Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyagihugu ba zimwe mu ntara zo hagati mu gihugu mu myiyerekano
Abanyagihugu ba zimwe mu ntara zo hagati mu gihugu mu myiyerekano
lundi 4 Rusama 2015
Intara za Bujumbura, Bururi na Mwaro zatanguye imyiyerekano, aho amwe mu makomine y’izo ntara yazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Komine ya Kanyosha, Mugongo-Manga na Mukike zo mu ntara ya Bujumbura, ziri mu myiyerekano, aho ariko abanyagihugu babujijwe n’igiporisi. Abanyagihugu bo muri komine ya Mukike bakaba bagiye buhoro buhoro guhura n’abi Mugongo, kugira bahurire mw’i Jenda, bagire nabo imyiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo ca gatatu. Abanyagihugu ba komine ya Matana mu ntara ya Bururi bo, bakaba batanguye iyo myiyerekano kuri uyu wa gatandatu, naho baciye bashwiragizwa na’abaporisi, babiri barakomereka, hamwe n’umuporisi yakomeretse. Muri komine ya Rusaka mu ntara ya Mwaro, abanyagihugu baho nabo bari mu myiyerekano, biyamiriza ico kiringo. Ariko rero amakuru duhabwa na bagenzi bacu bari muri izo ntara, ni uko igiporisi kitabakundira ko bagira iyo myiyerekano.
Tukabamenyesha ko abanyagihugu bo ku Muyira mu ntara ya Bujumbura, bashatse kuza kwifatikanya n’abo mu gisagara ca Bujumbura, ariko abaporisi baca babazibirira kuri kaminuza y’igihugu iri i Kiriri.
Aristide Nizigire
Messages
4 Rusama 2015, 13:06, par sicyaso
tugomba kwiyamiriza uwo wese agomba gusubiza igihugu cacu mumaraso amaraso twayaronse tuyahawe n amasezerano ya Arusha ninayo mpamvu tugomba kuyashigikira barundi, barundikazi nimuve mwese hasi mwiyamirize ako karwi kinkozi zibibi gashaka ko twongera kwangara.intara zose duhagurukire icyarimwe ntanimwe isigaye turwanye manda ya 3 ya Nkurunziza ,Adolphe,Bunyoni nabandi.......
4 Rusama 2015, 14:16, par niko james
ba baporona bashigikiye concilie bo muri mugongomanga mwumva bageze he?abantu bafashije gusambura iporona, bamwe bimai mayuyu bakwirikira cndd.fdd mwomenyera bagiye kubuza abiyerekana muri mukike na mugongo manga. hahaaaaaa ba giteruzi na ba hakiza hariya.
4 Rusama 2015, 15:01, par hakizimana
murabigira mwibukako imisi ibaheranye kumbura mubwire abo babatuma mwibarabara ati naho turi mwibarabara namwe muribuka kujana ama dossier yanyu muri CENI nimuzohave mubura imbwa nimbgembge. kuko naho mwokwambara ivyasi canke muturire arya mapine yose yirya miduga iri mugisagara mukinda mugaramye canke mubikinda canke mwicaye mumenyeko amatora azoba nakabuza kandi azoba meeeeeeeeeeza cane ivyanyu bizoherana niyindwi.
4 Rusama 2015, 17:51, par MELCHIADE
Mbega Mwibaza Ngobari Bangahe Sinkehwa Ni Bamwe Bo Kwasinduhije Nta Muporona Yarimw O Urya Yaragiye Gusohorabana Muri Lyce Yari Ba Giteruzi Pfa Mwipfane Akaguma Kari Muri Za Komine Tutobewe Ariko Nahonyene N,abatukisha Benshi Aribake Mukike Mayuyu Nyakibari Ruhororo Mutobo Muzi Kamujumaritse Bikanka Nahandi Ni Bien Vuga Watohoje
4 Rusama 2015, 22:41, par gilbert
aaaaha narekur namb atabona azikoma barik bamuturirirako ama pineu ikiriri aragab jodas nawamupolic kumusaga bomucirumugani ayumunyagihugu ashavuye
5 Rusama 2015, 15:03, par PHILIP
Emw nukugaragaz umubabaro turab ko harico hinduka arko dukora dusenga ahand ho ndabona ko igihugu kiganimanga hasigay ah ’Imana.
5 Rusama 2015, 15:04, par PHILIP
Emw nukugaragaz umubabaro turab ko harico hinduka arko dukora dusenga ahand ho ndabona ko igihugu kiganimanga hasigay ah ’Imana.
5 Rusama 2015, 15:09, par PHILIP
Mana tabara uburundi nabarundi