Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu 54 bafashwe bagiriza gutyoza inzego z’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu 54 bafashwe bagiriza gutyoza inzego z’igihugu

Abantu 54 bafashwe bagiriza gutyoza inzego z’igihugu

dimanche 21 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera kuri 54 bahagaritswe n’igiporisi c’Uburundi ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu, ku kabare bita "Ku Kaguru" kari kw’ibarabara ryitiriwe "Boulevard de l’UPRONA" mu gisagara ca Bujumbura. Bose hamwe bapfungiwe mu gasho k’igendereza mu gisagara ca Bujumbura.

Mu gihe bariko basangira ibinyobwa n’imfungurwa, abandi bari mu rubanza, abantu bari mu bunywero bita "Ku Kaguru" niho babona abaporisi benshi binjira muri ico kibanza, bahagarika abantu bose bari muri ico kibanza, n’amaterefone ngendanwa yabo arafatwa.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abo bantu bafashwe bagirizwa ugutyoza inzego z’igihugu c’Uburundi, babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi (Whatsapp). Mu giporisi bavuga kandi ko abo bantu bariko bagirwako amatohoza, mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

Mu giporisi bamenyesha ko inyuma y’amatohoza, abazoba ataco bagirizwa bazorekurwa, basubizwe na terefone ngendanwa zabo zafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo nukubafata bikomeye haraharawe ivyo bita ngoni groupe, gushika yaho uza ubona ubutumwa utazi iyobuvuye nimubafate kabisa

  • ABANTU BARAKWIYE GUHANWA MUGABO MUKARABA NEZA NTIHAGIRE ABAZIRA UBUSA

  • nomba mugwaye mumutwe na obama atwara amerika aravugwa nkatswe aba boyi bose .

  • Noneho ibyo ntabwo byunvikana musigaye mufata abantu bibereye mukabari

  • Oya.Abo Bapolice Bakwiy Guhanwa Kuko Barenganig Abant Ataco Bazira Amerika Nirabe Ibarenganur Ndaz Vyamenyekany Hose Barabe Batabar Abana Buburundi

  • Abatutsi 54 nibo bafashwe buriya babeshyerwa

  • VYukuri Gufatwanivyiza Ariko Sinumva NKabo Bariko Barifatira Agacupa Ingene Bofatwa Nkubu Harigihe Usanga Arababoyi Erega Iterefone zirabesha Nukuri nimurabe Mubakure Mugasho

  • VYukuri Gufatwanivyiza Ariko Sinumva NKabo Bariko Barifatira Agacupa Ingene Bofatwa Nkubu Harigihe Usanga Arababoyi Erega Iterefone zirabesha Nukuri nimurabe Mubakure Mugasho

  • Oya abonikubahana kuko ivyobakora nivyobavuga barabishiramungiro none komumaze kwumva mubindi bihungu abantu batuka indongozi murabona bavuga ngo tuzobica bagaheza bakabishira mungiro bakabica? Ariko aha iwacu baratuka indongozi zigihugu bakanazibwira ngotuzobica bikagirako bakazica nivyomwiboneye , ndabasavye rero ko mwomenyesha Isi yose ko muburundi hariho abafashe ukutarikwo icitwa Democratie ikibabaje nuko nibihigu bizineza ukwo Democratie ikora binona umuntu yishe uyundi mubihugu bikiriminzira yamajambere nomizira uogutsimbataza Democratie bikacabibura kubasigurirako ata Democratie ibaho yokwica nogutukana makavyitiranya nicobita mururimi rwicongereza ngo freedom to speech ukibaza ukuntu umuntu yogira uburenganzira bwokurarikira noguhamagarirabandi kuzaguturira abantu nokwica bikakuyobera!.

  • Uyo avuga ngo Amerika n’ibarenganure, mbe yibagiye ko Uburundi bwikukiye? Mbe burya mushaka gusambura inzego z’iguhugu ngo mushaka gutwarwa n’Amerika? Yewe, amenyo araguseka rayawe pe!

  • Hemwe igihe co gupfina caraheze, ubu abamenyereye imikino y’iremankanya ayo babikwa harazwi naho nyene. Burundi oye!!! Burundi vyuka? Le temps de recreation est fini.

  • Il FAUT TRAQUER TOUT LES MUJERI QUI ONT DANS LEUR TETEs la nostalgie de tuer les HUTU comme leurs parents on fait en 1972

  • nta kujabuka urubibe kandi n’ubunywero ubu ngubu burabujijwe, telephone ngendanwa zirabujijwe, maintenant on devient esclaves dans le burundi finalement.

  • jewe nibaza KO démocratie arukubahiriza burimwe ukwari .nkeneswabo batyoza ninzego twitoreye .murimake baba btyozigihugu.uwokwagirwa nivyakwiye guhanwa . kandi namwe banyarwanda rabivyiwanyu murène gutumwanya kukiwanyu ishyamba siryeru namba.

  • jewe nibaza KO démocratie arukubahiriza burimwe ukwari .nkeneswabo batyoza ninzego twitoreye .murimake baba btyozigihugu.uwokwagirwa nivyakwiye guhanwa . kandi namwe banyarwanda rabivyiwanyu murène gutumwanya kukiwanyu ishyamba siryeru namba.

  • @Turaje!ufite ikibazo gikomeye, muzakomereze aho naho twebwe tunaendelea kwa kuungana kaama wanyarwanda,thx

  • noneho murasaze neza neza musigaye mubuza abantu kujya kuri whatsapp ? hhhhhh hasigaye kubuza abagabo kwiyendera abagore babo .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.