Ishirahamwe Ligue ITEKA riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi rivuga ko abantu baharurwa kuri 71 aribo bishwe mu kiringo c’amezi atatu mu bitero bigera kuri 18 vyakozwe n’abantu batamenyekanye, kenshi baba bambaye impuzu z’igisirikare c’Uburundi, canke z’igiporisi.
Mu cegeranyo Ligue ITEKA yasohoye, bamenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante gushika kurya 1 Rusama 2016, abandi bantu baharurwa muri 61 aribo bakomerekeye mu bitero bitandukanye, iryo shirahamwe rikavuga n’ikinogo rusangi catowe mu ntara ya Ngozi, gihambwemwo abantu batatu.
Ligue ITEKA itanga igitigiri c’abantu bagera kuri 20 bahagaritswe, mu nyuma baburirwa irengero. Muri ukwo guhagarikwa n’ukuburirwa irengero, ishirahamwe Ligue ITEKA ritunga agatoke abakora mu rwego rw’igendereza hamwe n’abantu bambaye impuzu z’igisirikare hamwe n’iz’igiporisi. Nk’uko bishikirizwa na Ligue ITEKA, mu guhagarika abo bantu, babasanga muma karitiye yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, bakurizwa mu miduga ifise ibiyo bitabonerana, mu miduga idafise imparati ndangamuduga (voitures sans plaque d’immatriculation).
Kubwa Ligue ITEKA, mu banyagihugu bafatwa harimwo n’abahoze mu gisirikare.
Ico cegeranyo kiravuga kandi abantu bagera kuri 39 baborejwe igufa muri ico kiringo c’amezi atatu, n’aho nyene mu babikora hagatungwa agatoke abakorera urwego rw’igendereza hamwe hamwe n’abaporisi. Ligue ITEKA ikaba imenyesha ko muri abo baborejwe igufa hari abahavuye bitaba Imana.
Iryo shirahamwe risaba abo vyega bose mu bibazo biri mu Burundi ko boja hamwe kugira batore umuti w’ibibazo bihari. Reta nayo isabwa kwubaha, hamwe n’ukwubahiriza agateka k’abanyagihugu bayo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU naryo rigasabwa kudafata minenerwe amabi hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu biriko bikorerwa Abarundi.
MANA UHEZAGIRE ABANA BAWE KUKO BARIKO BARAHOHOTEGWA KANDI ABABIGIRA WAME UBIBUKA MUBUZIMA BWABO KAND UWUGIRIRA NABI UWUNDI NAWE AZOBISHUMBUSHA GATATU (AMEN)