Accueil > Amakuru > umutekano > Abakozi babiri b’ishirahamwe VIETTEL bahiye baratokombera
Abakozi babiri b’ishirahamwe VIETTEL bahiye baratokombera
lundi 9 Ntwarante 2015
Abakozi babiri b’ishirahamwe Viettel nibo bahiye baratokombere, igihe bariko baraduza ibiti, bicako intsinga z’uwo muhora.
Abo bagabo babiri bari mu bakozi batobato, bakaba bahiye igihe bariko baraduza ibiti vy’iryo shirahamwe, bimanikwako intsinga, zifasha mu gutumatumanako amakuru. Kimwe mu vyuma vyari kuri ivyo biti, caciye gikora ku rutsinga rwa REGIDESO, baca bafatwa n’umuyagankuba, baca bitab’Imana, babanje gusha, baratokombera. Mw’ishirahawe REGIDESO rero bavuga ko ishirahamwe VIETTEL batigeze basaba ko bogabanirizwa umuriro, kugira bashobore kuduza ivyuma vyabo vy’uguhana amakuru.
Abanyagihugu babonye ivyo, hamwe n’abarokotse muri abo bariko baramanika ivyo vyuma muri komine ya Rohero, bagasaba ko iryo shirahamwe ryoza riravugana na REGIDESO, kugira abantu ntibabandanye bahasiga ubuzima. Basaba ko iryo shirahamwe ryofubisha abo bitavye Imana, nayo imiryango yabo igakurikiranwa.

Aristide Nizigire
Messages
10 Ntwarante 2015, 02:49, par Nuwera
Ibibabaza nivyishi gose!.
14 Ntwarante 2015, 00:21, par kira
Imana ibakire bapfuye babaye
17 Ntwarante 2015, 20:56, par Kingjoe Ildephonse
Mbega u Burundi gushika ubu ntimuramenya ikintu n’ikindi kweli kandi ingorane nukutaja kw’ishure kabisaaa.