Accueil > Amakuru > umutekano > Abigeme b’abarundikazi bahamagarirwa kwinjira mu nzego z’umutekano
Abigeme b’abarundikazi bahamagarirwa kwinjira mu nzego z’umutekano
mercredi 20 Munyonyo 2013
Umukenyezi w’umurundikazi arafise uruhara ntangere mu gucungera umutekano, kuko igikorwa co gucungera umutekano cega umurundi uwari we wese. Ivyo n’ibivugwa na Christine Nsabiyumva, arongoye igisata kijejwe gukingira abana n’imico (commandant police des mineurs et la protection des moeurs) mu nama yo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye uruhara rw’umukenyezi mu mpinduka mu vyerekeye gucungera umutekano mu Burundi.

Umukenyezi nawe mu kintu cose kironderera ineza igihugu ategerezwa kubamwo. Abenegihugu rero ntibagizwe n’abagabo gusa bagizwe n’abagore, mu gihe mu gipolisi bavuga ko cegereye abanyagihugu kandi gikorana nabo. Vyaragaragaye ko abakenyezi nabo bogira ico batereye, ivyo bigatuma abo abo bakenyezi iyo babonye abakenyezi nkabo bari muri nzego bica bituma baciyumvamwo cane, ndetse bakanacizera gusumba, nk’uko bibandanya bivugwa na OPC2 Christine Nsabiyumva.
Umupfasoni Christine Nsabiyumva avuga ko aho igihugu kigeze bikenewe ko abakenyezi nabo baja mu nzego z’umutekano bakumva ko bakingiwe bikwiye. Ku vyerekeye impungenge nazo ko abakenyezi batoronka inguvu zikwiye nko mu myimenyerezo canke mu gukingira abanyagihugu, umupfasoni Christine Nsabiyumva arabahumuriza. Avuga ati kubona abakenyezi bama bafatwa nk’abantu batagira inguvu, ahanini bifatiye ku mico y’Uburundi no kuvyo abantu bizera, ariko agahumuriza agira ati, vyaragaraye mu vyigwa twagiye tugira ko umukenyezi ashoboye, kandi atarinze gucika umugabo.
Arangiza ahimiriza abakenyezi n’abigeme bavyiyumvamwo binjire muri izo nzego bafatanye n’abasaza babo mu gucungera umutekano w’igihugu n’abanyagihugu.

Floxella Karire
Messages
22 Munyonyo 2013, 17:46, par burundibwejo
hababigeme kombona bameze nabi kumutewkano