IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abashingwamanza baratewe amakenga n’umutekano wa Dieudonné Bashirahishize

Abashingwamanza baratewe amakenga n’umutekano wa Dieudonné Bashirahishize

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura rumenyesha ko rwaguye mu gahundwe bumvise ko umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yahunze igihugu kubera abantu bataramenyekana bari bamaze iminsi bamuhiga buhongo. Muri urwo rwego basaba Reta yokwubahiriza umutekano w’abaharanira agateka ka zina muntu, nk’uko biri mu masezerano mpuzamakungu yateyeko umukono n’Uburundi.

JPEG - 18 ko
Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize

Iminsi indwi iraheze hatanguye kuvugwa ko umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yahunze igihugu ku mvo z’umutekano wiwe yatinye ko wohungabanwa n’abantu bari bamaze iminsi bamukurikirana, bakaba mbere baranashije ku rugo iwe barafata amasanamu y’umuduga wiwe.
Nk’uko yahunze ivyivugiye, amanama yo kumugandagura yoba yari amaze gutunganwa, bashaka kumuhora ko yoba ariwe yatumye umugambi wa Reta w’uguhindura uko agafashanyo kahora gahabwa ku banyeshure ba Kaminuza za Reta udashoboka. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yoba yagira azizwe ko ariwe yahora yereka abanyeshure ba Kaminuza ingene bariko bararenganwa mukubaka agafashanyo bafitiye uburenganzira, akanafasha n’ugutegura inzandiko zarungikirwa abategetsi batandukanye. Mu gihe Dieudonné Bashirahishize yigeze kuba ariwe arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure ba kaminuza ASSER (Association des Etudiants de Rumuri) akiri umunyeshure muri Kaminuza y’Uburundi, yoba yagira azizwe ko ariwe yagumye arindisha abanyeshure, abereka ingene bofatana mu nda mu kurwanira uburenganzira bwabo bw’uguhabwa agafashanyo.

Mu rwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura bamenyesha ko nibamara kuronka ivyemeza bikwiye bazoshira ahabona amazina y’abantu bivugwa ko bakorera urwego rw’igendereza bari bamaze iminsi bahiga buhongo umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize. Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa gatatu, Gabriel Sinarinzi, umukuru vy’imfatakibanza w’urwego rw’abashungwamanza b’i Bujumbura avuga ko iryo burabuzwa ry’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize gushika aho ahunga rijanye n’ingendo yo gushaka kuzingamika urwo rwego, ariko agakebura ababigira ko bashobora kuzokenera abashingwamanza nabo umunsi bohohoterwa.

JPEG - 34 ko
Gabriel Sinarinzi, umukuru vy’imfatakibanza w’urwego rw’abashungwamanza b’i Bujumbura

Urwego rw’abashingwamanza rusaba Reta ko yokwubahiriza ibwirizwa n’ayandi masezerano mpuzamakungu yateweko umukono mu bijanye n’ukwubahiriza abarwanira agateka ka zina muntu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ariko nubwumuntu yobarikwararonderwa mugihe atakibiyakoze ntacatoroka! Erega hariho abarengukishwa imbereyubutungane bagasanga barera bakabareka bakitahira,nonentabomwamamubona bamabitaba ubutungane bagasangabarera bakabareka bakitahira? Ariko mweho nugushirurwamohejurungo mutewubwoba nuko mugenziwanyu arikwarahirwabuhongo harihigihugu kitagira abarengutswa imbereyubutungane!? Arikomwebwe mugumana kakantumwafunditse kuko iyi reta muzokora ukomushoboyekwose mpaka muyanduje canke muyambitse ibara kw’Isiyose, ndababwirako ubanabipanga kwambika ibara abavyeyi bikabagenderaneza nibake nubwubonamengo ntacovyamukoze hagatiyiwe n’Imana ibararibaryaraguye.

