IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abaporisi bagirizwa kwiba amafaranga mu bushikiranganji bw’umutekano bari (...)

Abaporisi bagirizwa kwiba amafaranga mu bushikiranganji bw’umutekano bari imbere y’ubutungane

vendredi 21 Ntwarante 2014

Amafaranga aherutse kwibwa mu bushikiranganji bw’umutekano w’abanyagihugu haraciye iyinga, abayivye boba bamaze gufatwa, nk’uko umuvugizi w’ubwo bushikiranganji abimenyesha.

Ayo mafaranga aherutse kwibwa mu bushikiranganji bw’umutekano, yari yatwawe habanje kubomorwa ahasanzwe hari ububiko, ariko kandi abasirikare basanzwe bari bahacunze, bakaba barahawe imti isinziriza, aca aribwa. Amatohoza rero, akaba yarabaye, abakoze ubwo bubisha, umwe yarafashwe arapfunzwe. Abandi nabo bariko barabazwa kuri ubwo bunyonyezi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano akavuga ko imiriyoni 86 arizo zibwe, aho akabeshuza amakuru atangwa na bamwe, avuga amafaranga yibwe yoba ari menshi kuruta aho. Ikindi, ni uko, ayo mafaranga yari ayo guhemba abasanzwe babazanira ivyo bakoresha. Ayo mafaranga rero, akaba yibwe, umurwi umwe umaze guhembwa, hari hasigaye uwundi murwi. Umuvugizi w’ubushikiranganji akaba avuga ko bizeye ko abivye ayomafaranga, buca bamenyekana.


IGIHE

Messages

  • Ayo yaranyurujwe atacamira!Ninde mwabonye abika amahera angana gurtyo mu nzu?Ama chèques ntakibaho?Turabimenyereyeko ubusuma bwiganje muri abo bantu!

  • C’est plûtot du côté de la corruption qu’il faut chercher, Nul part au monde il n y a aucune institution publique qui paie 86 millions en cash. La semaine passe c’est un Colonel du cabinet du Ministre qui s’est fait voler des millions.
    Probablement qu’il s’agit d’un montant qui devait servir àremercier les policiers qui ont fusillés les militants du MSD.

  • KUNTWARO YA CNDD FDD NTACO TUTAZOBONA UMUGANI UWURAHO MGO NABADO NABADO KWELI NDABABAJWE NABENE WACU BARINGAHO.UBWO ABO BATEGETSI BARIYUMVIRA YUKO URUPFU RURIHO?

  • Reka gutwenza abantu.amatohoza yo mu burundi afata abataribo agakingira inkozi zikibi.batubwire amazina yabo bari bamaze guhemba ,abasigaye nivyo bari bashoye batwereke ryari bari babahaye isoko yivyo barishe.bavuze ko hari hasigaye kurihwa abantu batatu dusabe olucome idufashe tubimeny.reka reka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.