IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abasirikare batanguye kwitegurira gucungera umutekano mu matora

Abasirikare batanguye kwitegurira gucungera umutekano mu matora

mardi 11 Munyonyo 2014

Igisirikare c’Uburundi catanguye kurungika abasirikare mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ari mu ntumbero yo kwitegurira gucungera amatora yimirije mu 2015.

Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi asigura ko igikorwa co gukura abasirikare mu makambi, bakarungikwa mu mihingo itandukanye y’igihugu, ari umugambi wo gucungera amatora, umugambi utangura kuva abazotora batanguye kwiyandikisha, gushika amatora aheze. Gaspard Baratuza amenyesha ko mu matora, igisirikare kiba gifise igikorwa co gucungera abanyagihugu batora, hamwe n’ayo matora nyene.

JPEG - 16.9 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Ico gikorwa c’ukurungika abasirikare mu mihingo itandukanye y’igihugu kibaye mu gihe haheze iminsi havugwa imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho, bayerera ijoro bambaye ibikoti birebire. Abanyagihugu bakaba baheruka gusaba ko umutekano wokwongerezwa, ugacungerwa n’abasirikare mu turere dukoreramwo abaporisi. Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ukwo kurungika abo basirikare ataho bisa bisaniye n’umutekano bimaze iminsi bivugwa ko ari muke. Umuvugizi w’igisirikare avuga ko ari umugambi wari usanzwe uhari, kandi wamaho, ujejwe gucungera umutekano mu kiringo c’amatora.


Egide Nduwimana

Messages

  • Well done Gaspard ahubwo ushire abandi benshi Cibitoke,kayanza,Ngozi,kirundo na Muyinga.kuko ikibiri gisa nkaho gifatanya numwansikdi umwansi ni wawundi yica ndadaye waho haruguru

  • Uwoyiyita murundi turetse amacakubiri yiwe urwaye mumutwe.erega urwo rwaruka rwa cndd barakenyeye babibigugu bahendwa,baracibaza kwabarundi bahohambere aribo bubu,je ndumuhutu muga ndamazs gutahura ko hatica ubwoko hica umuntu.aho abo bariko barica benewabotwobita kubwoko canke turaba umuntu?abantu nkawe nibo baba bakwiye gupfa kuko ntabitezimbere abanyagihugu afita mumutwe,ubwoko gusa..ivyotwarabirenganye..muga ntaco hagiye kuba ikosorwa rwabantu nkawe aho bukera

  • Murakoze basirikare bigihugucacu kwitegurira kuzobahafi yabenegihugu bazobabarimumatora, ariko kubera igihugu kitarimuntambara mwebwe muzobe murihiryagatoya yagabera amatora hanyuma abapolisi begerecane abenegihugu hanyumanibabona bikenewe bazobikorako mugihe hobahakenewe Ko hakoreshwa iburyobwanyu disanzwetuzi bwoguseruka rukamvye arikotirabashimiyevyimazeyo kukunu murikomuripanga ikindi komubivuzentibikenewe komurindakuvugango tuzobaturingaha ngohamwenaha nahandi kumaradio gusamwebwe abasonda na polisi nabajejwe intaro mukwiye kubibwirana twebwerero ukwokibitumenyesha koharihimipango idasanzwe murimwo biratosheje.

  • ABAGABO BAMYEHO NUKO BASIRIKARE MUKORE AKAZI KANYU AMATORA AGENDE NEZA UMUNYAGIHUGU ATORE ATAGITSURE MURAKOZE NTEKO ZU BURUNDI•

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.