017, 06:17, par Citegets Therance
nanje Naraye Mvuye Kwnda Umunt
20 Ruhuhuma 2018, 12:01, par egide nkuriyingoma
Andika hanoasha vyarenz igipimo.gus ubny umukbw yambay ubusa ucurek kugma umwiyumvra ukarab ibib vyakujanye