Accueil > Amakuru > umutekano > Abaporisi bagirizwa kwiba amafaranga mu bushikiranganji bw’umutekano bari (...)
Abaporisi bagirizwa kwiba amafaranga mu bushikiranganji bw’umutekano bari imbere y’ubutungane
vendredi 21 Ntwarante 2014
Amafaranga aherutse kwibwa mu bushikiranganji bw’umutekano w’abanyagihugu haraciye iyinga, abayivye boba bamaze gufatwa, nk’uko umuvugizi w’ubwo bushikiranganji abimenyesha.
Ayo mafaranga aherutse kwibwa mu bushikiranganji bw’umutekano, yari yatwawe habanje kubomorwa ahasanzwe hari ububiko, ariko kandi abasirikare basanzwe bari bahacunze, bakaba barahawe imti isinziriza, aca aribwa. Amatohoza rero, akaba yarabaye, abakoze ubwo bubisha, umwe yarafashwe arapfunzwe. Abandi nabo bariko barabazwa kuri ubwo bunyonyezi.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano akavuga ko imiriyoni 86 arizo zibwe, aho akabeshuza amakuru atangwa na bamwe, avuga amafaranga yibwe yoba ari menshi kuruta aho. Ikindi, ni uko, ayo mafaranga yari ayo guhemba abasanzwe babazanira ivyo bakoresha. Ayo mafaranga rero, akaba yibwe, umurwi umwe umaze guhembwa, hari hasigaye uwundi murwi. Umuvugizi w’ubushikiranganji akaba avuga ko bizeye ko abivye ayomafaranga, buca bamenyekana.
IGIHE
Messages
21 Ntwarante 2014, 13:49, par Kabizi
Ayo yaranyurujwe atacamira!Ninde mwabonye abika amahera angana gurtyo mu nzu?Ama chèques ntakibaho?Turabimenyereyeko ubusuma bwiganje muri abo bantu!
21 Ntwarante 2014, 18:45, par RUSWA
C’est plûtot du côté de la corruption qu’il faut chercher, Nul part au monde il n y a aucune institution publique qui paie 86 millions en cash. La semaine passe c’est un Colonel du cabinet du Ministre qui s’est fait voler des millions.
Probablement qu’il s’agit d’un montant qui devait servir à remercier les policiers qui ont fusillés les militants du MSD.
21 Ntwarante 2014, 23:11, par Alain
KUNTWARO YA CNDD FDD NTACO TUTAZOBONA UMUGANI UWURAHO MGO NABADO NABADO KWELI NDABABAJWE NABENE WACU BARINGAHO.UBWO ABO BATEGETSI BARIYUMVIRA YUKO URUPFU RURIHO?
22 Ntwarante 2014, 22:03, par Gezaho
Reka gutwenza abantu.amatohoza yo mu burundi afata abataribo agakingira inkozi zikibi.batubwire amazina yabo bari bamaze guhemba ,abasigaye nivyo bari bashoye batwereke ryari bari babahaye isoko yivyo barishe.bavuze ko hari hasigaye kurihwa abantu batatu dusabe olucome idufashe tubimeny.reka reka