IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abakozi bo mw´igendereza bagirizwa guhohotera bimwe biteye ubwoba (...)

Abakozi bo mw´igendereza bagirizwa guhohotera bimwe biteye ubwoba abafashwe

jeudi 16 Mukakaro 2015

Imiduga y’ibiyo vyirabura niyo abanyagihugu batandukanye bo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko ibatwarira abantu, ikabanjana mu bibanza bakubagurirwamwo na bamwe mu baporisi bimwe biteye ubwoba.

Iyo miduga yibonekeza rimwe rimwe ku nkengera z’amakomine yabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bameza ko iyo miduga itagira parati igisibije. Bamwe mu bamaze gufatwa batwarwa aho bita kwa Ndadaye, canke mw´igendereza aho bakubagurwa cane, imbere y’uko bashikanwa mu mabohero atandukanye. Nk´uko bamwe bavyivugira abamaze gushikanwa mw´igendereza canke kwa Ndadaye, ni uko bakubitwa buyoka, bakanaturirwa ibihimba bimwe bimwe.

Amakuru yemezwa na bamwe mu bantu b’igitsina gabo bashikanywe mu biro vy’igendereza, n’uko babohwa ku bitsina vyabo, abandi bagaturizwa ubumara bwa Acide, mu ntumbero yo kubemeza ku nguvu uruhara bagize mu bihe vy’imyiyerekano. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko kwa Ndadaye atabantu bahakubitirwa nayo mu biro vy’igendreza ntiturabaronka ngo bagire ico babivugako.

Ariko abakorerwa ayo mabi yo guhohoterwa bakavuga ko izo modoka zigiramwo udusoresore tw’amanyama menshi. Abayaze n´ikinyamakuru IGIHE bakavuga ko batagira aho babivugira, narirya amaradiyo yaturiwe, abamenyeshamakuru bagahunga.

Mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, baremeza ko abafashwe, bakorerwa amabi atagira izina, aho bakubitwa bagashaya, ndetse na bamwe mubo bamaze kw’ibonera, bikaboneka ko bafise inguma, imirabu y’inkoni n’ibindi bikomere.


IGIHE

Messages

  • None ga mukama ntiwotabarubwoko bwaw?karashizingani umunt akubitw kugitsina?abo bomwigenderez ntibary ngobaryamir ejo nabo bazoshikirwa

  • None ga mukama ntiwotabarubwoko bwaw?karashizingani umunt akubitw kugitsina?abo bomwigenderez ntibary ngobaryamir ejo nabo bazoshikirwa

  • Abo Bomwigenderez Barindir gat ejo nabo bazoshikirw guturirumunt kugitsina pe!!! Buraca bugacanayand

  • NAGOMBA NDABAMENYESHE IVYO NIVYO JEWE KWA NDADAYE NAMAHO HAHINDUTSE I BIRO VYA NDAKUGARIKA ,WAKENYA, UWAMAHORO ,JEROME .NABANDI.....

  • Yoo!arik muribaza ga mwadusoresor twamanyama mugender muriyo miduga ko Imana itazobahana?nimurek gukoreshw ibntu bibi kk nimw muzovyishura ingero ugereramwo uwundi naw niy uzogererwamwo knd icudashakak bagukorer ntugkorer abandi abo bapolice nab ntibovyemerako biba mugb bamenyek ibih biha ibindi kandi isi irazunguruka ejo niyabazungurukirak ntibazokwicuz

  • Namba musenga musubize amaso inyuma muri Bibiliya nko mwisezerano rya kera. Ivyo turabisanga aho Abisilaheli bakuvagurwa bakicwa kungoma Ya Farawo. Ivyo rero biraba bikongera bikaba kandi bikazonavandanya. Ikinezereza nuko bifise umunsi bizoshira abana bIgihugu bakaba impore. Ivyo kenshi biba ngo abantu baze bibuke iyo bavuye bize bibe icibutso.Kandi hazobaho kubaha Imana kubazobikira. Ubundi twihangane ncuti nkunda. Kandi ntitukatogote kuko Imana irazi ivyo turiko turabona. Ariko igihe kitageze ntidutabarwa!!!!! Imana iri kunyuza abantu muruganda ngo ibigishe. Nitwamenya tuzofunga iryo shure dufise urupapuro rwumutsindo mukwihangana, gusenga, kubaha, gukundana no mukubabarana. Turindire rero kugera kure siko gupfa. Ndabakunda bene data.

  • ahubwo nibakubitwe bashaye ahubwumunt wose yagizicavuga kumukur wigihugu yarakwiy kwicwa!cane cane abagiye mumabarabara!

