IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu bane boba bapfuye mu myiyerekano hagati mu gihugu

Abantu bane boba bapfuye mu myiyerekano hagati mu gihugu

lundi 25 Rusama 2015

Abantu bagera kuri bane nibo boba bamaze kwitaba Imana barashwe, mu myiyerekano yabereye mu makomine atandukanye y’intara ya Bururi.

Iyo myiyerekano iriko iraba mu makomine ya Mugamba, Matana, na Vyanda muri iyo ntara, abaporisi bakaba barashe abariko biyamiriza ico kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Muri komine ya Mugamba abantu bane nibo boba bitavye Imana, nk’uko bivugwa na bamwe mu batumyeko imyiyerekano. Ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Pacifique Nininahazwe, akaba yashikirije ko abantu bane bishwe muri komine ya Mugamba, inyuma yaho abari mu myiyerekano kandi bacungerewe umutekano n’abaporisi, mu nyuma bakabihinduka.

Eka n’abo muri komine ya Matana barashwe, kugeza ubu ivyononekaye, bikaba bitaramenyekana. Muri komine ya Vyanda naho, abari mu myiyerekano bakaba bagerageje kuzibira imiduga ija mu gisagara ca Bujumbura, baca barashwiragizwa n’amasasu, aho bamwe birutse kwinyegeza mu cayi, no mu bindi bibanza.

Twobamenyesha ko hari n’amakuru atumenyesha ko mu ntara ya Bujumbura Rural, imyiyerekano muri komine ya Mukike yabaye. Mu ntara zo hagati mu gihugu imyiyerekano, ikaba itari iherutse kuvugwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • none tweho abari mugihugu hagati bashaka ntitwerekane akababaro dufise? uko rero nukugirango amakungu ntamenyeko nomuvyaro dushaka kuja muri manifestation ariko tukabura abadushigikira?nagira menyeshe abo baporisi yuko ababahenda ngonibabarase kobarikobabata mumanga!!!ntimukagwanye imyiyerejano kuko har’ico ibabwira%!!!KINANIRA CITY§

  • none aho igipolice ukukwez kizoroswa amafaranga kandi cahonyanze umuteka wa benegihugu? abari hagti mughugu nkabangiz courge

  • pasifike urubuga rwawe rurabesha kuko niho narindi jewe

  • Abamwiyamiriza ntazotumara, kuturasa singay arasigaza rumwe gwiwe.

  • Non, il a rectifie. Yasubiyemwo yandika ko hapfuye umwe abandi batatu bagakomereka cane.

  • Mugabo ndabivuge ngende abarundi muribijuju guhera hasi kugeza kumutwe none komuhendwa nabize ngo je mwibarabara nabo bibereye mubiro kuki batohitana imiryango yabo yose ngobajeyo ariko bagahindirayo abapeyiza muri tono vide nimujijuke vibuzimu mujibuntu uyukurushamafaranga agutwarimbwa kandi wihanginzovu kunya ugatabuka abarundi murahona abize barabahenda mwabijujumwe cankamasasu ntayomuzi inda woyibazuwayirayeko ahomwonyegeye erega urya numusoda ntawe muzoshobora amasasu arabica

  • Ijamboryimanaritubwirayuko,ivyotugomba Tubibwiraimana Mugusenga ,hamwenokuyinginga !Arikomwehosikobiri.!!

  • KUBERIKINONEIYOMYIYEREKANOITOHEBWA?EREGABANYAGIHUGUNIBOBAHASIGAUBUZIMA

  • KUBERIKINONEIYOMYIYEREKANOITOHEBWA?EREGABANYAGIHUGUNIBOBAHASIGAUBUZIMA

  • Abahutu b’i bururi nobahanura guhaguruka mukirarira ,abatutsi barabafyeta kumwe kwo muri 72,nyangoma yabahenze ngo mukorane n’abatutsi ,ubu bwa vuba abo batutsi barabagarura akenge nyangoma nawe yiraramiye i bulaya n’ama familles yiwe!!!Fatanya na police kugwanya iyo migumuko si non murahonye mutahagabiye!!!

  • izina niryomuntu ngoyitwa ngo vuganeza mbe uriyumvirako harumuntu agiteranwa nubwoko rekura iyomandat .imyakacumi utoteza abo utwara wiba wica mbe atari ugusubiza uburundi inyuma Raba turi. abanyuma mubutunzi amakungu adasibagutanga amamiliar ajahe?gendasha tupime abandi

  • je ngira niyame iyo mbwa yuzuyemwo amacakubiri yiyita ngo vuga neza,mbe ga wambwa yamacakubiri ko nama numva ufite ivyiyumviro vyogutera abahutu n’abatutsi ubwo ntubona ko ufise umutwe wuzuyemwo ubujuju,wibagiye ko umutwe w’ubujuju uruhisha amaguru??amacakubiri wifuza gushira kuri bene murundi azagukurane.

  • @franck et mbaza
    Mbega ko munsarirako ,ayo macakubiri ko mumbeshera ni je nayashizeho ko nakuze nsanga micombero yaramariye abanje,bagaza akatubuza kwiga,buyoya akatumarira abacu akatwangaza,mbega burya yarigeze abaheramwo mwa binywamaraso vy’abatutsi?Peter yari yashize hamwe ubwoko bwose ntimwatevye kwerekana ko muri abicanyi mwihereje amabarabara muturira abahutu mu ma pine ,ababoyi mumarira ku buhomba,ba feruzi babimaditseko murisasiye izuba ryaka hanyuma ngo ni jewe ndayazana,munkureko induru,iyo mandat ntituyirekura cour constitutionnelle irabimwemerera.
    Mama jeeeewe,mbe wewe uvuga ngo ntawugiteranywa n’amoko wavutse ryari canke wakuriye he,ooh usanga uri mu bwa buhutu bwihomeka ku batutsi ngo ni abagenzi,attend abahutu nkamwe ntimuzosubira kudutesha umwanya mudusubiza inyuma,inzara iri mu binebwe nabo turabazi ni abirigwa basutamye ntibarondere,abandi birigwa basutajwe ku ma barricades babura kuja gukora,laissez tomber ayo macakubiri sije nayashizeho kandi sije nzoyakura moi je ne fais que dire la réalité,iyo mandat ya kabiri ya peter nimuyigwanire ariko nkuko yabivuze iyo mihimbiri iri ku ma barricades bazoshikirwa ryari ngo babe aba perezida?Mais aah oui,nari nibagiye ,bazoja muri gouvernement de transition ubu bwa vuba,pacifique na vital perezida,uwundi vice peresida,umwe yaturira wa mwana mwi pine abe ministre de je ne sais pas qoui,vraiment reka kumoka iyo mandat nimuyitwake!!

    Mon dieu qu’est ce que j’adore ce site!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.