  • Mbe wewe wiyita Nyina kuko Mama nuwamvyaye, ahurakomeye? je nibaza ko urigikoko nico kitagira ubwenge Gute woguma hamwe ngo urindiriye kurengutswa imbere y’ubutungane uriko uhigwa buhongo? washaka hazorenguke ikiziga imbere ya sentare. Arakabona anyaze amagara, ntaza kurinda abafise cachet, kachot, imbunda, ubuhiri,n’ibindi

  • My friend , we are very ashamed to hear that bad newS concerning Mr Bashirahishize. You know? that repressive Government is not the everlasting one because through its actions, something hopeful may arise at any time.
    You may ask me how and when?
    How?: abarundi ntibazoguma bareze amaboko mugihe hari bamwe bariko baratotezwa kubera ivyiyumviro vyabo canke imigambwe yabo,ari naco gituma umusi uri zina bazohagurukira rimwe bakaja mwibarabara bakiyamiriza ubwo butegetsi.

    When? : igihe niki, aho ako karwi kabategetsi bake ataco bakigera umutwe, aho kwica nogusahura babigize ubuhizi. Yamara ngo ikibwirwa nicumva icerekwa nikibona. ONU yari yabiciye akajisho ariko ntimwashatse kukabona.aho bukera muzosaba abo mwimye kandi abo muriko murirukana nibo bazozibacira. Nivugira ahasigaye nahanyu. gusa The ALMIGHTY PROTECT OUR BURUNDI.

  • Ahubwo ntavyo azi guhunga,azoce agumayo ntazogaruke,abo barufyiri,vital.pacifique,nambonimpa.abonabone bakwiye kumukurikira,niho vyoba arivyiza caaane,na Leonce nawene arakwiye gusangayo pancreas na sinduhije iyo mubazungu baroye,kuko ububurundi umengo burabanukira,ahubwo nimugende muriruka kugira ntimupfe kuko mwebwe mufise amaraso aryoshe gose gusumba ayabandi barundi,hinduka !!.ayo manyanga yanyu ntashingiro agifise mwik’Igihugu c’Uburundi.namwebwe mwyita Burundian,BURUNDI BUHIRE namwebwe raba mubahanvye iyo mubazungu barikwiruka Baja,nayahandi muzobandanya muyogora gushika kumusi wanyuma,nimuje kubikogwa mureke gusamazwa nabo banyamayeri.abo nibagakwavu babigira nibigirankana,ariko musa numwana w’igitazi akinira mubiziba(muvyondo).

  • @Burundian, jewe Imana yandemye yagize umuntu nonewewe urahinduye ic’Imana yangize unyise igikoko!? urumvarero ntakuntu wofata uw’Imana yise umuntu wewe ukamwita igikoko ngohanyuma ugirubwoba bwokwagiriza abandi kobariko barahiga umuntu ngobamwice! Ivyo uwomugabo yakoze vyogufasha canke kugirinama baryabanyeshure biryantivyotuma bamwica, nabakora ibibi birenze ukwemera nkokwagiriza abandi ngobarikobarategura genocide ntawubakorako baridegemvya’ handese uwo yariko aragirinama burundibwejo! Gusa nokugirinama abantu uvyitwayemwo nabi harahowosanga winjiye mukwigisha ubugarariji mugihugu birasabwa ubikorere mukibanza kizwi ukirinda kubikora winyegeje, urabonankubu ariko arahunga atawumwirukanye, ashoborakuba wenyene yibonamwo gufasha baryabanyeshure akongera akibonamwo kwigisha kugarariza, mbentimuziko hariho ikintuwokora kikitwakibi kandicariciza bivanyenuburyo wagikozemwo!?

  • mbega yemwe!!Burundians you are not serious at all and that’s why you are still far behind in all developmental sectors!!!mbega abarundi niki twohaya mufise canke mukora,uretse uburyarya,amarementanya,ubwicanyi,ishari etc nta kindi!muratubangamiye muri Afrika yacu!

  • ABANDIKA UBUSA NKA BA MAMA NI BACECEKE BAMEZE NKA BA KABURUNGU MURI KABIZI..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.