Abantu 50 bafashwe hamwe n’ibikoresho vy’igisirikare n’igiporisi bitandukanye

Yanditswe na IGIHE
Kuya 28 juillet 2016 saa 02:31
Yasomwe : 162351
0 0

Abo bantu bari mu modoka zitatu zo mu bwoko bwa Hiace zose zikorera mu ntara ya Rumonge, ariko zikaba zari zivuye mu gisagara ca Bujumbura, bafatiwe muri zone Kizuka iri mu ntara ya Rumonge. Abo bantu bamanukanwe i Bujumbura kuri uwu wa kane, ku mvo z’amatohoza.
Abo bantu bose hamwe ni 49 bakaba bafashwe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, mu gihe bari bageze muri zone ya Kivuka, komine n’intara ya Rumonge. Uwundi agira 50 yafashwe mu gatondo ko kuri uwu wa kane, abajejwe intwaro bakavuga ko yari (...)

Abo bantu bari mu modoka zitatu zo mu bwoko bwa Hiace zose zikorera mu ntara ya Rumonge, ariko zikaba zari zivuye mu gisagara ca Bujumbura, bafatiwe muri zone Kizuka iri mu ntara ya Rumonge. Abo bantu bamanukanwe i Bujumbura kuri uwu wa kane, ku mvo z’amatohoza.

Abo bantu bose hamwe ni 49 bakaba bafashwe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, mu gihe bari bageze muri zone ya Kivuka, komine n’intara ya Rumonge. Uwundi agira 50 yafashwe mu gatondo ko kuri uwu wa kane, abajejwe intwaro bakavuga ko yari kumwe n’abo bandi bafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu. Muri abo bafashwe, harimwo umusirikare wo kw’ipete rya Capitaine yatorotse igisirikare c’Uburundi.

Bose hamwe bagizwe na 22 bavuka i Bururi, 12 bo mu Kayanza, babiri b’i Ngozi, babiri b’i Makamba, babiri bo mu gisagara ca Bujumbura, babiri bo muri Bujumbura bita rural, babiri bo muri Mwaro, umwe w’i Muramvya, hamwe n’abadereva batatu n’umwe bita "Convoyeur".

Abo bantu bafatanwe inkoho zine zo mu bwoko bwa Kalashnikov, gerenade indwi, amasasu 1669 akoreshwa ku nkoho Kalashnikov, udusandugu indwi twuzuye amasasu y’inkoho Kalashnikov, ibikono (Chargeurs) 12 vyuzuye amasasu akoreshwa ku nkoho Kalashnikov, imyambaro y’igisoda 11, imisipi y’igisirikare 12, inkofero imwe y’igisoda, imyambaro ibiri y’igiporisi yo kwirinda imvura, imyambaro itatu y’igiporisi kijejwe gucungera inzego (API), imyambaro 38 y’igiporisi, ipantaro imwe y’igiporisi, imyambaro 39 y’igisirikare (Tenue de combat), ipantaro zitanu z’igisoda, imyambaro ine yambarwa mu myimenyerezo ya gisirikare (Tenue d’exercice), imyambaro itandatu y’amashesheti y’igisirikare, hamwe n’udutu 12 tw’urumogi.

Abo bantu bavuga ko buririye imodoka mu zone ya Kanyosha, mu gisagara ca Bujumbura, bakaba bari bagiye mu ntara ya Bururi.

Bose uko ari 50, bamanukanwe mu gatondo ko kuri uwu wa kane i Bujumbura n’iyo miduga barimwo, hamwe n’ibikoresho bivugwa ko bafatanwe.


Kumenyekanisha

1
Yote 3-08-2016 à 18:22

Aboba Sanibaratinibahanwe

2
Egide 2-08-2016 à 11:34

amatohoza nakorwe intahe ikore .

3
Niyinzigamye Claudine 1er-08-2016 à 21:25

Ico Nobivugako Nibazo ko Mwobagirira Ikigonge Ok

4
Busarwe 1er-08-2016 à 17:02

umugambwe uri kubutegetsi muburundi warigeze kuba ufise igisoda muri congo. twebwe turabonako intambara izova kuburongozi bubi bwa cndd efdd ukonuguhumamaso abarundi itohoza ritangurire mubutegetsi hanyuma rije kurundi ruhande.

5
Le Sage 1er-08-2016 à 12:08

Qu’il pleuve, qu’il neige, le régime Nkuru finira par céder sa place. Des victimes, oui, il y a en aura, beaucoup même. Mais fin de fin, les Burundais jouiront du beau temps ensoleillé...
Nkuru pense-t-il être éternel ? Prend-t-il le temps de penser àsa fin ? M. le Président veuillez prendre le temps de lire le livre d’Ecclésiate.

6
mzoyihera intagoheka 1er-08-2016 à 09:21

Ngobafashe ikirobere iryonirementanya ryateguwe na reta, izo nizambonerakure bahereje twatudendedende twuduhera go babafashe irementanya. jewe mudwi heze navuye ibujumbura mfata ibarabara Bujumbura makamba,igi porice nigisirikare bari buzuye watambuka gatatoya mukaba muhagaritswe nukuri ntakirwanisho wovana ibujumbura ngugishikane Bururi ! nkamutambara, murebwe mumonge yose ntiwocaruka nguri mumahiyaci. ukwibirwanisho bigenda canke bisafirishwa birazwi cane, nabo bariko barivugisha ngo bafashe ibirwanisho, barazi bakiri mwishamba barazi uko babisafirisha bavuye murikongo, canke muri Tanzania. ntamurobere afatingendo zimiduga uwo ntaba arumurobero, umurobere umuduga wiwe nikirenge azokwinjira imodoka iyo yatsinze urugamba, ukwo nukurementanya kwabobantu bankurunziza.

