IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu 6 bakomerekejwe n’amagrenade yatewe mu gisagara ca Bujumbura

Abantu 6 bakomerekejwe n’amagrenade yatewe mu gisagara ca Bujumbura

jeudi 25 Ruheshi 2015

Igisasu co mu bwoko bwa Grenade catewe mu gisagara hagati i Bujumbura,hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, kuri uno wa kane igenekerezo rya 25 Ruheshi,2015.

Ico gisasu catewe nk’igihe c’isaha zitanu hafi y’ahazwi kw’izina ryo kwa Inakanyana,hafi y’ibanki y’ubudandaji BANCOBU, mu gihe hari abariko barapakurura isima bayinjiza mu bubiko.

Abantu batandatu nibo bakomeretse, benshi muri abo ni abasanzwe bakora akazi ko kwikorera imizigo. Umuryango ujejwe gutabara imbabare Croix Rouge ukaba waciye uhashika uca ujana abakomeretse mu bitaro vyo mu gisagara ca Bujumbura.

Ayo masaha nyene, iyindi Grenade yatewe mu kibanza citiriwe ukwikukira hafi y’ahakorera ishirahamwe ryo gutumatumanako LEO. Umuntu umwe niwe vyabonetse ko yakomeretse.

Gushika ubu, abateye iyo Grenade ntibaramenyekana, ariko abari ngaho bavuga ko yoba yatewe n’abantu bari mu modoka y’ubwoko bwa TI.

Mwomenya ko kuwa gatatu, igenekerezo rya 24 Ruheshi,hari ikindi gisasu categuwe n’igisirikare ku kraro c’uruzi Muha, hafi y’ikambi y’abasirikare bita PM.
Umuvugizi w’igisirikare Colonel Gaspard Baratuza yavuze ko ubwoko bw’iyo Grenade bateguye, idakoreshwa mu gisirikare c’Uburundi.

Messages

  • Ibibint Hari Hagez Aho Barund Turuhuk Kk Amaras Yamisiyos Araturambiy.

  • MAMAYANGUWE!!! IZOMBWA ZIRATUMARA ARIKO GAYEMWE AHABANYEPORITIKE BOKWIHIGANIYE BARONDERA ABANYAGIHUGU BATOBATO EMWE VYAPORIKE BIRAYOBEYE MANA DUTABARE UDUKURE KWIZI MBWEMBWE

  • ariko ivyuburundi namananiza ahorero bashaka kuvugako abatemera ikiringo cagatatu aribo batera ivyo bisasu kandi bitera abapolise naneha gaspar wewe yavyumyu ngo igisasu categuwe ngo ntigikoreshwa mugisirikare c.uburundi vyunvikane ko arabatemera ikiringo cagatatu ivyo reta yuburundi igira bizoteba bijahabona peee.!!

  • Umva ndababwire mwabantu mutera amagerenande hamwewowitera ugasange itenye abiwanyu canke nyoko ibereyoku yitera banzawiyuvire kwaza wosanga ahu uyiteye usange nyoko nihari wonyohegwa abobantubabatuma barabahendaok bye nitwa platnumz ndabakebuye mwabagambo sawa bonjourn

  • Gutwara igihugu bisaba ubumenyi,ntushobora gutwara igihugu atamashure ufise ngukoresheje inguvu,nguyambira abantu ivyo sivyo bikenewe.

  • MBEGA AMATO AZOKWITABWA NA BANDE KO ABOYITAVY BAGUMA BAKOMERETSWA ABAND BAKICWA.NIMUBICE MUZOTWARA IBITI KUKO N’INYONI ZIZOHUNGA .ABAVUGA UKURI NIBABANDANYE

  • BIRABABAJE,BIRATEYE AGAHINDA KUBARUNDI B’UMUTIMA

  • ABO BAGESERA BARATUMARA

  • BASHA WAMUKOZI WIMANA ATI PITA BAIRIRANIYAMASEZERANO NASHETANI KO KUGIRAGUMATWARA KO ATEGEZWA GUTANGA INGUNGURU 4 ZAMARASO YABANTU KWERI TUZOHAVA DUSANGARIVYO NONABO BAZIRIKI? EWE NKURUMBI UZOGENDA TURUSHE

  • BIRABABAJE,BIRATEYE AGAHINDA KUBARUNDI B’UMUTIMA

  • Ni Dutabaranye Tugabanye Akajagari Kugira Bikunde Kwicungerera Umutekano.Birumvikana Ko Alchababu Yadushitsemwo.Baca Boroherwa Kuko Basanze Twacanyemwo.Reta Nikore Ibishoboka Ntihagire Ibisasu Bibandanya Kwiha Inkumbi.Natwe Dufatane Mu Nda Nubwo Tutazi Abatera Ayo ma Grenades.

