IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu babiri bataramenyekana batowe ibiziga ku Mpanda

Abantu babiri bataramenyekana batowe ibiziga ku Mpanda

dimanche 21 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibiziga bibiri vy’abasore vyatowe mu gatondo ko kuri uwu w’Imana muri Komine Mpanda, intara ya Bubanza. Abanyagihugu nibo bazindutse babona ivyo biziga, baca babimenyesha abajejwe intwaro.

Abo bantu babiri bari bakiboshwe, bikaboneka ko batemaguwe n’umupanga, kuko bari bagise ibikomere ku mubiri wose, cane cane ariko mu mutwe. Umwe muri abo babiri akaba yari afise ibimenyetso vy’umuntu yanizwe. N’aho ata bibaranga vyatowe ahari ivyo biziga, vyaboneka ko bafise imyaka iri hagati ya 17 na 20.

Abanyagihugu begereye ahatowe ivyo biziga hamwe n’abajejwe intwaro ntibashoboye kumenya abo bantu, bikagorana kumenya namba abo bantu biciwe ngaho canke bazanye ibiziga vyabo kubihata.

Umukuru w’igiporisi muri Komine Mpanda akaba yasavye abajejwe intwaro gukwiragiza amatangazo, kugira barabe ko abo bantu bomenyekana, ariko mu kurindira ibiziga vyabo bikaba vyabaye birajanwa mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vyo muri Komine Mpanda.


IGIHE

Messages

  • ABOBANTU BALIKUGATWE KABASINDUHIJE NABABUYOYA. KUKONIBOBABITEYE. PELEKUBABUZE NABOIMANA IBAKILE MUBWAMIBWAYO.

  • ABOBANTU BALIKUGATWE KABASINDUHIJE NABABUYOYA. KUKONIBOBABITEYE. PELEKUBABUZE NABOIMANA IBAKILE MUBWAMIBWAYO.

  • Ubwo abobantu sabanyarwanda bababazanye ibirwanisho hanyuma bagatitara?

  • Aboba cengezi bavamu Rwanda bazagushirira Burundi, ahorero bamwe nabanyarwanda bababaje kuri mission ya Kagame abandi nabacangero atora mumakambi yimpinzi zabarundi ziri Rwanda barundi barundikazi dufise imiryangoyacu yahungiye murwanda kugira bazogaruke bakiribose ntimubigirire icizere kuko barimuri danger idasanzwe.
    Rekaniherinama abarundibacu bahungiye Rwanda : igihe muzobona babahaye mission yokuza gukorera ibibi mugihugu canyu camavukiro muzokwemere ariko nimwashika Burundi muzocemugira karyakantu turiko turababwira dukoresheje amasimu maze muzoba mukize Kagame natwe muntumbero yogukingira imiryangoyanyu isigaye murwanda kugira ntibayice tuzoca dutangaza kotwabafashe mufunzwe ariko mwebwe tuzobatubizinanye.

  • Muragowe Basha Ntimwitway Ivyo Twebwe Dukorana N Imana

  • Ntakundi Agapfuye Kabazwa Ivu Abobarimubandi, Baguma Bicwa Nimbonerakure Zankurunziza. Icokiringo Kizosigabake.

  • Basha abantu bagira ivyo barambabaje kuko satani azobatwenga nimwaheza kumukorera, hama ingero ugererako mugenzawe nawe niyo uzogererwako niko ijambo ry Imana rivuga

  • mbega ikibi cose imbones zikoze cagirizwa kagame!! ivyo bavyita ibimaramare

  • Jewe numva Kagame yoreka kugumahendesha ahomafranga abobana burwanda nabarundi maze tukamushimira kukontako atariyagize ngwadukureko Nkurumbi?
    Kuko ukobibonekana harabandibantu bafise ubukomezibwishi baciye bavyisukamwo ego natwe turafise abafise inkomezi badushigikiye ariko ntacotwoshikako kuko yocimera nkintambara y’Isi yose itanguriye Burundi.

  • Emwe Abantu Twarwira Imisoreye Tuzohabonera Mugabo Imana Yo Mwijuru Yo Mutananirwa Irakwiye Gutabara Ikatugirira Inbabaza Kand Ngo Ico Udashaka Ko Bakugirira Ntiwipfuze Kukigirira Mugenzawe Kandi Ntukigirire Mugenzawe Muraza Muraja Kumavi Musenge Imana Murakoze Yemwd

  • JEWENIYUMVIRAKARITWAROMBIIRIMUGIHUGUCACU.KUGIRANGOBABONEKARIPITA.ABITERA OYANAMBA BITERWANUBUKENE.CANECANE NUKUTUMVIKANA.

  • Reka njewe nobabaze ruriya rwaruka rugandagurwa ni abana ba Kagame Sinduhije cange Buyoya cange ni abarundi babavukanyi none ninde? ga bari ku gatwe ke,ni akamaramaza kuri nde? reka me hoho ubaterera ngo banze mu kibi n’ubagandagura iciza ciri he? Barundi ni muce akenge dufatane mu nda bizaca bihera.

  • Nubugizibwanabi ubutungane nibukore

  • @Tari,ibyo bintu uba uvuga ucunge sans utazakubitwa n’inkuba ,u Rwanda urwitondere uruvane muri ayo mateshwa y’iwanyu i Burundi

  • Yoooo! Imani imakire
    RIP to them

  • Birabaje Kweri None Bazirik? Imana Ibakire Mubwami bwayo!

  • @ Songs mbele Rwanda, inkubayoyo yarankubise bikwiye kuko barya bavukanyi banje babarundi mumaze guhitana barenga 400 umenyeko batari jewe Tari mbehoho wombarira ikibibaribaragukoreye? Sha mwabonye tubemereye ngodukorane none mubonye abacu mubarembeje muciye muduhindukirira!?

  • JEWENIYUNVIRAKOHOKOGWA-AMATOHOZA.YIHUTA.ABAKOZE—IRYOBARABAGAHANWA

  • Ahubwo,nimukore Ipereza Murabe,aboba Koze Icokibi.

  • Abobantu , barikugatwe kimbonerakure, kuko nibo bahawe ibi panga, abatawe ibipanga bahawe inkoho na magerenade yo kumarisha abanyagihugu. bitebe bitebuke ibisaka vyibwa bizosha, uko vyagenze kunterahamwe zomu rwanda niko bizogenda no kumbonerakure zirihano muburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.