Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Abigeme bafatiwe mu butambiro bambaye zigufi baraye muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Abigeme bafatiwe mu butambiro bambaye zigufi baraye muri (...)

Bujumbura : Abigeme bafatiwe mu butambiro bambaye zigufi baraye muri BSR

samedi 28 Ruheshi 2014

Mu giporisi kijejwe amatohoza BSR hapfungiwe abantu baraye bafatiwe mu butambiro butandukanye bwo mu gisagara ca Bujumbura, aho abenshi wasanga ari abigeme.

Mu bucagucagu bwo kuri uyu wa gatandatu igenekerero rya 28 Ruheshi, abafatiwe muri ubwo butambiro butandukanye na cane cane ubusanzwe buri kw’ibarabara ryitiriwe UPRONA bakaba baciyebajanwa gupfungwa. Abantu batari bake ndetse baharugwa hafi y’ijana bakaba bafashwe, baca burizwa imiduga y’igiporisi, bajanwa gupfungirwa mu giporisi kijejwe amatohoza.

Mwomenya ko muri abo bafashwe harimwo n’abagabo. Abigeme nabo bafashwe, benshi bakaba ari abari bambaye uduhuzu tugufi. Muri iyi minsi hakaba havugwa bumwe mu butambiro canke zimwe mu nyubakwa z’ubunywero usanga abana b’abigeme bakiri bato bajanywe n’abagabo bakuze mu ngeso mbi z’ubuhumbu.


Aristide Nizigire

Messages

  • KOMERA POLICE!IKIGABO MUZOFATA CATWAYE AKANA MUZE MUKIMPE NDAGIHANE!

  • Bravo kuri police,nay ivyo bigabo vyigisha abana bakiri bato mubifashe nukuvyamamaza kuri News kugirang bimenyekane kumbure ngira vyugiraisoni bigaheba

  • Iryo jambo ryawe naryo nyene!!! Wewe uvuga ko ataco utemanga, ukagomba guhana, uri nde, wiyumva gute? umusi bofata wewe naho?
    Igipolisi naco kiratwijeje ko umurundi n’umurundikazi bakiriho; Komera kwibanga. Ariko ntube ari wamurindi wa rusake.

  • Twebwe abavyeyi twashimye cane ako kazo k’igipolisi ahubwo bari baratebeje kubikora. Muragahora uko!!

  • Polisi ndayimiye kuko kubareka wocumengo niwomugenzo wabarundi ariko ivyovyokwambaragurtyo sivyaba kobwa babarundi biriko biratwononera nabandibuzukuru bariko baravuka barakura bakacabibazango kwmbabara gurtyo ngonivyovyiza, arikomuvyukuri ahamuburundi umukobwa yambaragurtyo kuzoronka umusore amucagura ngobubake urwabo nitombora namwenwunve icogihombo kugihugu numuvye yamumaranye amezi 9 munda akamurera amwoza amuhanagura iyoyiyononyeko kugeza akure akwize imyaka 18 ukacubona abayegurtyo. Nabobagabo bavugango utwodukobwa ngonutubonga bababashaka kugotomera polisi nabonyene ntibasigaze kugira nimiburiburi bikorwe mukinyegero ariko ntitugume tubona mengo niterambere mugihugu.

  • Reke guhenda abantu muri nord ko mutagiyeyo muhirengagiza muhazi

  • ahubwo igipolisi ni kigire intege kigerageze gushira ibintu ku murongo kuko indero y’abo bashiki bacu yananiranye.biraboneka ko abavyeyi benshi bataye ibanga ryabo.

  • Murabanza mwihanure imbere yugufata abari kwiryohererwa nimba muryoherwa nugufunga abantu atakibi bakoze abakoze amarorerwabirirwa bari degenvya . Mushaka kwerekana iki? Mumajambomake . Ko mugomba gusubiza akaranga uburundi? Canke mufise iyindi ntumbero ? Jewe mbona ico gipolice nicisubize umutamanakireke kurondera ingorane ahozitari nukuri koresha ubwonko mureke gukoresha imitwe kuko mufise na minini mwohava mukora ibirengeye abantu .

  • Komerezaho, haraho bokwikebuka. Naho batihanye Imana izobarandura.

  • Fuck to burundi police! I spent 13hrs in their custody! I am not a girl, i was not with a girl, i am not burundian!!! Why was i arrested? With a gun on my head? Drunk police man? On the buyenzi, they were arguing between them saying that there is no hutu among people hold in jail!!!! And u call this a police!!! We thank different embassies which tried to intervene to save us from devil hand......

  • None ko polici yafashe n’aba gabo cnk abahungu bakuze, nuko yasanze batwayeyo abana?iyo polici igenda kurondera abana bari murayo ba mazu hanyuma igaheza ikabafata.mbere binashobotsa yatangisha amande kubavyeyi babo kk benshi babareka babibona!

  • natwe turabashigikiye

  • Hana izo shirasoni zitagira ico zubaha,batacubaha nurusengero rw’IMANA.ico nabamenyesha n’uko uyo muburi barimwo kwonona batazi icubamariye nicatumye baba uko baremwe.nibikebuke.

  • Ndabishima binatuma ducungera numutekano. Erega ibara mukugwa hari nabikika inyuma yubwo bunywero barondera nuko boduhungabaniriza umutekano.nukuba maso ntimwijajareko. Buri muntu atahe iwe iki gihe ntavyo kurara mubunywero vyarahindutse nukuja murabirana no kuba jirani.murakoze kdi nibihe vyiza.

  • nukuri nibabahane kuko vyarenze ihaniro ahubwo vyari vyatevye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.