Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Abayoboke ba Zebiya Ngendakumana babujijwe kujabuka urubibe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abayoboke ba Zebiya Ngendakumana babujijwe kujabuka urubibe (...)

Cibitoke : Abayoboke ba Zebiya Ngendakumana babujijwe kujabuka urubibe rw’Uburundi

lundi 24 Munyonyo 2014

Abayoboke ba Zebiya Ngendakumana bafashwe bagire bajabuke urubibe rwo ku Ruhwa rugabura Uburundi n’Urwanda bari mu minwe y’inyamiramabi.

Abo bayoboke b’uwo mwigeme avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya kugeza ubu ariko araronderwa kuko hari umutahe wo kumufata wamaze gusohoka, bakavuga ko bariko baja gusenga, ndetse bagasaba ko borekurwa kuko batumva imvo zatumye babuzwa kujabuka urubibe, mu gihe ahabo bumva ko atawobuzwa kuja gusenga. Abo bafashwe bakaba bari icenda, mu gihe hari uwundi murwi w’abandi nk’abo bari bamaze kujabuka.

Mu ntwaro kuva hasi kugeza hejuru mu Burundi, abayoboke ba Zebiya Ngendakumana bakaba barabujijwe gusubira kuja inyuma y’uwo mwigeme, ariko bikaba vyarananiranye. Bamwe mu bayoboke a Zebiya Ngendakumana baracari mu mabohero, mu gihe hari n’abamaze kuhasiga ubuzima mu mishamirano yagiye irabahuza n’igiporisi c’Uburundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kugirumuntu asenge Imana bisabakurinda kwambuka imipaka!? Ariko umuntu arashobora kujamukindigihugu kugira yifatikanye nincutiziwe bahuhe ivyobemera noneboba baribafise impapuro zimwetwita murek’arengane? Niyababataribazifise inyuma yoguhanirwa kwirirwa birukinyuma yamabwirizwa ya Zebiya, barongera bahanirwe kujakivogera ikindigihugu badafise ivyangombwa bibaha uburenganzira bwokukinjiramwo. Hanyumanamazekumenyako wamuvugabutumwa wumunyarwanda yafatirwa Burundi akaringikwa murwanda ngoyara vuganacane na Zebiya ngoyongera amuremesha kubwibibazo arimwo, murimake yamubwirango’ byanditswengo ab’Isi bazananga.Uburero ndababwire barundi barundikazi rwaruka kugira twirinde impanuka kukotudashobora guheba kujamugihugunkurwanda dusanzwe duhuriye kurivyishi, birasabwako tujayo muburyo abategetsi bigihugucacu bato nabohejuru babimenya koturi murwanda mutigute? Mbemuraziko bashobora kubafata bakabica bakabazingazingira mumaguniya bakabatwara mwijoro bakabatamu Rweru noneho bakaca bacazanyangwamatohoza nakorwe vubanabwangu noneho bapima bagasanga nabarundi ubwonyene bakacabivugishango nababandibagatembenwe nakagera ngobarabarundi!? Arikogisa ntimugirubwoba ubuharihivyuma bapimisha kubisigazwa vyuwishwe akacamenyekana igihugu avamwo, kandimugiheyishe biraheza bikerekana nabantubanyuma baherukana abaribo urumvareroko baryababamushikanye kuruwomwanya wogupfa nibobaheza bakabonekana.

  • Zebiya nibamureke yisengere. None abamuyoboka ugira baraciye muri ryashure riri Kiliba Ondes kdi ntanibikoti birebire bambara.Igitera umutekano muke ni milice IMBONERAKURE Jewe sintahura igituma bamwirukako.Ahubwo nibarondere baba police basesa amaraso i businde babacire imanza. Mwibuke ko na Edouard aho guhoza ababuze yaciye abakora kwitama(Babamaratiri mwahora murondera murabaronse) .Abo ba dd barabira ivyuya biruka inyuma ya zebiya aho gukora ibikenewe.

  • Uw mushikacu bariko bakurikirana mbe ba Rukoti bama bica!! None uwo we haraho arafatwa yivye canke yishe!! Nibamureke yisengere!! Hanyuma abamukurikira nabo bagende kiramuntu azocirwa urubanza rukwiye nivyo yakoze!!

  • Mu gihugu cirigwa kirabesha amakungu ngo hari Demokarasi iri hehe none, ko bahonyora uburenganzira bw’ikiremwa muntu gutya, zebiya arafise uburenganzira bwo gusenga, gusengera aho ashaka no kwishira ukizana, arazira iki?

  • None kobavugako mu Burundi hari démocratie
    ntiboreka uwo mwigeme bakazoraba icoyonona!

  • mbega aba president basenga !!!! bakongera bafunga abasengaaa !!! aho ntimubona ko vyabikorane vyakira mwaka ko arirya bafarisayo?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.