IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > AC Genocide n’abateshejwe izabo biga muri zakaminuza baranegura ivyakorewe (...)

AC Genocide n’abateshejwe izabo biga muri zakaminuza baranegura ivyakorewe ku Ruhororo

vendredi 29 Munyonyo 2013

Abanyeshure bo mu makaminuza yigenga n’aya Reta bo mu Burundi co kimwe n’ishirahamwe AC Genocide Cirimoso, baranegura inguvu zakoreshejwe n’igiporisi mw’ikambi yabateshejwe izabo iri ku Ruhororo mu ntara ya Ngozi.

Bamenyesha ko impunzi ziri mu makambi y’abateshejwe izabo ari mu gihugu hagati, bagirwako iterabwoba canke bagasabwa gutaha ku nguvu, kandi iyo baje bava hari bamwe mu babiciye ababo batigeze bakomwakomwa, gusubira kubana n’ababiciye, bikaba ari nko gushinga urwara mu gikomere kitaruma. Isaac Nsabimana arongoye urwaruka rw’abateshejwe izabo biga muri za kaminuza, avuga ko igiporisi cakoreshe mw’ ikambi y’abateshejwe izabo i Mutaho inguvu, ndetse haranagera n’aho hari umwana yoba yaracumiswe imbugita n’umuporisi.

Nsabimana akabandanya asigura ko icatumye ababo baguma mu makambi y’abateshejwe izabo mu gihugu atanumwe akiyobewe, ari naco gituma hataragera ko basubizwa iyo baje bava ku nguvu. Atanga akarorero k’ivyama vyashikiye abandi bari mw’ikambi y’abateshejwe izabo y’i Mutaho mu ntara ya Gitega, aho Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD zija hafi y’iyo kambi y’abo bateshejwe izabo, bakabavyinira indirimbo ziterabwoba, bagateba bakaja no mu mirima yabo, kubatemera ibitoke, ivyeze n’ibiteze vyose bagashira hasi.

AC Genocide Cirimoso n’ishirahamwe ry’abanyeshure biga muri zakaminuza bava mu makambi y’abateshejwe izabo, basaba ko iterabwoba rigirirwa ababo ryohagarara, co kimwe no kubatahisha mu mitumba ku nguvuvyohagarara vuba bwango, maze igiporisi naco gicungere umutekano w’abantu bose, ntihabe nyagupfa na nyagukira.


Aristide Nizigire

Messages

  • None kubwanyu hokorwa iki ngo ntibagagume bitwa impuzi ko gutaha bidashoboka ?Tanga umuti?

  • Mbega none abahunze muri mirongwindwi nakabiri batashe aruko ababiciye ababo bahonye?ahubwabo nubwengebwo kugira amatongo abiri kuko birigwa kurima iyobaje bava bagataha muri site vyiza botaha nkukabandi bataha ababiciye base ataruko bahonye

  • Mbega none abahunze muri mirongwindwi nakabiri batashe aruko ababiciye ababo bahonye?ahubwabo nubwengebwo kugira amatongo abiri kuko birigwa kurima iyobaje bava bagataha muri site vyiza botaha nkukabandi bataha ababiciye base ataruko bahonye

  • Abantungaha muburundi baticiwe nimparurwa mbese ninkabose kandabatwiciye tugiyemuvyamoko nkuko abobanyeshure ba Cirimoso bavyibaza, usanga aribamwe bomubwoko bwa batsi abasivile babatutsi bafatikanije nabasoda bohamberaho uhereye 72 gushika mumyaka ya 2000 irengahogato bakubise barica umuhutu bahereye kuwize nuwutunze kugeza nokurinyarucari, ivyorero ababigize sabobarimunkambi ya Ruhororo mukabamuziko muburundi ibintu vyokwihorahora twabisezereye! ntacobuza mutisubiriramuvyanyu kuko umurundiwese yakoze icaha azohanywa kugatwekiwe ntabwazohanywa azira umwe canke babiri bomubwoko bwiwe bakoze ikibi, Nomubahutu hariho abishe abatutsi nubwovyabaye mukanyisase maze bakababasha amasasu barabica arikorero ntibisigurako unomusi hakiriho umuhutu yokwaduka ngo asimbire kumuntu wumungoamwice amuhorako arumututsi! ndibaza konu mututsi atosimbira kumuhutu ngwamwice ngonuko arumuhutu! Nimutahe muvyanyu ivyabahutu bahorabiyumvira murikahise nivyabatutsi bahorabiyumvira murikase ubuntawobigira ngobikunde bisigayevyugariye mubashinzwe umutekano. Tugiramahoro asasagaye.

  • Jewe ndazi ko iryo shirahamwe AC rigizwe nincabwenge za kera kandi n’abo bana bari muri kaminuza baraciye ubwenge nibo kazoza k’ejo k’uburundi.Abo bavyeyi bacu bari muri site bakeneye inyishu yobakurako iryo zina ritaryoshe"impunzi"n’ayandi magogwa.Toza umuti leta woha iteka abacu nayo kunegura gusa ibintu udatanze umuti ntibikwiye kandi harya mu ruhororo uhataha hitwa muri site turi muri 2013 uri incabwenge ntawobigushimira!Tera imbere mu vyiyumviro.

  • Icokorwa:
    Leta ihe ayandi matongo abo bitwako bayanyazwe hanyuma izo mpunzi zibe mu kigwati aho nyene babahe amatara n’amazi,ahasigaye bashiremwo abahutu babane aho nyene1Erega batabikoze uko nta wundi muti!

  • Mbega abo batutsi bo ku Ruhororo ntiboza bumva ko bitazokwigera bikunda ko abahutu bahera aho bavuga ko batotaha ababiciye ababo bagihari? Mbe bobo biyobagiza isinzi ry’abahutu bagandaguwe n’abo bari mu masite bafadikanije n’igisoda ca leta citwa FAB kirya gihe? Impanuro nobaha nuko botaha bagateza imbere igihugu cabibarutse nayo ivy’ukuguma mu buhutu canke ubututsi ntaho bizobashikana, ahubwo bariko basamara bazokwisange abandi babasize mw"iterambere. Nayo uwo munyeshure wo muri kaminuza arantangaje aho kubahanura gusubiza hamwe n’abandi barundi aguma abateramwo umutima w’amacakubiri,ivyo yumva bitataye igihe? Mu zindi ntara abahutu n’abatutsi ntibabanye ata wandya wangura? Jewe ukwo gushaka kuba ukwa bonyene ndabigereranya naya apartheid yo muri Afrique du Sud, barabe btahe kubana n’abandi kuko kuguma harya imyaka yose ntibizoshoboka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.