Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagandaguye Hafsa Mossi babanje kugonga imodoka yarimwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abagandaguye Hafsa Mossi babanje kugonga imodoka yarimwo

Abagandaguye Hafsa Mossi babanje kugonga imodoka yarimwo

mercredi 13 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushingamateka Hafsa Mossi yagandaguwe arashwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016, nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu, aho akaba ari mu gihe yari ageze muri zone Gihosha, ibarabara "Nyankoni".

JPEG - 31.3 ko
Hafsa Mossi yarakoroye amosozi umunsi agendera impunzi z’Abarundi ziri i Mahama mu Rwanda, akabona ubuzima izo mpunzi zibayemwo

Abanyagihugu begereye ahabereye iryo bara bamenyesha ko yarashwe n’abantu babiri bari mu muduga wo mu bwoko bwa TI, ufise iparati ndangamuduga yo mu gihugu ca Tanzaniya. Abo banyagihugu bavuga ko iyo modoka yari yakurikiranye iyarimwo umushingamateka Hafsa Mossi asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Bageze aho kw’ibarabara "Nyankoni", iyo modoka yagonze iyarimwo uwo mushingamateka, nawe yugurura ikiyo c’imodoka kugira abaze ibibaye. Umwe muri abo bantu babiri bari muri iyo modoka yaciye amurasa amasasu mu mutima, akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet. Mu guhunga, abo bantu barashe ayandi masasu menshi bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov. Hafsa Mossi yasandavye ageze ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge, aho yari atwawe kuvurirwa.

JPEG - 184.7 ko
Hafsa Mossi aganira n’impunzi z’Abarundi mw’ikambi y’i Mahama mu Rwanda

Hafsa Mossi yarigeze kuba umumenyeshamakuru wa BBC, mu nyuma y’aho akaba yagenwe kuba umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu mwaka w’2005. Inyuma y’aho yarabaye umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, yongera aba umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko.

Hafsa Mossi yavuka mu ntara ya Makamba, akaba yitavye Imana ku myaka 52 y’amavuka. Yari mu bashingamateka baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahojeje umuryango wiwe hamwe n’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, avuga ko ari uruhombo rutagira uko rungana ku gihugu c’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.