  • Ariko none igisirikare kirashigikiye ubwicanyi nkubwo ga mana ? Kuberiki batobwira peter areke kwitoza ntibabona ko vyose ariwe abiteye? Vyerekana ko ninzego z’umutekano bashigikiye ubwicanyi bubera mu burundi. Abo bantu bariko barazira iki?

  • N’ukuri Namabanga Ntawovyihagani Igihungu Gitebekimere Nkigindatahamwo Abagabo Nibara Ntakundirekendupfunkinyamaswa.

  • Izo nizanyakumeneka ngo ni Ibipfagundu vy’Imbonerakure bihaye bitikiza inganda! Ewe peter ugombutembagare nabi asha we nakarwi kawe muragowe narirya mbona nicegera cakabiri cawe Gervais Rufyikiri yatangaje yuko nawe yaguhunze kubera ugomba kwiha ikiringo kitajanye n’amategeko uragowe ubu usigaranye willy nyamitwe na Alain nyamitwe na adolphe na kazungu na bunyoni! Mbe bamwe bama bahenda Abarundi ngo nabatutsi ngo bagumutse ubu naho muraca muvuga yuko na Rufyikiri arumututsi? Mwarahinyutse sha umwicanyi ntagirubwoko peter uragowe I la Haye muri CPI barakurorereye nawamuhungu wawe wari wajanye muri ISCAM mbe ngo wagomba azosohoke ari sous lieutenant ngo uce umuha Igihugu umupfumu yakuraguriye yaraguhenze sha! Imyaka yo kwigumiza k’Ubutegetsi yararenganye sha uragowe warikwegeye!

  • aha,uwo rero ni wa mutekano birigwa baravuga?

  • Ew abatavuga rumw na reta basaz guter amagrenand nn bashaka amatora ntab kobaguma badutera ubwoba ew rwasa na leonc na pacifiqu bwir abo mwatumy ntibasubir gutera amagrenand twarabahinyuy nkubu mushaka konon igihugu habavy mwigir hanz allah ababon ivyo murko murakora

  • mana uraduhevye duhonere muburundi nudutabare umugabo umwe aratumye dupfa

  • Ngw’Imbonerakure zahawe ibirwanisho! Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka. Ubuturaje tubanze tubareke mwiyerekane mwebwwnyene ubwanyu, mazetuzoheze tubahagurukire bimwebiboneka.

  • Nimureke Bene Data Imana Izishura Mumisi Irimbere!Naramuhanuye Uyumugabo Wanje Arananira,ariko Rorere Mwihanganye Vyose Bizorangira!!!

  • muribuko.nomuri.2010.Hatewe.Amagenade.Rwasa.Avuzeko.Avuye.Mumatora

  • NIVYO ABA DD BASHAKA KUNYA AMARASO YA BENEWABO BARIKO BARUZURA IDA ZABO MUGABO HAZOGERA URUKWAVU RUFATA IMBWA

  • Que dire des imbonerakure!tout est clair maintenant.tout cela etait planifiee depuis longtemps,maintenant chaque individu sait ce qui est un imbonerakure:opposant au president.

  • Mbega mbaz uwo wese ari mu migabwe yaba iyitari kubutegetsi cank cank ishaka kujayo cank ushigikiy umwe muriyo abo bari gupfa nabanyepolitique cank abo nabanyagihugu basazwe nimba aribo none ninde yozana umwizero kubanyagihugu nuyo yiyamamaza abandi bari gupfa jew menyerey ko iyo hari umuntu cank abantu bapfuy haba kugandara nukubabara bidasazwe ariko abandi ubu baja kwitambira imiziki yimigabwe aho rero nitumeny ko azogandara hamfuy uwo mu muryango iwiw ariko ww ushigikiy ivyo menyako uzobabara hamfuy uwaw uzomenya ko nabandi babara ariko abo wakurikira bikunda can gusumba uko uzi ko bagukunda reka turek guta akaranga murakoz

  • igih kizogera aho aba batera amagrenade bazomenyekana.kuko uwicisha inkota nawe azicishwa iyindi.uwariwe wese azogaragara

  • BIRABABAJE NAKAMUNA NONE TUGIYE KUBA ABANDE?MANA DUSHIRE MUMINWE YAWE.

  • NKUMUVYEYI PACIFIQUE..VITAL IBI BINTU MURIKO MURAKORA MUMENYE KO MUZOBIBAZWA...IVYO TURABIBABGIYE MUBIMENYE MUBIMENYERE IBI BINTU MUZOBIBAZWA MUTISUBIYEKO NGO MUREKE KWICA ABO BANYAGIHUGU.
    NONE NKABO BAPAKIRA CIMENT MURIKO MUBAHORA IKIRINGO VYUKURI????