  • None ko bari bahenzwe reka bayabone igifise intago kigira niherezo.abari babatumye ubu barihe ntibajandajanda.

  • Ivyo bizoba kugeza igihe Imana izozira gutabara abantu bayo mwihangane Imana izohorera inzira karengane

  • biyemeje kugwanya leta reka babone ingaruka yivyo bakoze. basabe ikigongwe canke bahungire congo kuko bari gupfira ubusa. ese ubundi nkurunziza ayoboye bibatwara Iki? bagiye mû matora bagahiganwa bakamutsinda? Ubu ntibaraba KO abo banyepolitiki bari kubahenda batazanabibuka bamaze kwironkera ibibanza? ubundi se ni opposition ki? raba manifastation ibaye zéro; coup d état zéro; ama grenade zéro; rébellion zéro; diplomacy zéro; élection zéro. barundi twivyure bwakeye Nkurunziza yakirongoye kabisa

  • biyemeje kugwanya leta reka babone ingaruka yivyo bakoze. basabe ikigongwe canke bahungire congo kuko bari gupfira ubusa. ese ubundi nkurunziza ayoboye bibatwara Iki? bagiye mû matora bagahiganwa bakamutsinda? Ubu ntibaraba KO abo banyepolitiki bari kubahenda batazanabibuka bamaze kwironkera ibibanza? ubundi se ni opposition ki? raba manifastation ibaye zéro; coup d état zéro; ama grenade zéro; rébellion zéro; diplomacy zéro; élection zéro. barundi twivyure bwakeye Nkurunziza yakirongoye kabisa

  • emma

    ngobarahohotera abafashwe yooo gumahamwe mutekereze, ahubwo nuko turi muri democrasi nayahandiho abo kubibi bakoze bababakwiye kwicwa. Urazi abantu babuze ababo nivyabo namabarabara yigihugu baturiye? nibabafate babahane kuvyaha bakoze.

  • Ngwizomodoka zibazirimwo uduhungu twamanyama!!!???

  • Nibazako NKURUNZIZA Nawe azapfa kandi ntarupfu rwiza rubaho ntibyumvikana ukuntu wakwicabantu uko wishakiye ubeshya ko usenga imana yonyine izamwihanira.

  • Barundi ni mureme intwaro ya faraon ishigaj umwanya muto,ubwiw ngo yamaz guta umutw:inzira z’IMANA zogutabara abant bayo zirenga igihumbi.

  • Muracavuga ngo acide,mfise aba cousins banje batobowe ibikwashu muri penis ngo ni abana b’abamenja,bari bagifise 18 ans,aho hari kuri documentation ya bagaza,nimwivugire ivyo mushaka ariko ako kanyaro kazohera,bukebuke gusa.
    Baba baratekereza bakaguma mu nzu,ibinywamaraso bije mu ma barabara ,biturire abahutu nko mu 93,hanyuma babireke,nubwo ntavyo bazi iyo baba babizi ntiyari kuyagarukana bari kuyaca.

  • Ivyo mwavuze vyose birababaje cane,ariko tworema tugashira mungiro ivyanditswe vyiza biri mw’ijambo rya YEHOVA Yohani 17:3 mukurindira ko ivyanditswe muri Daniel 2:44 biranguka kandi ni ubu vuba nubwo mwogerageza kuvyirengagiza

  • Fiderit vyiza nivyah muri vyo ko abarundi mwapfuy nabi uri igipfu mu bandi

  • iyo mihimbiri yibaza kwariyo yiremye?

  • Emma Uribuk Ko Naw Wavuy Mwivu Kndi Ariyo Uzosubira Kandi Urucira Mukaso Rugatwara Nyoko Harigih Muzicuza Mubaye Nka Gahini Hamwe Yica Abeli.

  • fidelité,naho woba urumuhutukazi uzovyara umututsi cank uronk umwuzukuru w’umututsi"!
    abatutsi ntaruhara bafise mumatati ari i burundi kinogihe"!uritonda urabe"!
    umuti ,n’ukubana mum’amahoro twese kuko uburundi nubwatwese .

  • somari na fidelite basi mugeragez gutinya lmana yabaremye ico mutipfuza ko kibabako ntimucipfurize abandi basha iyi si twese tuyicako turenga

  • MBESE UBUNDI ABO BICANYI KUKI BAJYANWA GUFUNGWA. BATERA GRENADE ABANYAGIHUGU BATAROBANUYE NIYO MPAMVU BAGOMBYE KWICWA BAGIFATWA KUKO KUBAFUNGA NTANYUNGU ABARUNDI BABIFITEMO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.