7
fred 31-07-2016 à 23:49

hhhh ,,,, utazi kugera ntagereranya ? utazi gusoma ntanamenya kubaza ? ubwo muri iyo nkuru hari President w’u Rwanda wanditsemo ? Yewe ntana presidend w’i burundi wanditsemo ,,, yewe ntana ijambo aba dd ririmo ,,,, iyo umuntu yicara agahimba abatari mu nkuru yanditse we mumwita iki ? Ese wowe wandika ibyo udasomye mukuru wiyita iki : ? Ge hari icyo nkubonamo ariko Ndavuga kuko mumuco wi’iwacu i Rwanda twihutira kumva no gusoma ariko tukirinda kuvuga ,,,,,,,,

8
Turabategerejye 444 31-07-2016 à 21:21

Izo Mujyeri Ziguma Zishigikira Kuba Mu Amabyi ; Kwiyumvira Ko Inteko Mva Makungu Zizoza Ngaha Iburundi Ninkokwiyumvira Gushyira Amabyi Mugikombe ! Wesha Mujyeri TARI , Imvugo Ya Ibihuna Uzayijyana Mu Iwese Ko Ariho Tuzaguhamba % , Turiyamirijye Bakavamahanga , Bashyaka Kuza Kuducyamo Ibicye , Uburundi Ntibumere Nka Libia , Abakunda Uburundi Kandi Tuzopfuma Dupfa Hako Uburundi Bugaruka Gutwarwa Nabadagi , Turiho Muduhe Mi 50 Tuzorasa Kugeza Kuma Ryamaraso Ryanyuma Ritibutse

9
Turabategerejye 444 31-07-2016 à 21:21

Izo Mujyeri Ziguma Zishigikira Kuba Mu Amabyi ; Kwiyumvira Ko Inteko Mva Makungu Zizoza Ngaha Iburundi Ninkokwiyumvira Gushyira Amabyi Mugikombe ! Wesha Mujyeri TARI , Imvugo Ya Ibihuna Uzayijyana Mu Iwese Ko Ariho Tuzaguhamba % , Turiyamirijye Bakavamahanga , Bashyaka Kuza Kuducyamo Ibicye , Uburundi Ntibumere Nka Libia , Abakunda Uburundi Kandi Tuzopfuma Dupfa Hako Uburundi Bugaruka Gutwarwa Nabadagi , Turiho Muduhe Mi 50 Tuzorasa Kugeza Kuma Ryamaraso Ryanyuma Ritibutse

10
Sina Ipeur 444 Sur F D N 31-07-2016 à 19:56

Aba Bashenzi 2 Bimburabwenge ; Uwiyita PATRIOTE Nuyu TARI Ni Udukoma Dukuga Ataco Turi Bugereho ! Imbga Y’umukoma Niyo Iguma Ikuga Umwanya Uwariwowose , Mbe Ako Kavuga Mubwinshi Ngo Twese : Turamaz Kumenya Lobelio , Twagatumye Kutuvugira ? Kitari Nako Kadyohewe Namaby ? Kurota Inteko Mva Makungu Ni Ukurota Ibyaboze ! Kuko Muburundi Hari Abagabo Ndizeye Ko Uwuzoza Wese Tuzomwotsa Tukamuha Inkona . Nibampe Mi 50 , Tuzorasa Kugeza Ima Rya Amaraso Ryanyuma Rikorotse

11
BAZINDYIKI 31-07-2016 à 16:11

Eh uca mukuzimu uca mukirere utwaye ibirwanisho ntantambwe muzoduterana

12
eric 31-07-2016 à 07:45

inkozi yikibi, umwasi wigihugu, jew ico novuga nibicwe

13
###### 31-07-2016 à 06:46

Ikibazo abashaka gutera Uburndi bagize ni uko umenga Imana nta kibanza ifise. Vyongeye bapfa amafaranga kuko ata ntumbero bafise

14
Patriote. 30-07-2016 à 20:22

Irementanya Ryino Reta Turarimenyereye !!Twes Turazi Ingen Robelion Igenda.Ntibaduhende !Eeew Rwanda Gwaragowe !!

15
tari 30-07-2016 à 16:21

Irementanya nkurunziza na karwi kiwe babonye bahinyutse kuko igisata ca ONU gishinzwe agateka kamuntu caraye cemejeko nkurunziza na karwi kiwe bahera imyimenyerezo imbonerakure muri congo none bariko bararonderera kuzimanganya ibimenyetso mugushaka gusamaza
Amakungu babeshera urwanda mukuvugako bafashe abarobi kandi atarivyo

16
Burundi 30-07-2016 à 15:26

Nibareke barohera nkifu yimijira.Bakina numuntu yavuye mwipoli.Naba bakubite intahe mu gahanga.Nabandi babone isomo.Nta ntambara muburundi igishoboka nuwubipimye ntarengana.Jewe mbabazwa nabo bagihendwa.

17
Beto. 30-07-2016 à 15:11

Ntakindi Bakwiye Nimubice Kuko Nabo Baribagiye Kwigisha Ubwicanyi Abandi.

18
Beto. 30-07-2016 à 15:09

Ntakindi Bakwiye Nimubice Kuko Nabo Baribagiye Kwigisha Ubwicanyi Abandi.

19
###### 30-07-2016 à 10:50

Ewemwe Nigorane Kubona Umutu Agerageza Kurondera Abantu Yotwara Kugwana Arihenda Yooo Turahagaze Nka I

20
CALIXTE 30-07-2016 à 09:03

NIBAFAT,IZOMAWA NTANTAMBWE BAZODUTERANA

1 | 2 | 3
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha