Accueil > Amakuru > umutekano > Abagandaguye Hafsa Mossi babanje kugonga imodoka yarimwo
Abagandaguye Hafsa Mossi babanje kugonga imodoka yarimwo
mercredi 13 Mukakaro 2016, par
Umushingamateka Hafsa Mossi yagandaguwe arashwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016, nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu, aho akaba ari mu gihe yari ageze muri zone Gihosha, ibarabara "Nyankoni".
- Hafsa Mossi yarakoroye amosozi umunsi agendera impunzi z’Abarundi ziri i Mahama mu Rwanda, akabona ubuzima izo mpunzi zibayemwo
Abanyagihugu begereye ahabereye iryo bara bamenyesha ko yarashwe n’abantu babiri bari mu muduga wo mu bwoko bwa TI, ufise iparati ndangamuduga yo mu gihugu ca Tanzaniya. Abo banyagihugu bavuga ko iyo modoka yari yakurikiranye iyarimwo umushingamateka Hafsa Mossi asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Bageze aho kw’ibarabara "Nyankoni", iyo modoka yagonze iyarimwo uwo mushingamateka, nawe yugurura ikiyo c’imodoka kugira abaze ibibaye. Umwe muri abo bantu babiri bari muri iyo modoka yaciye amurasa amasasu mu mutima, akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet. Mu guhunga, abo bantu barashe ayandi masasu menshi bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov. Hafsa Mossi yasandavye ageze ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge, aho yari atwawe kuvurirwa.
- Hafsa Mossi aganira n’impunzi z’Abarundi mw’ikambi y’i Mahama mu Rwanda
Hafsa Mossi yarigeze kuba umumenyeshamakuru wa BBC, mu nyuma y’aho akaba yagenwe kuba umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu mwaka w’2005. Inyuma y’aho yarabaye umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, yongera aba umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko.
Hafsa Mossi yavuka mu ntara ya Makamba, akaba yitavye Imana ku myaka 52 y’amavuka. Yari mu bashingamateka baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahojeje umuryango wiwe hamwe n’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, avuga ko ari uruhombo rutagira uko rungana ku gihugu c’Uburundi.

IGIHE
Messages
13 Mukakaro 2016, 17:51, par ndihokuwayo rojer
abarundi turahomye indongozi yukuri
13 Mukakaro 2016, 18:01, par leon
Birababaje twihangane twese,harigihe bizorangira ababikoze tukababona kumusi wimperuka nabo bakamaramara.
13 Mukakaro 2016, 18:06, par imbonerakure
Basha burya wosanga nawe nyene yari MUJERI. Mugabo imbonerakure ntaco zimaze, kandi Tari ni ikijuju.
13 Mukakaro 2016, 18:44, par fredm
warimvugakuri muvyey iman iriho wabikoz wese bazohura ni mana
13 Mukakaro 2016, 19:03, par niyokwizera josué
tusigaye mumubabaro ntangere abarundi
13 Mukakaro 2016, 19:06, par Amuri
Mwa ba DD mwe mbe murazi ko muva amaraso!!!!!!! Twabimenye kera ico mwamuhoye camaze kumenyekana uwambere abifisemwo uruhara ni Nyamitwe na Rwasaaaaa
13 Mukakaro 2016, 19:13, par roza kamikazi
none nukuri igihugu cacu cuzure mwo abapfakazi n’impfuvyi, urwaruka rwaraheze,none ga yesu we ntiwodutabara ko tugeze aho umwansi ashaka, ntamuntu numwe agifise umutima munda ugenda weraguza hirya nohino, none igihugu cacu cabaye sodoma na gomora kubera abantu bagararije. nukuri imana idufashe idukureko izo nterahamwe.
13 Mukakaro 2016, 19:59, par Zubery
Nme Ga Yemwe Barundi Turilo Umuvumo Yooo Mana Ngwi Udutabare Kuko Uburundi Hmmm !!!Ntacomvuze
13 Mukakaro 2016, 19:59, par Dieudonné Ndikumana
Uwo muvyeyi arambabaje cane abamwishe n abansi b amahoro nubuzima bwakiremwa muntu,jewe ndamuzi kuva akirumenyesha makuru yaranezera yar umugore mwiza avuga neza aciye ubwenge mbega yemwe azize iki??!!
13 Mukakaro 2016, 20:01, par MUYAHUDI
HAAA!! EMW VYABINTU VYAWAMUVUGABUTUMWA GAKWAYA AVUGAKO HAZOPFA ABATEGETSI BENSHI NGIVYO BIRIKOBIRABA MANA DUHARIR IVYAHA TUGUKORERA UDUTABARE AKOKABI
13 Mukakaro 2016, 20:33, par jamvien
none bamuhoyiki?
13 Mukakaro 2016, 20:39, par DESIRE
UBURUNDI NTIBUKIRI IGIHUGU BWACICE NAHO GUSENGA IMANA
13 Mukakaro 2016, 20:57, par Arnaud
ntakundi IMANA imwakire
13 Mukakaro 2016, 21:07, par Nep
imana imwakire aba dd baza kumarana
13 Mukakaro 2016, 21:16, par Arcade Nibabona
Imana irabona uburundi nubwo harabantubamaz kuba nkintare muntama BIBILIA ABAROMA3:23 bose bakoz’ivyaha ntibashira ubwiza bw’Imana.arik’ Imana irababona kuko uguhora nukwayo ariko tuzetwubaha abaganza bible ivuga iti mwubaganza kuko atakuganza kutava ku Mana nn Nyamitwe na NAMUTAMA Rwasa barikobaziriki?
13 Mukakaro 2016, 21:17, par Nkunzimana François
Uburundi Burabuze Pepee!Mbe Bugana He?
13 Mukakaro 2016, 21:17, par Ndayizeye Richard
imana imwakire mubwami bwayo niyo ifise ukuduhora Irihejuru
13 Mukakaro 2016, 21:29, par Froid Gode
MANA YOMWIJURU WEWE WAREMYE IJURU N’ISI N’URABE AYA MARASO YINZIRA KARENGANA KUBERA UBUKUNZI BWINDA UGIRICUKOZE MANA NAYAHANDI IBIREMWA VYAWE BIRAGERAMIWE ! !
13 Mukakaro 2016, 21:44, par .
@ Muyahudi, Gakwaya yarikureka kubivugagute kandi hariho umuntu yariyamubwiye Ko harimwo harirwa uko Kagame yoteza jonucide mu Burundi.
13 Mukakaro 2016, 22:05, par micheli
IMANA IMWAKIRE MUBWAMI BWAYO ABAKORA UBWICANYI KUBWO NIBABIHEBE KUKO IJAMBO RY.IMANA RIVUGANGO UWICISHIJE INKOTA NAWE AZOKWICISHWA INKOTA MANA TABARA ABANA BAWE SATAN YAGANGUYE
13 Mukakaro 2016, 22:35, par Juma
GOBASEGIMANAMUMISI30izobeyerekamye,uwamwishe,kandizomuhana,pe’!’’’’’’’’’’’’’’’’’’’’’’’’
13 Mukakaro 2016, 22:36, par Juma
GOBASEGIMANAMUMISI30izobeyerekamye,uwamwishe,kandizomuhana,pe!
13 Mukakaro 2016, 23:28, par kana
Ariko aba bantu bazira iki? Emera kwicara hamwe basha mwubake igihugu atari aho muramarana kandi bidakenewe. Ibiganiro bivyara amahoro. Vugana ukuri hanyuma abanyagihugu turokoke. Namwe amahoro murayakeneye.
14 Mukakaro 2016, 00:34, par Manjo Godefroid
Imana Imwakir
Mubwami
Bwayo.
14 Mukakaro 2016, 01:21, par Burundi
Ndahojej umuryango wabuze.Ariko reta twoyisaba ko abategetsi bakwiye gukingingwa kuko nuruhombo kuko abamwise barondera nabandi batefetsi bakomoka kumugambwe uru kubutegetsi.Nibabahe ingabo zibarinde zikwiye kuko turinazo.Icokibazo tugihaye Se barundi agikemure.
14 Mukakaro 2016, 03:18, par Klose
NTAKUNDI,ESE IGIHAGARARO YARI AFISE!ABARUNDI TUGIYE KUBA NKA SUDAN Y’EPFO,SYRIE NA PAKISTAN
14 Mukakaro 2016, 04:35, par Boss
Mbega abarundi ni muhumuke Nyamitwe Na Bunyoni nibo bazingamitse uburundi mu murira babesha Nkurumbi NGO ntarekure ubutegetsi mbega ubu bavuga yuko arabategetsi bigihungu bifurinza amahoro abenegihungu canke ni Zina nugusahura abenegihungu sha zabandeba amaherezo ya ba DD
14 Mukakaro 2016, 05:15, par Jarubabel
Imana imwakire mubugingobwayo ariko abarundi twihanure duhebe ubwicanyi turahomvye incambwenge umuryango wiwe wihangane
14 Mukakaro 2016, 06:18, par CHARLES
REST IN PEACE
14 Mukakaro 2016, 06:42, par NKURUNZIZA THIERRY
NUKURI IMANA IMWAKIRE MUBWAMIBWAYO ABASIZEBIHANGANE
14 Mukakaro 2016, 07:58, par mzoyihera intagoheka
Turahojeje umuryango wabuze bihangane, Nkurunziza azoruhuka aruko abahejeje bose,aho amugandaguye ya maze gutera nuwumusubirira wumwicanyi karuhariwe nkawe.
14 Mukakaro 2016, 08:23, par slad clovs iradukunda
IMANA IMWAKIRE MUBWAMI BWAYO NAMUKUNDAGA
14 Mukakaro 2016, 08:26, par slad clovs iradukunda
ndababaye cyane gose Imana imwakire mubwami bwayo nzama mwibuka, kubyiza yagriraga abarundi nuburndi
14 Mukakaro 2016, 08:29, par slad clovs iradukunda
Imana imwakire mubwami bwayo, namukunda kandi nzama mwibuka
14 Mukakaro 2016, 12:03, par akana
ni akamaramaza kubona Deppite bamutwara gutyo anye!
14 Mukakaro 2016, 13:01, par NIRAGIRA FREDY RANY LOVE
Turababay Cyane Amosoz Yuvuy Mumaso Non Mu Burundi Bazorek Kwica Abakur Ryari?Imana Nitugarukir Ahand Ho Sinz Iyo Tugiy Kuj!
14 Mukakaro 2016, 15:06, par kenny alec
#IMANA imwakire mu bwami bwayo
14 Mukakaro 2016, 15:31, par Mikidadi
Aliye mu,uwa asizani anaheli amemaliza alico kitumwa na yeye watamu,uwa ili asitowi sili badae Afsa Mossi Allah amuweke mahari Pema Peponi Amin Amin Amin
14 Mukakaro 2016, 15:58, par Lili
Yewe ga Burundi!!!!!!!!!Imana ibatabare kabisa,muzabaze interahamwe mwiyambaje zatsinzwe uko byabagendekeye batangiye gusubiranamo...ubwo mutangiye kwica aba DD bene wanyu murakomerewe.
RIP Hon. Mossi
14 Mukakaro 2016, 17:13, par K.ESRON
AMARASO ASESEKA IMANA NTIZOYIHANGANIRA
14 Mukakaro 2016, 19:06, par Liberat
Yemw tureke imana mushobora vyose yikorere!ay marosi yakiremw muntu aguma asesek arafis ah ashikira n,uwuzoyabazw.Mana tabara uburundi n,abarundi.Imana imwakirane yose.
14 Mukakaro 2016, 21:40, par Barengayabo Epitasi
Nibakore Amatohoza Kurayoma Kuko Inzego Z’igihugu Zirageramiwe Cane! Ndahojeje Umuryangowabuze Ti Nimwihangane Ninteguroyimana! Ubushikiranganji Bwokwivun’ Abasi Nibugume Burimaso Mugohoza Zinamuntu Agihohotera Agateka Kazinamuntu
14 Mukakaro 2016, 22:06, par Audace Ntakarutimana
Mana Tabara Uburundi Bugz Ahatmba!!!
14 Mukakaro 2016, 22:07, par Manirankunda.Eliphaz
Nibareke Kwica.Abo.Batarevye.Imana Izobabaza.Nibagire.Ntimbaze
14 Mukakaro 2016, 22:15, par joshuwa joni
nukuri utagira ukungana
14 Mukakaro 2016, 23:29, par dis donc
Elle avait comprise que son governement mentais car elle a vu comment soufrait les refugiers qui ont fuis son propre pays et il ne faillait pas pleurée devans le publique et surtout devans les camera des chene Tv internationalles
15 Mukakaro 2016, 04:53, par JONI
ABARUNDI MUSIGAYE MURUCHA UMUNTU NIYO YOYOKORA ICAHA IKIBAZOCIWE SUKUMWICA ARIKO NAMWEBARUNDI NTAHURA AHO WAVUYE MURACAPFA ABOBANTUYARIRIRA NINDE YARIYABIRUKANYE
15 Mukakaro 2016, 06:06, par CYRIAQUE
None ga basha aha ntimubona ko kugira ubutegetsi bubi bizodukorako twese, none nkrumbi ntimubona ko ategekwa na nyamitwes na bunyoni, uyu muvyeyi yazirana na nyamitwes kubera yagiye mu rwanda agakorora amosozi aravye ingene impunzi z’abarundi zimerewe. None ko mwama muvugga ngo u rwanda ruteza umutekano muke, n ahamuzovuga ko ari u rwanda?maraso aze abahame mwa ntumva mwe zaba DD
15 Mukakaro 2016, 06:08, par CYRIAQUE
None ga basha aha ntimubona ko kugira ubutegetsi bubi bizodukorako twese, none nkrumbi ntimubona ko ategekwa na nyamitwes na bunyoni, uyu muvyeyi yazirana na nyamitwes kubera yagiye mu rwanda agakorora amosozi aravye ingene impunzi z’abarundi zimerewe. None ko mwama muvugga ngo u rwanda ruteza umutekano muke, n ahamuzovuga ko ari u rwanda?maraso aze abahame mwa ntumva mwe zaba DD
15 Mukakaro 2016, 16:08, par P.ANTOINE
MPOJEJE UBURUNDI NABASHINGAMATEKA HAMWE NIMIRYANGO YIWE, JEWE UKO MBONA .IZO NOMERO ZIYO MODOKA NIZO BIYANDIKIYE KUGIRA NTIBAMENYEKANE . NASABA YUKO LETA YOKWIGORA , KUBATEGETSI BISUMBUYE IKABASHIRIRAHO ABABACUNGERA .NAMA NUMVA NGO :KANAKA BAMURASHE , NGO YARUSIMVYE KUBERA ABAMURINDA BATANYE MUMITWE NABAGIZI BANABI . JEWE NDAZI KO ATANKOZI YIKIBI IZOTSINDA UMUSODA CANKE UMUPOLIS. MURI VYOSE IMANA IMANA IJE IMBERF IDUFASHE
15 Mukakaro 2016, 18:30, par Jamari
Imana.Imwakirane.Iteka.Abobantu.Babikora.Baragowe.Nibahebe.
16 Mukakaro 2016, 13:20, par Shukuru tumaini
imana imwakire mubwami bwijuru amen !!!
16 Mukakaro 2016, 19:36, par eglove
haa!? uwica wese abikore amenya yuko nawenyene ataguz urupfu. amenye ko iyo bukey ark umusi wiw wogupfa uba ushits cnk umwegereje. amaraso ya hafsa mossi abe kumutw wuwo wes yagiz uruhara mwiyicwa ryiw.
16 Mukakaro 2016, 22:38, par Jean Claude
Mbe Abarundi Twaravumwe?Nonebamuhoy’iki?Ewemanagarukira Uburund.
17 Mukakaro 2016, 22:07, par JONATHAN
Mana garukira abarundi
23 Mukakaro 2016, 11:20, par Claude Ingabire
Nikovyama Muburundi.Umuvomo.Amagogwa.Abapfa Bagumabapfa.Ariko Ababikora Baragowe.Cane!!!!!!!! Ubuhapfa.umwumwe.Hanyuma Ni100 cank500 KUMUSI Ndabasabe Muze Dusenge Imana twihane neza,abicana nabakirisu barashavuza IMANA,IGIRA IDUTUBARE VUBA IRUNVA KANDI IRISHURA NABO BAGIRE ICOBABONA .BIVANYE NUMWUMWE WESE ICOYAKOZE IKIBI CAKE VYIZA UMWEWESE ACAMENYA ICO YAKOZE. IMANA ITURINDE IBIVYOSE AMEN,
13 Gitugutu 2016, 08:49, par niyonkuru
nakamaramazarikoharihoXurubanza-ryimana