  • sha muburundi hasigaye ari muri somalie ariko,ivyo vyosi bizohera

  • NONEKUGEZUBU BIGEZEHE UMUKURUWIGIHUGUNTIYOVAKO AKABISABANDI?????

  • ncuti zacu muri bj pol sana simwe mwabishats IMANA irababona komez gusenga harumusi biza shira

  • Jeweburya hariho abantumukinatishakwica mukibaza ngonikintu gishobora kuzokuvako utabanje kubona ingarukambi! Abantubaritorango: Twaramubwiye Peter arekekwitoza aranka ngonarindire rero tumwereke, jewe nkibaza nti: Ububwicanyirero tuvugekwaribamwe badashakako Nkurunziza yitoza barikobarabukora? Mbega nibabaribo cobarikimenyetso cerekana urukundobakundabarundi ukorungana babicishije mukubahondagura? None umujunyawukwo Nkurunziza yabananiye bawushira mukumarisha amabombe abantu?

  • ibint bib ub bisig ubwenge.tugum kumav duseng Imana ihindur imitima y,abant bamw bamw.

  • Ivyonibabireke.Bizere Imana.

  • MANA TUBABARIRE UDUKURIREHO IZI RYANE ZIRI MUBARUNDI,ABO BAKOMERETSE NINZIRAKARENGANE BARYA BARINZE GUKORESHA INGUVUZABO,BARUNDI TWESE DUSENGERE IGIHUGU CACU.

  • Barundi Jew,icombona Nuko Twokomeza Gusenga Kugirangw,Imana Iduhishe Mumababa Yayo Kuko Iyisi Yaduhaze.

  • Nibarabe Ingene Babigenza Naho Abrundidunze Nimana Yonyene

  • VYOSE.TUZOBIRABIRA MWISANDUGU,YAMATORA

  • Ivyovyose Nimandat Yagatatu 3md

  • nibarabe, bunvikane kuko, kugwana siwomuti twamazegushira, imana imbere.

  • Kuva aha intwaro ya cami itembagajwe hakaza Republca nta mu presida numwe mu Burundi azorenza imyaka cumi.ico nicerekana neza ko u Burundi ari igihugu kidasazwe kandi kiri ku mungambi w’Imana ata muntu numwe azoza agashaka gukora ivyo yigombeye canke abgiwe nabapfumu,u Burundi rero buzokira neza uruko intwaro ya cami igarutse ksndi izogaruka niho amahoro azotemba mu gihugu,abarundi barihanze bose bu bgoko bgose bazotaha bazanye ubumenyi bginshi buzeteza imbere igihugu nabanyagihugu,abanyamahanga bazokwifuza kwitwa abarundi,hahiriwe abazobubamwo.

  • ABA BAMENJA BAMENYEKO TUTAZEMERAKO AKICENDA NA GATATU KAGARUKA NI BARINDIRE URUBANZA RWACU LUNDI TURUHEZE TUZOBIRUKAKO NO MURWANDA TUBASANGEYO KUKO SI MWIJURU NA SHAMBA RYA NYUNGWE NI KWISI.

  • bantu bimana mwicane mugabo namwe isi irababona kuko imana izabibabaza

  • Nukuri Iconokwibusta Ambobabisha Nuko Abiyuvirako Nguteragerenada Irivyovyosivya Amatora Barihezecane.Nomuri 2005 Barabaza Rwasa Ambabwireneza Yarafise Ingabomwishaba Zikomeye Mungabo Tivyakuzeko Amatora Ahangarara.Ukonunguta Umutwe.Mbehoho Harya Bazitera Habahari Inbonerakure?Uruciramukwaso Rungahitana Nyoko Kadi Go Wanka Abamtu Utaronga Ungasaga Bagwiriye.Ndutere Inda Abakemba Bavyare Inbonerakure Duzumugara Inbonerakure Turimaso Tunzobatwara Vyakwavyakuda.

  • BARUNDI BENE DATA NIMUZE DUFATANE MUNDA.UMUHUTU CANKE UMUTUTSI TURI BAMWE DUHANA ABAGENI DUFISE AMARASO AMWE TUVUGA URURIMI RUMWE.KIMWE GUSA NIDUKUNDE IVYIJURU IVYISI NTITUBISHIREK INDA NDENDE KUKO NTAHO TUZOSHIRANA

  • nugusenge ra notre pays kuko catabaguritse

  • Abobantu Bakorivyo Bibagiye Kwimana Iriho?Mana Yuburundi Ngarukira Uburundi Turagowe

  • pole bahungu ,muriko muzira abo mwitorey kandi muheruka gukubita ijisho muma tora ya 2010,ikibabaj nuko bariko bahekura imiryango ya nyarucari aho vyoguy kubatubuza amahoro bo bashiz inda zabo imber ,bahungu mwihangan,aba basesey amaraso bangara nka gahini

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.