IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Tanganyika : Abantu 3 bapfuye 60 bararokoka mw’isanganya

Tanganyika : Abantu 3 bapfuye 60 bararokoka mw’isanganya

lundi 12 Nzero 2015

Abantu batatu nibo bapfiriye mu kiyaga Tanganyika basomye nturi nk’uko bivugwa n’umukuru w’igiporisi c’i Kigoma mu gihugu ca Tanzaniya, mu gihe ubwato bwava i Kigoma buja i Burundi bwagirira isanganya mu kiyaga hagati.

Jafarye Mohamed umukuru w’akarere ka Kigoma mu giporisi, avuga ko abantu batatu batowe ibiziga basomye nturi mu kiyaga Tanganyika, nayo abantu bagera kuri 60 bararokoka mu bwato bwagiriye isanganya muri ico kiyaga cari gipakiye imizigo. Umuyaga rero mwinshi woba wari mu kiyaga Tanganyika mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Nezro, ukaba ariwo woba watumye haba iryo sanganya kuri ubwo bwato vyavugwa ko bwariko buragana igihugu c’Uburundi.

Ariko rero abategetsi ba Tanzaniya bakavuga ko gupakira bakarenza imizigo hamwe n’abantu biri mu bikunda gutuma haba amasanganya menshi mu biyaga vy’ico gihugu. Aha mu giporisi ca Tanzaniya bakavuga nk’isanganya ryabaye mu kwezi kwa Gitugutu umwaka uheze aho abantu batatu bafiriye muri ico kiyaga basomye nturi, mu gihe mu mwaka w’2013 kandi hapfuye abantu munani, abo bose bakaba bapfuye kubera kurenza urugero mu gupakira imizigo n’abantu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.