IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abari mu myiyerekano ntibarota bahagarika amarondo

Abari mu myiyerekano ntibarota bahagarika amarondo

mercredi 13 Rusama 2015, par Jean De Dieu

Kubera ikibazo c’umutekano kiri mu gisagara ca Bujumbura,mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ,abanyagihugu bafashe ingingo yo kurara bacungereye umutekano ku mabaraba,bakoresheje gutambika imigozi.

Benshi bavyita amarondo.Vyatanguye gukorwa inyuma yaho hatanguriye imyiyerekano mu makomine agize igisagara ca Bujumbura.Ayo makomine ni,Cibitoki,Buterere,Nyakabiga,Bwiza,Musaga na Kanyosha.
Hageze igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba,umuryango wose utegerezwa guserukirwa n’umuntu umwe muri ico gikorwa.Ico gikorwa gisa naho baciyumviriyeko imbere yo kugikora, kuko hariho umuntu afise igikorwa co kugenzura nimba abategerezwa kukijamwo bose bitavye.

Mu gihe hari uwuba muri ivyo bice adashobora kuronka umwanya wo kuja kwifatanya n’abandi,asabwa kurungika uwumusubirira canke agatanga amafaranga angana ibihumbi 50 vy’amarundi.

Ico gikorwa gitangura isaha cumi na zibiri z’umugoroba kigahera isaha cumi na zibiri z’igitondo ku munsi ukurikira.Uwuhaciye hagati yayo masaha asanzwe ataba muri ako gace ategerezwa kwisigura agatanga ibimuranga,mu gihe abateye amakenga baca bamushikiriza abajejwe umutekano.

Iyo hagize urwamo rw’amasase y’inkoho rwumvikana,abari kw’irondo bose basabwa guca bavuza urwamo,aho ngo ni muntumbero yo kumenyesha uwuba arashe ko abantu bari maso,muri uwo mwanya nyene kirazira kwatsa amatara yo hanze.
Naho umushikiranganji wo kwivuna abansi General Pontien Gaciyubwenge yari yamenyesheje ko igikorwa co gukora amarondo kirekuriwe abajejwe umutekano bonyene,abanyagihugu bo muri ivyo bice bavuga ko ivyo ataco bibabwiye,kuko bobo bagomba kwicungerera umutekano wabo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.