IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibiro vy’umuhuza Mohammed RUKARA vyaraye vyibwe

Ibiro vy’umuhuza Mohammed RUKARA vyaraye vyibwe

mardi 18 Munyonyo 2014

Abasuma bataramenyeka baraye bivye mw’ijiri ryo kuri uwu wa mbere ibiro bikoreramwo umuhuza Muhammed Rukara hamwe n’ibiro bikoreramwo abajejwe kwakira abitura umuhuza.

Mw’ijoro ry’uwa mbere igenekerezo rya 17 Munyonyo, abakora mu biro vyakira abitura umuhuza n’abamugendanira (Protocole na Intendance) buguruye umuryango w’imbere basanga ibiro vyabo vyuguruye inyuma ibintu bisanzaye. Muri uwo mwanya babonyeko inyabwonko (Ordinateur) imwe n’ibindi biyishigikira (Unite Centrale) vyibwe. Muri ivyo biro nyene, hoba hibwe n’impapuro zitaramenyekana kuko bumwe mu bubati bwari bwaruguruwe n’abo basuma babanje kumena. Haba ahacira uwujejwe "Intendance", eka no kuwujejwe "Protocole" mu biro vy’umuhuza. ikindi cibwe muri ivyo biro ni "Flashs Disk"zitatu bakoresha.

No mu cumba gikoreramwo umuhuza Mohamed RUKARA haribwe. Mu biro vy’umuhuza vyabonetse ko hibwe inyabwonko yahora akoresha, ikoti yiwe (Costume), n’impapuro zitaramenyekana. Icaboneka n’uko ibintu vyari bisanzaye. Amahera ashika ku 250 000 yari mu biro vy’umuhuza ntiyibwe ariko bishoboka ko abo basuma boba batayabonye.

Ivyo biri uko mu gihe inzu ikoreramwo umuhuza Mohammed RUKARA isanzwe irariwe n’abaprisi 4, abo nabo nyene vyaboneka ko batangaye mu bandi. Abaporisi baje kuraba ivyabaye, maze batangure amatohoza. Bagiye bajanye na bamwe mu baporisi bararira aho ku muhuza, ku mvo z’amatohoza.

Mwomenya ko bubaye ubwa kabiri inzu ikoreramwo umuhuza yibwa kandi hakibwa cane cane inyabwonko, bivugwa ko ubwa mbere hibwe ari mu mwaka w’2013. Ntitwashoboye kuronka uwo twobaza kuko umuvugizi w’umuhuza atabaye hafi, muri ivyo biro bakemera ko bagira ico bavuze mu nyuma.

JPEG - 52.5 ko
Aho abasuma boba baciye

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.